Kubera iki abantu batwarwa cane n’ishavu?
IBINTU bituma umuntu ashavura biragoye gutahura. Mbere n’abanyasiyansi bariyemerera yuko badatahura neza ibijanye n’ishavu. Ariko rero, abahinga mu bijanye n’indwara zo mu mutwe barahuriza ku vy’uko twese dushavura igihe habaye “ibintu bikabura ishavu.”
Ikintu gikabura ishavu kirashobora kuba ikintu kibabaza umuntu canke kimushavuza. Ibintu biranga akarenganyo ni vyo akenshi bikabura ishavu. Turashobora gushavura igihe twiyumvisemwo ko dukengerewe, nk’akarorero igihe hari uwudututse canke uwudusuzuguye. Kwiyumvira ko ubukuru bwacu butubahirijwe canke yuko izina ryacu ryasizwe iceyi, na vyo nyene birashobora gutuma dushavura.
Ariko ntiwumve, “ibintu bikabura ishavu” usanga bitandukanye bivanye n’abantu. Biratandukana bivanye n’imyaka abantu bafise, igitsina cabo, eka mbere n’imico kama yabo. Vyongeye, ukuntu tuvyifatamwo igihe dushikiwe n’ivyo bintu bikabura ishavu, na kwo nyene usanga gutandukanye. Abantu bamwebamwe usanga badakunda gushavura kandi batsinda ishavu ningoga, mu gihe abandi usanga bakaza ishavu bakaba kandi boshobora kumara imisi, amayinga, amezi canke igihe kiruta ico bagishavuye.
Dukikujwe n’ibintu bishobora gukabura ishavu. Ikigeretse kuri ivyo, abantu boshobora kuba bariko bararushiriza kutihanganira ivyo bintu bikabura ishavu. Kubera iki? Kimwe mu bintu bibituma ni agatima ko kutitwararika abandi no kwikwegerako kiraye muri iki gihe cacu kuruta ikindi gihe cose. Bibiliya isigura iti: “Mu misi ya nyuma . . . abantu bazoba ari abikunda, inkunzi z’amahera, abishima, abibona, . . . intumva, abivyimvya.” (2 Timoteyo 3:1-5) Ayo majambo none ntadondora neza ukuntu abantu benshi bo muri iki gihe bameze?
Mu vy’ukuri, igihe abantu b’abikunzi bataronse ivyo bipfuza, akenshi baca bashavura. Hariho n’ibindi bintu bitari bike bituma abantu barushiriza gushavura. Rimbura bimwebimwe muri vyo.
Akarorero k’abavyeyi
Abavyeyi b’umuntu baragira akosho gakomeye ku kuntu agenda aratsimbataza kamere yiwe mu gihe c’ubwana no mu gihe c’ubuyabaga. Umuhinga mu vy’inyifato z’abantu yitwa Harry L. Mills asigura ati: “Kuva abantu bakiri bato cane, bariga guserura ishavu mu kwigana inyifato iranga ishavu babonana abo bari kumwe.”
Mu gihe umwana akuriye ahantu harangwa ubukazi, ni ukuvuga ahantu abantu bakunda gushavuzwa n’utuntu dutoduto, ni nk’aho uwo mwana aba ariko aramenyerezwa kuza arashavura igihe ashikiwe n’ingorane. Ukuntu ivy’uwo mwana biba vyifashe twoshobora kubigereranya n’igiterwa cavomerewe amazi arimwo ubumara. Ico giterwa coshobora gukura, mugabo kigakura nabinabi, kikaba mbere coshobora kwononekara ubutakivayo. Muri ubwo buryo nyene, ishavu rimeze nk’ayo mazi arimwo ubumara, kandi abana bakuriye ahantu hari abantu bagaragaza ishavu usanga bakunda gushavura iyo bamaze gukura.
Ibisagara vyuzuyemwo abantu
Mu mwaka wa 1800, ibice nka 3 kw’ijana vy’abantu bari kw’isi ico gihe, baba mu bisagara. Mu 2008, ico gitigiri caraduze bwampi gishika ku bice 50 kw’ijana, kandi mu 2050, vyitezwe yuko kizoba kimaze gushika ku bice 70 kw’ijana. Uko abantu barushiriza kurundanira mu bisagara, ni ko bishoboka rwose yuko ishavu n’umubabaro birushiriza kwongerekana. Dutange akarorero kamwe: Igisagara ca Mexico ni kimwe mu bisagara binini kandi vyuzeyemwo abantu kuruta ibindi kw’isi. Urutavanako rw’imiduga ni co kintu nyamukuru gituma abantu bagira amaganya. Umumenyeshamakuru umwe avuga yuko igisagara ca Mexico, ikirimwo abantu nk’imiliyoni 18 n’imiduga imiliyoni zitandatu “gishobora kuba ari wo mugwa mukuru utuma abantu bata umutwe kuruta iyindi yose kw’isi. Uruja n’uruza rw’imiduga ni rwinshi, bikaba bituma abantu bashavura ningoga.”
Ibisagara vyuzuyemwo abantu biratuma haba ibindi bintu bitesha umutwe, nk’ugutosekara kw’ikirere, urwamo rwinshi, ubukene bw’amazu, ukudahuza kw’imico kama be n’iyongerekana ry’ubugizi bwa nabi. Kubera ko ibintu bitesha umutwe vyongerekana, usanga abantu bakunda kubabara no gushavura kandi bikarushiriza kubagora kwihangana.
Ingorane z’ivy’ubutunzi
Kuba ubutunzi bwo mw’isi bwaragabanutse bukwi na bukwi vyatumye abantu barushiriza kugira amaganya no guta umutwe. Raporo yasohowe mu 2010 n’Ikigega mpuzamakungu FMI gifatanije n’Ishirahamwe mpuzamakungu riraba ivy’akazi (Bureau international du Travail) ivuga iti: “Bigereranywa yuko abantu barenga imiliyoni 210 bo hirya no hino kw’isi batagira akazi.” Ikibabaje ni uko benshi mu bakuwe mu kazi usanga batagira ikibafasha.
Abafise akazi na bo nyene ntiborohewe. Nk’uko rya Shirahamwe riraba ivy’akazi ribivuga, amaganya aterwa n’akazi ni “ikiza kiri hose.” Uwitwa Lorne Curtis, akaba ari umuhanuzi mu vy’ubutunzi i Ontario muri Kanada, avuga ati: “Abantu baragira ubwoba ku bijanye n’akazi kabo bigatuma bihutira kwiyumvira ko bohava bagatakaza.” Yongerako yuko ico bivamwo ari uko baca baba abantu “bama barondera kwisigura kandi bakarushiriza kugira agatima ko guharira n’abakoresha babo canke abandi bakozi.”
Ukwinubana be n’akarenganyo
Iyumvire ukuntu wokwumva umerewe hamwe woja mw’ihiganwa ryo kwiruka n’amaguru maze ugasanga ni wewe wenyene wasabwe kurigiramwo uruhara amaguru aboshe n’iminyororo. Abantu amamiliyoni bumva bamerewe gutyo nyene igihe babinuvye babahora ibara ryabo ry’urukoba canke ibindi bintu. Abantu barashavura igihe hariho intambamyi zituma bataronka akazi kanaka, batiga amashure manaka, bataronka uburaro bunaka canke ibindi bintu vyankenerwa.
Hariho n’ibindi bintu biranga akarenganyo bishobora gutuma umuntu avunika umutima maze akagira umubabaro mwinshi. Ikibabaje ni uko benshi muri twebwe usanga twarigeze kurenganywa. Haraciye imyaka irenga ibihumbi bitatu wa Mwami w’inkerebutsi Salomo avuze ati: “Ehe amosozi y’abahahazwa, mugabo nta muhoza bari bafise.” (Umusiguzi 4:1) Igihe akarenganyo kabaye ndanse n’uruhoza rukabura, ishavu rirashobora kuza mu mutima w’umuntu bitagoranye.
Ibintu bijanye n’ukwinezereza
Abantu baragize ivyigwa birenga igihumbi kugira ngo bamenye akosho ubukazi bwerekanwa kuri televiziyo no ku bindi bimenyeshamakuru bugira ku bana. Uwitwa James P. Steyer, akaba ari we yashinze Ishirahamwe rijejwe gufasha abantu guhitamwo ibimenyeshamakuru bibereye (Common Sense Media), avuga ati: “Iyaruka riza rirerekwa ibintu vy’ubukazi bukomeye kandi biba vyarabaye koko, rikura ribona yuko ubukazi ari ikintu gisanzwe, ritagira akigoro ko kwirinda ivy’ubunyamaswa, rigakura kandi ritagira impuhwe.”
Ego ni ko benshi mu bakiri bato bama berekwa ibintu biranga ubukazi kuri televiziyo ntibakura ari inkozi z’ikibi katwa. Ariko rero, ibintu vyo kwinezereza akenshi vyerekana ko ishavu ririmwo ubukazi ari uburyo bwemewe bwo gutorera umuti ingorane, akaba ari co gituma hasigaye hariho iyaruka rishasha ry’abantu babona ko ubukazi ari ikintu gisanzwe.
Akosho k’ibiremwa vy’impwemu vy’ibibisha
Bibiliya irahishura yuko inguvu zitaboneka ari zo zituma haba vyinshi mu bintu bibi abantu bakora muri iki gihe kw’isi, babitumwe n’ishavu. Uti gute? Mu ntango y’ukubaho kw’abantu, hari ikiremwa c’impwemu c’ikigarariji cateye akagere Imana Mushoboravyose. Ico kiremwa c’impwemu c’ikibisha citwa Shetani, mu giheburayo bikaba bisobanura “Umurwanizi” canke “Umwansi.” (Itanguriro 3:1-13) Mu nyuma, Shetani yaratumye abandi bamarayika bifatanya na we muri ubwo bugarariji.
Abo bamarayika b’ibigaba, abitwa amadayimoni canke ibiremwa vy’impwemu vy’ibibisha, bagumijwe mu micungararo y’isi. (Ivyahishuwe 12:9, 10, 12) Vyongeye, barafise “ishavu ryinshi,” kubera bazi yuko basigaje igihe gitoyi gusa. Naho rero tudashobora kubona ivyo biremwe vy’impwemu vy’ibibisha, turabona ingaruka z’ivyo bikora. Uti gute?
Shetani be n’amasinzi y’amadayimoni yiwe barafatira ku gatima dufise ko gukora igicumuro mu kutwosha ngo tuje mu vy’ “inzankano, ugushihana, ishari, ukwiguburiza kw’ishavu, amahane, amacakubiri, . . . ukwidagadura, n’ibintu nk’ivyo.”—Abagalatiya 5:19-21.
Nurwanye ishavu
Mu vy’ukuri, igihe twihweje izo ngorane zose, iyo mikazo yose hamwe n’ivyo bintu vyose biteza amaganya, turatahura igituma abantu bashavura igihe baba bariko bararangura ibikorwa vyabo vya misi yose.
Biragoye cane ko umuntu yigumya ntaserure ishavu! Ikiganiro gikurikira kiraza kudufasha kubona ukuntu twocungera ishavu.
[Uruzitiro ku rup. 5]
URAFISE INGORANE IKOMEYE NIMBA . . .
▶ Ushavuzwa n’uko utonze umurongo urindiriye gusuma.
▶ Ukunda guharira n’abo mukorana.
▶ Biza birashika ukarara udasinziriye wiyumvira ibintu biba vyagushavuje ku murango.
▶ Bikugora kubabarira abantu baba bakubabaje.
▶ Ukunda kubura ukwigumya.
▶ Inyuma yo gushavura akenshi uca wumva umaramaye canke wicujije.a
[Akajambo k’epfo]
a Bishingiye ku makuru yakuwe ku muhora wo kuri Internet witwa MentalHelp.net.
[Uruzitiro ku rup. 6]
ICO IBITIGIRI VYEREKANA KU BIJANYE N’ISHAVU
Ishirahamwe ryitaho ingorane zo mu mutwe ry’i Londres mu Bwongereza (Fondation pour la santé mentale) ryarasohoye raporo imwe (Boiling Point—Problem Anger and What We Can Do About It) ku bijanye n’ishavu. Mu bintu nyamukuru bivugwa muri iyo raporo harimwo ibi bitigiri bikurikira:
Abantu bangana n’ibice 84 kw’ijana barumva bataye umutwe igihe bari ku kazi kuruta uko vyari mu myaka itanu iheze.
Ibice 65 kw’ijana vy’abantu bakorera mu biro baramaze gushavura cane canke kubona abandi bashavura cane igihe bari mu biro.
Ibice 45 kw’ijana vy’abakozi bama batwarwa n’ishavu igihe bari ku kazi.
Ibice bishika 60 kw’ijana vy’abantu bose basiba akazi babiterwa no guta umutwe.
Ibice 33 kw’ijana vy’Abongereza ntibumvikana n’ababanyi babo.
Abantu bangana n’bice 64 kw’ijana baremera cane yuko abantu muri rusangi barushiriza gutwarwa n’ishavu.
Abantu bangana n’ibice 32 kw’ijana bavuga yuko bafise umugenzi somambike canke incuti bigora gucungera ishavu.
[Ifoto ku rup. 5]
Guserura ishavu ryawe mu buryo bukomeye bishobora gute kugira ico bikoze ku bana bawe?
[Ifoto ku rup. 6]
Ibintu bijanye n’ukwinezereza vyoba bigira ico bikoze ku kuntu ubona ishavu n’ubukazi?