ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 4/11 rup. 3
  • Urashobora kurushiriza kugira amagara meza

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Urashobora kurushiriza kugira amagara meza
  • Be maso!—2011
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Niwitwararike amagara yawe!
  • Nugire ico ukoze ku vyerekeye amagara yawe
    Be maso!—2011
  • 1 | Nukingire amagara yawe
    Be maso!—2022
  • Nugume wisunga ivyanditswe mu bijanye no kubungabunga amagara
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Ica 3—Nugume ukoresha umubiri wawe
    Be maso!—2011
Ibindi
Be maso!—2011
g 4/11 rup. 3

Urashobora kurushiriza kugira amagara meza

UWITWA Rustam, akaba aba mu Burusiya, arafise ibintu vyinshi akora mu buzima. Kera yari afise ingeso zimwezimwe zabangamira amagara yiwe mugabo yahavuye atahura ko yariko arashikirwa n’inkurikizi zazo. Yarahevye itabi no kunywa inzoga zirenze urugero. Naho yabihevye, ukuba yaramara umwanya munini ariko arakoresha orodinateri vyatuma agoyagoya.

Naho Rustam yatangura akazi isaha zibiri zo mu gitondo, akenshi isaha zine zashika akiriko arisinzirirako, kandi yarakunda kurwara. Ku bw’ivyo, yaragize ico ahinduye ku rutonde rw’ivyo yama akora. Uti none havuyemwo iki? Avuga ati: “Mu myaka indwi iheze, sinigeze mfata ikonje rirenga imisi ibiri mu mwaka bitumwe n’indwara. Sincisinzirirako na gato, kandi ndahimbawe mu buzima!”

Uwitwa Ram, umugore wiwe be n’utwana twabo tubiri baba muri Népal. Mu karere Ram abamwo hari isuku rike, kandi huzuye imibu n’insazi. Kera Ram n’umuryango wiwe barakunda kugira ingorane zijanye n’uguhema be no kwandukirwa n’indwara z’amaso. Na bo nyene baragize ivyo bahinduye vyatumye amagara yabo arushiriza kumera neza.

Niwitwararike amagara yawe!

Abantu benshi, baba abatunzi canke aboro, ntibabona isano riri hagati y’ivyo bakunda gukora n’amagara yabo. Boshobora kubona yuko kugira amagara meza ari ikintu gipfa kwizana canke ko ata kintu na kimwe bokora kugira ngo bagire amagara meza. Ukubona ibintu mwene ukwo kuratuma abantu benshi batagira ico bakoze kugira ngo amagara yabo arushirize kumera neza bitume babaho ku buryo barushiriza gukora vyinshi.

Mu vy’ukuri, uko ivyawe vyoba vyifashe kwose mu vy’ubutunzi, hariho ibintu vy’ishimikiro wokora kugira ngo ukingire amagara yawe be n’ay’umuryango wawe wongere utume arushiriza kumera neza. Ivyo none vyoba bibereye ko ubigirira akigoro? Cane nyene! Urashobora kuryohora ubuzima bwawe maze ukirinda gutuma buba bugufi bidakenewe.

Biciye ku vyo abavyeyi bavuga no ku karorero batanga, barashobora kwigisha abana babo gutsimbataza utumenyero twiza, ivyo bigatuma bagira amagara meza. Umwanya wiyongereye be n’uburyo ivyo bisaba bazobishumbushwa mu kudashikirwa n’imibabaro myinshi, mu kudatakaza umwanya munini ku ndwara, no mu kudasohora amahera menshi ku miti. Hari abavuga yuko akigoro naho koba ari gato gashobora gutuma umuntu yirinda kurwaragurika.

Mu biganiro bikurikira, turaza kwihweza ibintu bitanu vy’ishimikiro vyafashije Rustam, Ram, hamwe n’abandi benshi. Na wewe nyene ivyo bintu birashobora kugufasha!

[Ifoto ku rup. 3]

Rustam

[Ifoto ku rup. 3]

Ram n’umuryango wiwe bararonka amazi meza

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika