ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w08 1/10 rup. 28-31
  • Ingene ukwizera kwanje kwamfashije guhangana n’ivyago

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ingene ukwizera kwanje kwamfashije guhangana n’ivyago
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ubuzima buhimbaye burimwo ingorane nkeyi
  • Turera umwana wacu kugira ngo aze akunde Yehova
  • Saúl anyinyana n’indwara yitwa Leucémie
  • Ukwizera kwa Saúl gukora ku mutima abandi
  • Wofasha gute umwana yabuze?
    Be maso!—2012
  • “Igihe cose musenga, muvuge muti: ‘Data’”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Gukorera abandi biragabanya imibabaro
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Naho nari impumyi amaso yanje yarahumutse!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
w08 1/10 rup. 28-31

Ingene ukwizera kwanje kwamfashije guhangana n’ivyago

Nk’uko vyavuzwe na Soledad Castillo

Akatari gake mu buzima bwanje, nari gushobora kurengerwa n’irungu, ariko si ko vyagenze. Igihe nari mfise imyaka 34, umunega wanje nikundira yarapfuye. Haciye imyaka itandatu, dawe na we arapfa. Haheze amezi umunani dawe apfuye, naramenye yuko umuhungu wanje w’ikinege yari arwaye indwara idakira.

NITWA Soledad, iryo zina rikaba risobanura ngo “irungu.” Naho vyosa n’ibitangaje, sinigeze numva ko nishwe n’irungu. Igihe naba ndi mu vyago, narizigira yuko Yehova Imana ari kumwe nanje, ‘amfashe ukuboko yongera amfasha kugira ngo sintinye.’ (Yesaya 41:13) Nimunkundire ndababwire ukuntu nihanganiye ivyago vyanshikiye be n’ukuntu vyatumye ndushiriza kwiyegereza Yehova.

Ubuzima buhimbaye burimwo ingorane nkeyi

Navukiye i Barcelone, muri Esupanye, ku wa 3 Rusama 1961, nkaba nari umwana w’ikinege w’abavyeyi banje José na Soledad. Igihe nari mfise imyaka icenda, mawe yaramenye ukuri kwo mw’Ijambo ry’Imana. Yari yararondeye inyishu z’ibibazo yari afise bijanye n’ivy’Imana ariko ntiyari bwaronke izimara akanyota mw’idini yarimwo. Umusi umwe, hari Ivyabona vya Yehova babiri bamugendeye i muhira maze baramwishura ibibazo vyose yari afise bisunze Ivyanditswe. Yaremeye abishashaye kugirirwa inyigisho ya Bibiliya.

Mu kiringo gitoyi, mawe yaracitse Icabona ca Yehova yabatijwe, kandi haheze imyaka mikeyi dawe yarakurikiye akarorero kiwe. Uwitwa Eliana, uno akaba ari we yigishije mawe Bibiliya, ntiyatevye kubona ukuntu nashimishwa cane n’Ijambo ry’Imana. Naho nari nkiri akigeme gatoyi, Eliana yarasavye yuko nogirirwa inyigisho yanje bwite. Bivuye ku mfashanyo yiwe be no ku ndemesho mawe yampa, narabatijwe mfise imyaka 13.

Mu myaka yanje y’ubuyabaga, naritura Yehova akatari gake mw’isengesho, na canecane igihe haba hari ingingo ntegerezwa gufata. Mvugishije ukuri, novuga ko nari mfise ingorane nkeya mu buyabaga. Mw’ishengero, nari mfise abagenzi benshi kandi nari mfitaniye ubucuti bwa hafi n’abavyeyi banje. Mu 1982, narubakanye na Felipe, uno akaba yari Icabona yari afise imigambi yo mu vy’impwemu nk’iyanje.

Turera umwana wacu kugira ngo aze akunde Yehova

Inyuma y’imyaka itanu, naribarutse akana k’agahungu keza cane, tukaba twakise Saúl. Felipe na jewe twarahimbawe cane no kuronka umwana. Twari twizigiye ko Saúl yokuze akaba umwana afise amagara meza kandi afise uburimbane, akunda Imana. Twe na Felipe twaramara umwanya munini turi kumwe na Saúl, tukamubwira ivyerekeye Yehova, tugasangirira hamwe, tukamutwara ahantu ho kwisamariza, tukongera tugakina na we udukino. Saúl yarakunda kujana na Felipe kubwira abandi ukuri kwo muri Bibiliya, kandi Felipe yaramufashije kugira uruhara mu busuku akiri muto, akaza aramwigisha kuvuza twa dukengeri two ku miryango be no guha abantu udupapuro tw’inkuru z’Ubwami.

Saúl yarakiriye neza urukundo twamukunda be n’ukumenyerezwa twamuhaye. Afise imyaka itandatu, yaramamaza adahorereza ari kumwe natwe. Yarakunda kwumviriza inkuru zo muri Bibiliya, kandi yaguma arindiranye umushasharo inyigisho ya Bibiliya y’umuryango. Haciye igihe gito atanguye ishure, ntiyatevye kuza arafata ingingo ntonto yisunze ubumenyi bwo muri Bibiliya yari afise.

Ariko rero, igihe Saúl yashikana imyaka indwi, ubuzima bwo mu muryango wacu bwarahindutse bimwe bikomeye. Felipe yarafashwe n’indwara yo mu mahaha iterwa n’imigera. Yamaze amezi 11 anyinyana n’iyo ndwara, adashobora gukora kandi akenshi akama ari ku musego. Umunega wanje yapfuye afise imyaka 36.

N’ubu ndacarira igihe nibutse uwo mwaka utari woroshe. Naritegereje ingene umunega wanje yagiye aratsindwa buhorobuhoro n’uwo mugera, kandi nta co nashobora gukora. Muri ivyo vyose, naragerageje kuguma ndemesha Felipe, naho nyene muri jewe, ivyizigiro be n’imigambi nari mfise vyariko bigenda bihera. Naramusomera ibiganiro bishingiye ku Vyanditswe, kandi vyaradukomeza igihe tutaba dushoboye kwitaba amakoraniro ya gikirisu. Igihe yapfa, numvise mbuze ikintu kinini muri jewe.

Yamara, Yehova yaranshigikiye. Nama ndamusaba ngo andonse impwemu yiwe. Naramukengurukiye ku bw’imyaka ihimbaye namaze ndi kumwe na Felipe be no ku bw’icizigiro co kuzosubira kumubona mw’izuka. Narasavye Imana ngo imfashe guhimbarirwa ibintu nibuka jewe n’umunega wanje twasangiye be no kugira ngo indonse ubukerebutsi bwo kurera umwana wacu ngo azobe umukirisu w’ukuri. Naho nari nishwe n’intuntu, numvise mpumurijwe.

Abavyeyi banje cokimwe n’abagize ishengero, baranshigikiye bimwe biboneka. Naho ari ukwo, ni jewe nategerezwa kwigisha Bibiliya Saúl no kumufasha kumenya ukuntu yosukurira Yehova. Uwahoze ari umukoresha wanje yaranyemereye akazi keza ko mu biro, ariko nahisemwo gukora akazi k’ivy’isuku kugira ngo nshobore kumarana na Saúl umwanya munini kuruta be no kuba ari ho ndi igihe avuye kw’ishure.

Icanditswe kimwe canyeretse ko bihambaye yuko menyereza Saúl mu buryo bw’impwemu ni iki kigira giti: “Toza umwana indero akwiye kwamana, azorinda asāza atarayivamwo.” (Imigani 22:6) Ico canditswe carampaye icizigiro c’uko ninakora uko nshoboye kwose kugira ngo menyeshe Saúl ivyo Imana isaba, Yehova yohezagiye utwigoro twanje. Ni ivy’ukuri yuko nategerezwa kugira ibintu bimwebimwe mpevye mu vy’ubutunzi, ariko nari nkeneye kumarana umwanya n’umuhungu wanje, kandi kuri jewe ivyo ni vyo vyari bihambaye kuruta inyungu iyo ari yo yose y’ivy’umubiri.

Igihe Saúl yari afise imyaka 14, dawe yarapfuye. Saúl ni we canecane yababaye birenze urugero, kubera yuko urupfu rwa sekuru rwamwibukije intuntu yose yagize igihe yabura se wiwe. Dawe na we nyene yari yaratanze akarorero keza ko gukunda Yehova. Amaze gupfa, Saúl yaciye abona ko ari nka we mugabo wenyene asigaye mu muryango, kandi ko ari we yari agiye kwitwararika nyina wiwe na inakuru.

Saúl anyinyana n’indwara yitwa Leucémie

Haheze amezi umunani dawe apfuye, umuganga yavura umuryango wacu yarambwiye ngo njane Saúl ku bitaro vy’aho twaba, kubera yuko yari asigaye agira uburuhe budasanzwe. Amaze kugirirwa ibipimo yikurikiranya, abaganga bambwiye yuko yari arwaye indwara yitwa leucémie.a

Mu myaka ibiri n’igice yakurikiye, Saúl yaguma aja mu bitaro yongera avayo magingo yariko aranyinyana n’iyo kanseri be n’imiti abaganga bakoresha mu twigoro bagira two kuyirwanya. Amezi atandatu ya mbere bamaze bamuvura, yatumye iyo ndwara imuha agahengwe mu kiringo c’amezi nka 18. Ariko iyo kanseri yaragarutse kandi Saúl yaramaze ikindi gihe gitoya afata imiti, ikaba akatari gake yatuma agoyagoya. Iyo kanseri yaramuhaye agahengwe mu gihe gito gusa, ariko Saúl ntiyashoboye kwihanganira ikiringo kigira gatatu co gufata imiti. Saúl yari yareguriye ubuzima bwiwe Imana kandi yari yaraseruye icipfuzo ciwe c’uko yobatizwa akaba Icabona ca Yehova, ariko yapfuye amaze igihe gito ashikanye imyaka 17.

