Hariho ukubura gusa n’ukutokwihanganirwa
Nicolle kari akigeme gafise amagara meza. Mugabo umusi umwe ku mugoroba karatatse kavuga yuko kamenetse umutwe, abavyeyi bako baca bakajana kwa muganga. Umusi ukurikira ku mugoroba, igihe bari bakiriko barihweza ivya ka Nicolle, karafashwe n’umutima. Ibindi bipimo bagize vyerekanye yuko kari kafashwe n’indwara itamenyerewe iterwa n’umugera yari yarakwiragiye gushika mu mahaha, mu mafyigo no mu mutima. Mu masaha 48, ka Nicolle kari gapfuye. Kari gafise imyaka itatu gusa.
KUBURA uwawe ni kimwe mu bintu bituntuza kuruta ibindi vyose bishobora kugushikira. Rimwe na rimwe, ukwo kubura kwoshobora gusa n’ukutokwihanganirwa. Nyina w’ako kigeme ari we Isabelle avuga ati: “Ndatuntura cane iyo nibutse ka Nicolle, ukuntu kangwa mu nda, ukuntu kamwenyura be n’ubwitonzi bwako. Ndatuntura iyo nibutse ukuntu kampa ishurwe imisi yose. Nguma niyumvira Nicolle.”
Woba nawe nyene umaze kubura uwawe, yaba umwana wawe, uwo mwubakanye, uwo muvukana, umuvyeyi wawe canke umugenzi somambike? Nimba ari ukwo biri, ushobora gute kwihanganira intuntu ufise?