Ica 2—Niwitwararike ibintu vy’ishimikiro umubiri wawe ukeneye
“Nta n’umwe yigera yanka umubiri wiwe, ariko arawugaburira kandi akawubungabunga.”—Abanyaefezi 5:29, Ubwuzure Bushasha. Gukora ibintu vy’ishimikiro kugira ngo wibungabunge birashobora gutuma amagara yawe arushiriza kumera neza.
◯ Nuruhuke bihagije. “Urushi rw’akaruhuko ruruta amashi abiri y’igikorwa c’ubutame n’ukwiyahagura ukurikira umuyaga.” (Umusiguzi 4:6) Ivyo abantu babwirizwa gukora muri iki gihe be n’ibibasamaza vyaragabanije umwanya bamara basinziriye. Mugabo gusinzira ni ntahara kugira ngo umuntu agire amagara meza. Ivyigwa vyagizwe vyerekana yuko igihe dusinziriye, umubiri wacu be n’ubwonko bwacu vyisanura, ivyo bikaba bituma turushiriza kwibuka no kumererwa neza.
Gusinzira biratuma abasoda b’umubiri barushiriza gukomera bikongera bigatuma tudahakwa cane kurwara indwara zandukira, indwara z’igisukari, indwara zonona ubwonko, indwara y’umutima, kanseri, kuvyibuha birenze urugero, akabonge gakomeye, kumbure n’indwara bitiriye Alzheimer. Aho kurwanya itiro, rino tukaba tworigereranya n’igikoresho kidukingira twavukanye, mu kwihereza ibintu bisosa, ibintu bikabura ubwenge nka kafeyine canke ibindi, turakwiye kwungukira kuri ico gikoresho mu gusinzira. Abakuze benshi barakeneye gusinzira amasaha indwi gushika ku munani buri joro kugira ngo baboneke neza, bamererwe neza bongere bakore vyinshi. Abakiri bato barakeneye gusinzira amasaha arenga ayo. Abana b’imiyabaga badasinzira bihagije usanga bakunda kugira ingorane zo mu mutwe no kwisinzirirako igihe bariko baratwara umuduga.
Gusinzira birahambaye canecane igihe turwaye. Umubiri wacu urashobora gutsinda indwara zimwezimwe, nk’ibicurane n’inkorora, mu gihe gusa dusinziriye umwanya wiyongereye kandi tukanywa ibintu vyinshi.
◯ Nubungabunge amenyo yawe. Kwoza amenyo yawe n’umujigiti no gusukura hagati yayo ukoresheje akanyuzi kabigenewe uhejeje gufungura, na canecane imbere y’uko uja kuryama, bizofasha kugira ngo amenyo ntabore, ibinyigishi ntibirware, n’amenyo ntahongoke. Tudafise amenyo, ntitwoshobora kwungukira bimwe bishitse ku bifungurwa dufungura. Bivugwa yuko inzovu ziticwa n’ubusaza ahubwo ko zigenda zirasonza buhorobuhoro gushika zipfuye, kubera ko amenyo yazo aba amaze kuregarega atuma zidashobora guhekenya neza. Abana bigishijwe kwoza amenyo n’umujigiti no gusukura hagati yayo bakoresheje akanyuzi kabigenewe bahejeje gufungura, bazogira amagara meza mu buto bwabo no mu buzima bwabo bwose.
◯ Nuje kwa muganga. Indwara zimwezimwe zisaba ko umuntu aja kwa muganga. Iyo indwara imenyekanye hakiri kare akenshi usanga ikira kandi ntihakoreshwe amahera menshi. Ku bw’ivyo, nimba wumva utamerewe neza, nurondere icogufasha kumenya icabiteye maze ugitorere umuti, aho kurondera gusa gukuraho ibimenyetso vyerekana ko urwaye.
Kwama wisuzumisha ku baganga babishoboye birashobora kugukingira ingorane nyinshi zikomeye, nk’uko nyene igihe umuntu yibungenze akaja kwa muganga bishobora kumukingira.a Ariko rero, urama wibuka yuko abaganga badashobora gukora ibitangaro. Imana niyafata ‘ibintu vyose ikabigira bishasha,’ ni ho gusa indwara zacu zizokira buhere.—Ivyahishuwe 21:4, 5.
[Akajambo k’epfo]
a Raba ikiganiro kivuga ngo “Abavyeyi bafise amagara meza bibaruka abana bafise amagara meza,” muri Be maso! yo muri Mukakaro–Nyakanga 2010.