Akenshi abaganga baradusaba ngo aterwe amaraso kugira ngo bagabanye ubukomezi bw’imiti bamuha. Mu bisanzwe, uguterwa amaraso ntivyari kuvura iyo ndwara. Igihe abaganga bamutora iyo ndwara, yaba Saúl canke jewe, twarerekanye ata guca ku ruhande yuko tutokwemeye ubwo buryo bwo kuvurwa, kubera yuko twipfuza kugamburuka itegeko Yehova atanga ryo “kwirinda . . . amaraso.” (Ibikorwa 15:19, 20) Akatari gake, Saúl yategerejwe kujijura abaganga atari ho ndi yuko ari we yari yifatiye iyo ngingo ku bijanye n’ico kibazo. (Raba uruzitiro ruri ku rupapuro rwa 31.)

Abaganga bahavuye bashika ku ciyumviro c’uko Saúl yari uwukiri muto ahumuye atahura neza cane ukuntu indwara yiwe imeze. Baremeye kwubahiriza impagararo yacu maze baturonsa imiti itarimwo amaraso, naho bama baduhata ngo duhindure ingingo twafashe. Numvise Saúl ndamwishimiye cane igihe namwumva ariko arasigurira abaganga impagararo yiwe. Biraboneka yuko yari yaratsimbataje ubucuti bwa hafi na Yehova.

Mu ci, igihe twamenya ari bwo bwa mbere indwara ya Saúl, igitabu gifise umutwe uvuga ngo Niwiyegereze Yehova carasohowe kw’ihwaniro ry’intara twagiriye i Barcelone. Ico gitabu c’agaciro ntangere catubereye nk’inkingi yatumye tuguma dushikamye igihe twari duhanganye no kumenya ibijanye na kazoza kacu kari gateye amakenga n’ubwoba. Igihe cose twamaze mu bitaro, twaragisomera hamwe. Mu bihe vyinshi bitoroshe twihanganiye inyuma y’aho, akenshi twaribuka ibiri muri ico gitabu. Ico gihe ni ho icanditswe co muri Yesaya 41:13 kivugwa mu ntangamarara y’ico gitabu, catangura kugira insobanuro idasanzwe kuri twebwe. Ico canditswe kigira giti: “Jewe Uhoraho Imana yawe nzogufata ukuboko kw’i buryo, nkubgire, nti Ntutinye, ndagutabara.”

Ukwizera kwa Saúl gukora ku mutima abandi

Ukuba Saúl yari umwana aciye ubwenge kandi akaba atigera ata icizigiro vyaratangaje cane abaganga hamwe n’abaforoma bo ku bitaro vy’i Vall d’Hebrón. Yaratumye umugwi wose w’abamuvura bamukunda. Umukuru w’abaganga baraba ivy’indwara zo mu maraso yitwararika abarwaye kanseri yari amaze kuvura abandi bana b’Ivyabona bari barwaye leucémie, kandi yabafatana icubahiro n’iteka. Uwo muganga aribuka ingingo iranga ugushikama Saúl yari yarafashe yo kwumira ku vyo yemera, umutima rugabo yari afise ahanganye n’urupfu be n’ukuntu yagumana umunezero mu buzima. Umugwi w’abaforoma wabwiye Saúl yuko ari we yari umurwayi mwiza kuruta abandi bose bari bamaze kurwarira muri ico gisata c’abarwaye kanseri. Bavuze yuko atigera yidodomba kandi ko atigera na rimwe atakaza agatima kiwe k’urweze, mbere n’igihe yagira apfe.

Umuhinga umwe mu vy’inyifato z’abantu yambwiye yuko abana benshi bari mu rugero rwa Saúl barwaye indwara mwene iyo amaherezo izobahitana, bakunda kugarariza abaganga be n’abavyeyi babo kubera yuko baba batuntuye kandi bashavuye. Yarabonye yuko atari ko vyari bimeze kuri Saúl. Vyaramutangaje kubona Saúl yagumye atekanye cane kandi abona ibintu mu buryo bwiza. Ivyo vyaraturonkeje jewe na Saúl akaryo ko kumubwira ibijanye n’ukwizera kwacu.

