Ni ibiki bizohinduka?
“Nta hanga rizobangurira inkota irindi hanga.”
“Nta wuhaba azovuga ngo: ‘Ndarwaye.’ ”
“Urupfu ntiruzoba rukiriho.”
IBINTU bivuzwe aho haruguru vyoshobora gusa n’ibidashoboka. Mugabo turashobora kwemera tudakeka yuko atari indoto nsa. Kubera iki? Kubera yuko iyo atari imihango yo ku karimi gusa itangwa n’abanyapolitike badashobora guhindura iyi si. Ahubwo nyabuna, iyo mihango yavuzwe aho haruguru tuyisanga muri Bibiliya.a
Abantu benshi babona ko Bibiliya ari igitabu ca kera cataye igihe. Woba nawe ari ukwo ubibona? Nimba ari ukwo ubibona, ubona gute wihweje witonze ibiri muri Bibiliya? Ikizwi coco ni uko Bibiliya ari co gitabu ceranda conyene kivuga ibijanye na kahise k’abantu kuva bagitangura kubaho. Irasigura ibikurikira:
● Ukuntu abantu bashitse ku kwihebura.—Abaroma 5:12.
● Ukuntu Imana itegekanya gutorera umuti ico kintu.—Yohani 3:16.
● Igituma intwaro zidashobora guhindura isi yacu.—Yeremiya 10:23.
● Igituma dushobora kwizigira umuhango Imana yatanze w’uko izohindura isi.—Yosuwa 23:14.
Imana yoba vy’ukuri izokuraho ikigoyi, intambara, indwara be n’urupfu bishikira abantu? Ivyo ntivyokugora kwizigira hamwe woba wemera ibi bintu bikurikira:
1. Imana yaraturemye.
2. Iratubabaye.
3. Irafise ububasha bwo guhindura isi.
4. Irafise umugambi wo guhindura isi.
Hoba hariho imvo zumvikana zotuma wemera ivyo vyiyumviro bine? Ivyabona vya Yehova, ari na bo basohora iki kinyamakuru, baragutumiye ngo umenye izo mvo mu kwiga Bibiliya.
Ushobora kuba ufise Bibiliya mugabo ukaba uyisoma gake canke ntiwigere uyisoma. Mbere n’abantu benshi basoma Bibiliya bavuga yuko ibagora gutahura. Nimba nawe ikugora gutahura, turagusavye urondere Ivyabona vya Yehova ubasabe bakwigishe Bibiliya ku muhana iwawe ata co urishe. Abantu amamiliyoni bo h’irya no hino kw’isi bariko barungukira kuri iyo ndinganizo. Uti none bigenda gute?
Buri ndwi, ata co urinze kuriha, Icabona ca Yehova umwe canke babiri arashobora kuza i muhira iwawe canke mu kindi kibanza cokworohereza kugira ngo muyage kuri Bibiliya. Ivyo biringo vyo kwiga Bibiliya bizogufasha kuronka inyishu z’ibibazo nk’ibi: Kubera iki dushikirwa n’imibabaro? Kubera iki intwaro z’abantu zidashobora guhindura isi? Ubwami bw’Imana ni iki, kandi buzoshitsa gute ivyo intwaro z’abantu zidashoboye?b
Ushaka ayandi makuru ku bijanye n’ukuntu wokwungukira ku nyigisho ya Bibiliya igirirwa ku muhana, nurondere Ivyabona vya Yehova b’aho iwanyu canke uje ku muhora wacu wa Internet witwa www.jw.org. Woshobora kandi kwandika ukoresheje aderese ibereye mu ziri ku rupapuro rwa 5 rw’iki kinyamakuru.
[Utujambo tw’epfo]
a Amajambo ari hejuru kuri uru rupapuro yakuwe muri Yesaya 2:4; Yesaya 33:24; no mu Vyahishuwe 21:4.
b Raba kandi ikiganiro kivuga ngo “Twisunze Bibiliya: Ni nde ashobora guhindura isi yacu?” kiri ku rupapuro rwa 30 n’urwa 31 muri iki kinyamakuru.