ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mrt ikiganiro 103
  • Hoba hagiye kuba intambara y’isi yose? Bibiliya ibivugako iki?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Hoba hagiye kuba intambara y’isi yose? Bibiliya ibivugako iki?
  • Ibindi biganiro
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Bibiliya yari yaravuze ibintu biriko biraba muri iki gihe
  • Intambara igiye kuba
  • Amahera amamiliyaridi ibihumbi arakoreshwa mu ntambara: None vy’ukuri hasohoka ayangana gute?
    Ibindi biganiro
  • Umwaka uraheze intambara yo muri Ukraine itanguye: Ni icizigiro ikihe Bibiliya itanga?
    Ibindi biganiro
  • Bibiliya ibivugako iki?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2017
  • Intambara zizovaho ryari? Bibiliya ibivugako iki?
    Ibindi biganiro
Ibindi
Ibindi biganiro
mrt ikiganiro 103
Burende hamwe n’indege y’intambara iri mu kirere. Hari n’ikirengazuba cibonekeza.

Anton Petrus/Moment via Getty Images

NUGUME URI MASO!

Hoba hagiye kuba intambara y’isi yose? Bibiliya ibivugako iki?

Mu myaka 30 iheze, abantu benshi babona yuko ibihugu bifitaniye imigenderanire myiza kandi ko n’amahoro arushiriza kwiyongera. Ariko, ibiriko biraba vyerekana ko atari ukwo bimeze.

  • «Abantu benshi barahagaritse umutima kubera intambara iriko irabera i Gaza. Babona yuko izohava ishika mu bindi bihugu bihegereye, baravye ukuntu Isirayeli n’umugwi witwa Hezbollah batanguye kurwanira ku mupaka wa Libani.»​—Vyavuzwe n’ikinyamakuru citwa Reuters, ku wa 6 Nzero 2024.

  • «Imigwi iyobowe na Irani iriko iratera uturere dutandukanye, kandi Irani yarasubiye gukora ibigwanisho ruhonyanganda. Vyongeye, kubera ko ico gihugu gisigaye cunze ubumwe n’Uburusiya be n’Ubushinwa, ibihugu vya Buraya na Amerika birahagaritse umutima cane.»​—Vyavuzwe n’ikinyamakuru citwa The New York Times, ku wa 7 Nzero 2024.

  • «Ibitero vy’Uburusiya muri Ukraine birabandanya kwonona ibintu vyinshi.»​—Vyavuzwe n’ikinyamakuru citwa UN News, ku wa 11 Nzero 2024.

  • «Uravye ukuntu ubutunzi hamwe n’igisoda c’Ubushinwa birushiriza gutera imbere, Abanyatayiwani na bo bakaba bariko barushiriza kwishimira igihugu hamwe n’ukudahuza hagati y’Ubushinwa na Amerika, biragaragara ko intambara ishobora kwaduka umwanya uwo ari wo wose.»​—Vyavuzwe n’ikinyamakuru citwa The Japan Times, ku wa 9 Nzero 2024.

None hoba hari ico Bibiliya ivuga ku bijanye n’ukuntu amahoro aguma ahungabana hirya no hino kw’isi? Vyoba bizokwega intambara y’isi yose?

Bibiliya yari yaravuze ibintu biriko biraba muri iki gihe

Bibiliya ntiyari yaravuze idomako intambara tubona muri iki gihe. Ariko rero, yari yaravuze ko hobaye intambara nyinshi muri iki gihe nk’uko tubibona kandi zigakura «amahoro kw’isi.»​—Ivyahishuwe 6:4.

Igitabu ca Daniyeli cari caravuze ko «mu gihe c’iherezo,» intwaro nganzasi zotanye mu mitwe biciye ku «gusunikana,» canke ko zorwanye zirondera kuganza. Muri ukwo gusunikana, izo ntwaro zokwerekanye ko zifise igisoda gikomeye kandi zigasohora «ubutunzi» bwinshi.​—Daniyeli 11:40, 42, 43.

Intambara igiye kuba

Bibiliya ivuga ko ibiba kw’isi bizobanza kwunyuka imbere y’uko bitorerwa umuti. Yezu yavuze ko «[hobaye] amakuba akomeye atigeze kubaho kuva isi itanguye kubaho.» (Matayo 24:21) Ayo «makuba akomeye» azokurikirwa n’intambara yitwa Harumagedoni, ikaba idondorwa ko ari «intambara yo kuri wa musi uhambaye w’Imana Mushoboravyose.»​—Ivyahishuwe 16:14, 16.

Ariko rero, intambara ya Harumagedoni izokiza abantu aho kubatikiza. Biciye kuri iyo ntambara, Imana izokuraho intwaro z’abantu zakweze intambara ziriko zironona ibintu muri iki gihe. Kugira ubone ukuntu Harumagedoni izotuma haba amahoro, nusome ibiganiro bikurikira:

  • «Intambara ya Harumagedoni ni iki?»

  • «Harumagedoni ni agakuru keza cane»

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika