Ingorane ijanye n’ishavu
Umugabo umwe yari yasavye umukate mw’iresitora yarashavuye cane igihe yabona ko imfungurwa yasavye zitevye. Yarinjiye muri iyo resitora, atera ubwoba umukozi umwe, amusunikira kw’ikontwari maze amukubita ikofe. Uwo mugabo yari yashavuye yaciye atora umukate wiwe maze arisohokera.
TWESE birashika tugashavura. Nakare, ishavu ni imwe mu nyiyumvo tugira cokimwe n’urukundo, icizigiro, amaganya, umubabaro n’ubwoba. Ishavu ricungerewe rirashobora guserurwa mu buryo bubereye maze rigatuma umuntu ashika ku kintu c’ingirakamaro. Nk’akarorero, ishavu rirashobora kuvamwo ivyiza mu gihe ritumye umuntu arushiriza kwiyemeza gutsinda intambamyi zinaka canke ingorane zinaka.
Ariko rero nk’uko vyerekanywe n’inkuru yavuzwe aho haruguru, ishavu rirashobora kuba ribi. Abantu bamwe usanga bashavura ningoga kuruta abandi, bikabashikira kenshi kuruta abandi kandi bakagira ishavu ryinshi kuruta abandi. Igihe hari uwubasomborokeje, boshobora guca bamutuka canke bakamukubita. Mu bisanzwe, ishavu ryabo ni ryo ribaganza aho kuba ari bo bariganza. Bene iryo shavu rirenze urugero ni ribi kandi rirateza ingorane zikomeye mu buzima bw’umuntu harimwo ivyiyumviro vyiwe, inyiyumvo ziwe, ukuntu yigenza be n’imigenderanire afitaniye n’abandi.
Abafise ingorane zijanye n’ishavu barikwegera intuntu, bakongera bakayikwegera n’uwundi muntu wese ari kumwe na bo. Ku muntu afise ingorane zijanye n’ishavu, mbere n’ibintu bisa n’ibidahambaye birashobora gutuma avuga canke akora ibintu biranga ubukazi bikwega ingaruka zibabaje. Rimbura uburorero bukurikira:
Umugabo umwe yariko aragendagenda ari kumwe n’abagenzi biwe mw’ibarabara ririmwo uruja n’uruza, yararashwe kw’izosi igihe isakoshi yarimwo ibikoresho vyo kwinonora imitsi y’umwe mu bagenzi biwe yakora ku wundi mugabo.
Umusore w’imyaka 19 yarakubise umwana w’amezi 11 gushika apfuye, uwo mwana akaba yari uw’umwigeme yari areheje. Uwo musore yari amaze umwanya ariko arakina agakino ko kuri videwo kerekana ivy’ubukazi maze arabura ukwigumya igihe uwo mwana yakora ku kuma yariko arakoresha mu gukina, ivyo bigatuma uwo musore atsindwa.
Amaraporo ava hirya no h’ino kw’isi ajanye n’ibintu nk’ivyo arerekana yuko abantu bafise ingorane zijanye n’ishavu barushiriza kwongerekana. Kubera iki none abantu barushiriza kugira ishavu?
[Uruzitiro ku rup. 3]
Ishavu ni imwe mu nyiyumvo tugira. Ku bw’ivyo, hariho igihe guserura ishavu mu buryo bucungerewe vyoshobora kuba bibereye. Ariko rero, ibi biganiro biravuga ibijanye n’ishavu ritabereye, rino rikaba rishobora kutugirira nabi mu mutima, ku mubiri no mu vy’impwemu rikongera rikagirira nabi n’abandi muri ubwo buryo nyene.