Ica 3—Nugume ukoresha umubiri wawe
“Iyaba ukwinonora imitsi kwari ikinini, ni wo muti wokwandikiwe abantu benshi cane kw’isi.”—Vyavuzwe n’igisata c’ivy’ubuvuzi co kuri kaminuza ya Emory. Mu bintu vyose dushobora gukora kugira ngo tugire amagara meza, ni bike usanga biba ngirakamaro kuruta ukwinonora imitsi.
Niwihate. Tugiye turakora ibintu bisaba inguvu birashobora kudufasha kurushiriza kugira agahimbare, kwiyumvira neza kuruta, kurushiriza kugira inguvu no kurushiriza gukora vyinshi. N’ikindi kandi mu gihe twoba dufungura mu buryo bubereye, ukwo kuza turakora ibintu bisaba inguvu kurashobora gutuma tutavyibuha birenze urugero. Kugira ngo ukwinonora imitsi kutugirire akamaro si ngombwa ngo tugire ibintu bigoye canke birenze urugero. Kwama dufata umwanya utarenze urugero wo kwinonora imitsi incuro nka zingahe mu ndwi birashobora kutugirira akamaro cane.
Kwiruka bukebuke, gutambuka wihuta, kunyonga ikinga, no kugira uruhara mu rukino rushobora gutuma umutima wawe utera ningoga na ningoga kandi ukabira icuya, birashobora gutuma urushiriza kutaruha vuba bikongera bikagufasha kwirinda kurwara umutima be n’indwara yonona ubwonko. Kuza uragira iyo myimenyerezo, ukongera ukaza uraduza ibintu biremereye ukoresheje amaboko n’amaguru, ukaza kandi urinonora imitsi mu buryo busanzwe, biratuma amagufa, imitsi, amaguru hamwe n’amaboko bikomera. Vyongeye, ivyo bikorwa biragira ico biterereye mu gutuma umubiri wawe uguma uhingura neza ibifungurwa ufungura, ivyo bigaca bigufasha gucungera ibilo vyawe kugira ntivyongerekane.
Nukoreshe amaguru yawe. Kwinonora imitsi biragirira akamaro abantu b’imyaka itandukanye, kandi ntibisaba yuko urinda kuja mu mugwi munaka w’ivyo kwinonora imitsi. Ukoresheje gusa amaguru yawe aho gukoresha umuduga, ibisi canke mwene ca cuma kiduza abantu mw’igorofa, uba utanguye neza. Kubera iki wokwirirwa urarindira ikikwunguruza mu gihe ushobora kugenda n’amaguru kandi ugashika iyo uriko uraja, kumbure mbere ugashikayo ningoga kuruta? Yemwe bavyeyi, nimuremeshe abana banyu kugira uruhara mu nkino zinonora imitsi, igihe cose bishoboka babigirire hanze. Ico kintu kirakomeza imibiri yabo kikongera kikabafasha gutuma ibihimba vyose vy’umubiri wabo bikora neza, ivyo bikaba bitoshoboka mu gihe bogira mwene kwa kwisamaza gutuma umuntu amara umwanya munini yicaye, nko gukina udukino two kuri videwo.
Imyaka iyo ari yo yose woba ufise igihe utanguye kwinonora imitsi, urashobora kuvyungukirako ubigize mu buryo butarenze urugero. Nimba witereye mu myaka canke ukaba ufise ingorane z’amagara kandi hakaba haciye igihe utinonora imitsi, vyoba biranga ubukerebutsi ubanje kuvugana n’umuganga ku bijanye n’ukuntu wotangura. Ariko ntureke gutangura! Igihe dutanguye kwinonora imitsi, tukabigira intambwe ku yindi kandi tutarenza urugero, birashobora gufasha mbere n’abo muri twebwe bitereye mu myaka kuruta abandi kuguma bafise imitsi n’amagufa bikomeye. Birashobora kandi kubafasha kwirinda kuza baratemba.
Kwinonora imitsi ni vyo vyafashije Rustam, umwe twavuga mu kiganiro gitangura muri uru rukurikirane. Haraheze imyaka indwi we n’umukenyezi wiwe batanguye kuza bariruka buhorobuhoro buri gitondo, ivyo bakaba babigira imisi itanu mu ndwi. Rustam yigana ati: “Mu ntango, twaratanga ivyitwazo bituma tutagenda. Ariko kuba twarashigikiranye, vyaratumye twempi tugira ishaka. Ubu bisigaye ari ikintu ciza kandi giteye umunezero twama tugira.”