Ndibuka kandi ukuntu Saúl yafashije atanabizi Icabona umwe wo mw’ishengero ryacu. Yari amaze nk’imyaka itandatu arwaye akabonge, kandi imiti nta kintu kinini yari yaramufashije. Yaramaze amajoro atari make arwaje Saúl mu bitaro. Yambwiye yuko ukuntu Saúl yavyifatamwo mu ndwara yiwe vyamukoze cane ku mutima. Yarabonye yuko naho Saúl yumva arushe cane yagerageza kuremesha umuntu wese yaba aje kumugendera. Ico Cabona avuga ati: “Akarorero ka Saúl karampaye umutima rugabo wo kunyinyana n’akabonge nari mfise.”

Ubu haraciye imyaka itatu Saúl apfuye. Ego ni ko, umubabaro wowo ndacawufise. Nta nguvu nyinshi mfise, ariko Imana yarampaye “ububasha burengeye ubusanzwe.” (2 Abakorinto 4:7) Naratahuye yuko mbere n’ibintu bigoye cane gusumba ibindi kandi biteye intuntu cane bidushikira, bishobora kugira ikintu ciza bivuyemwo. Kwihanganira urupfu rw’umunega wanje, urwa dawe be n’urw’umuhungu wanje, vyaramfashije kuba umuntu arushirije kutagira ubwikunzi kandi atahura bimwe birushirije abandi bariko baracumukura. Ikiruta vyose, vyaratumye ndushiriza kwiyegereza Yehova. Ndashobora guhanga amaso kazoza ata bwoba kubera yuko Umuvyeyi wanje wo mw’ijuru akibandanya kumfasha. N’ubu aracamfashe ukuboko.

[Akajambo k’epfo]

a Saúl yari arwaye leucémie lymphoblastique, ubwo bukaba ari ubwoko bukaze bwa kanseri yo mu maraso, bwica utugingo ngengabuzima twera.

[Ifoto ku rup. 31]

WOBA UMAZE KWIBAZA IGITUMA?

Ushobora kuba umaze kwumva yuko Ivyabona vya Yehova batemera guterwa amaraso. Woba urigera wibaza igituma?

Iyo mpagararo ishingiye ku Vyanditswe akenshi abantu bayitahura ukutari kwo. Rimwe na rimwe abantu bavuga yuko Ivyabona vya Yehova banka uburyo ubwo ari bwo bwose bwo kuvurwa canke yuko gusa badaha agaciro ubuzima. Ukwo si ko biri na gato. Ivyabona vya Yehova, bo hamwe n’abagize imiryango yabo, barondera kwivuza mu buryo bwiza kuruta ubundi bushobora kuboneka. Ariko rero, barondera kwivuza hadakoreshejwe amaraso. Kubera iki?

Impagararo yabo ishingiye kw’itegeko ry’ishimikiro Imana yahaye abantu. Rya Segenya ryo mu gihe ca Nowa riheze, Imana yarahaye Nowa be n’umuryango wiwe uburenganzira bwo kurya inyama z’ibikoko. Imana yababujije iki kintu kimwe: Ntibari bakwiye kurya amaraso. (Itanguriro 9:3, 4) Abantu bo mu bwoko bwose bakomotse kuri Nowa, akaba ari co gituma iryo tegeko ribaraba bose. Ntiryigeze rihindurwa. Inyuma y’ibinjana birenga umunani, Imana yarasubiye kuvuga ivy’iryo tegeko ibibwira ihanga rya Isirayeli, irabasigurira yuko amaraso ari meranda akaba agereranya ubugingo ari bwo buzima. (Abalewi 17:14) Haheze imyaka irenga 1.500, intumwa zategetse abakirisu bose “kuguma [b]irinze . . . amaraso.”​—Ibikorwa 15:29.

Ku Vyabona vya Yehova, biratomoye yuko umuntu adashobora kwirinda amaraso mu gihe ayinjiza mu mubiri wiwe mu kuyaterwa. Ni co gituma bashimika ku vy’uko bovurwa hakoreshejwe iyindi miti mu gishingo c’amaraso. Iyo mpagararo ishingiye ku Vyanditswe akenshi ituma mbere bavurwa mu buryo bwiza kuruta. Nta gukeka rero ko ico ari co gituma abantu benshi batari Ivyabona vya Yehova na bo nyene basaba kuvurwa hadakoreshejwe amaraso.

[Ifoto ku rup. 29]

Ndi kumwe n’umunega wanje Felipe be n’umuhungu wacu Saúl

[Ifoto ku rup. 29]

Abavyeyi banje José na Soledad

[Ifoto ku rup. 30]

Uwu ni Saúl, hasigaye ukwezi kumwe ngo apfe

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika