Nugume ufise amagara meza
Kwitwararika amagara yawe birashobora gutuma urushiriza gukora neza kw’ishure ukongera ukagira ubuzima bwiza.
BIRABEREYE ko witwararika umubiri Imana yaguhaye. (Zaburi 139:14) Tubitangire akarorero: Dufate yuko ufise umuduga, mugabo ntiwigere ufata umwanya wo kuwubungabunga. Uzokanguka usanga wamaze gupfa. Ikintu nk’ico kirashobora gushikira umubiri wawe. None wowubungabunga gute?
Nuruhuke. Kudasinzira bihagije birashobora gutuma uboneka nk’uwujonjogoye kandi ukumva wacitse intege, wataye umutwe, eka mbere wihebuye. Gusinzira bihagije vyovyo biratuma urushiriza kugira inguvu. Birashobora kandi gutuma ukura ningoga na ningoga, ubwonko bwawe burushiriza gukora neza, ukomeza ubushobozi umubiri wawe ufise bwo kwirwanira bikongera bigatuma urushiriza kwiyumva neza. Ivyo vyiza vyose biva ku kintu ata kigoro kanini gisaba!
Impanuro: Nimba bishoboka, nugerageze kuryama kuri ya saha nyene buri joro.
Nufungure neza. Abana b’imiyabaga bakura ningoga. Nk’akarorero, abana b’abahungu benshi bafise imyaka iri hagati ya 10 na 17 usanga ibilo vyabo vyiyongereye incuro zibiri. Abakobwa na bo nyene bakura ningonga na ningoga. Imibiri iriko irakura irakenera ibifungurwa ndemamubiri na ntanganguvu vyinshi. Niwiyemeze neza yuko uha umubiri wawe imfungurwa ukeneye.
Impanuro: Ntusibe kunywa akayi ko mu gitondo. Kugira ico twogereranya no gushira igitoro mu muduga imbere y’uko uja kw’ishure birashobora gutuma urushiriza kwitunira ku vyigwa no kutaza uribagira.
Niwinonore imitsi. Bibiliya iremeza yuko “kwinonora imitsi bigirira akamaro umubiri wawe.” (1 Timoteyo 4:8, CEV) Birashobora gukomeza imitsi n’amagufa vyawe, bigatuma urushiriza gukorana ishaka, ibilo vyawe ntibize birongerekana, ubwenge bwawe bukarushiriza kwongerekana, umubiri wawe ukarushiriza kwigwanira, ukagabanya imyitwarariko bikongera bigatuma wiyumva neza. Nkako, kwinonora imitsi birashobora no kukuryohera kubera ko ushobora gukora ibintu ukunda!
Mu ncamake: Gusinzira bihagije, gufungura neza no kwinonora imitsi mu buryo buri ku rugero, bizofasha ico twokwita imoteri yawe kuguma ikora. Ivyo na vyo bizotuma urushiriza gukora neza mw’ishure.a
Ubona gute utanguye? Nushireho urutonde rwo kwinonora imitsi ruri ku rugero. Mu kiringo c’ukwezi, nuze urandika amasaha uryamirako be n’ingene ufungura, maze urabe aho ukeneye kuryohora.
“Igihe ngiye kuba ndagendagenda n’amaguru, nca nsa n’uwurushirije kugira inguvu, naho nahora numva ndushe igihe nabitangura.”—Jason wo muri Nouvelle Zélande.
“Niyumvira ko Imana yaremye imfungurwa kugira ngo zironse imibiri yacu ico twokwita igitoro, kandi nipfuza gushira mu mubiri wanje igitoro ciza kuruta ibindi vyose!”—Jill wo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika.
“Niruka gatatu mu ndwi, nkanyonga ikinga canke nkagendagenda n’amaguru kabiri mu ndwi. Kwinonora imitsi biratuma ndushiriza kugira inguvu kandi bigatuma ngabanya imyitwarariko.”—Grace wo muri Ostraliya.
[Akajambo k’epfo]
a Ushaka kumenya n’ibindi ku bijanye n’amagara yawe, raba ikigabane ca 10 c’igitabu Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 1, casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
[Ifoto ku rup. 6]
[Ifoto ku rup. 6]
[Ifoto ku rup. 6]