ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 4/11 rup. 9
  • Nugire ico ukoze ku vyerekeye amagara yawe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nugire ico ukoze ku vyerekeye amagara yawe
  • Be maso!—2011
  • Ivyo bijanye
  • Urashobora kurushiriza kugira amagara meza
    Be maso!—2011
  • Nugume wisunga ivyanditswe mu bijanye no kubungabunga amagara
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • 1 | Nukingire amagara yawe
    Be maso!—2022
  • Ingene wokwihanganira indwara ikomeye
    Ibindi biganiro
Ibindi
Be maso!—2011
g 4/11 rup. 9

Nugire ico ukoze ku vyerekeye amagara yawe

WOBA wibuka Ram, umwe twavuga mu kiganiro gitangura muri uru rukurikirane? Cokimwe n’abandi bo hirya no hino kw’isi, Ram ntiyari azi ukuntu gufungura mu buryo bubereye be n’ibindi bintu umuntu yokora buri musi ari ngirakamaro kugira agire amagara meza. Yigana ati: “Ikiganiro kivuga ngo ‘Birashoboka ko ufungura neza’ co muri Be maso! (mu gifaransa) yo ku wa 8 Rusama 2002, caramfashije gutahura igituma dukwiye kumenya ibifungurwa dufungura.”

Ram asigura ati: “Uko tugize umuryango, twaragerageje gushira mu ngiro ivyigwa twakuye muri ico kiganiro. Haciye igihe gito, twasanze abasoda bacu b’umubiri bararushirije gukomera. Imbere y’uko dutangura kwitwararika ivyo dufungura, twarakunda gufatwa n’ibicurane, ariko ubu bidufata gake. Vyongeye, biciye ku kiganiro kivuga ngo ‘Ibintu bitandatu vyogufasha gukingira amagara yawe’ co muri Be maso! (mu gifaransa) yo ku wa 22 Nyakanga 2003, twarize ibijanye n’uburyo bworoshe kandi budatwara amahera menshi bwo kuronka amazi meza.”

“Hari ikindi kiganiro co muri Be maso! (mu gifaransa) camfashije gutuma umuryango wanje urushiriza kugira amagara meza. Cari gifise umutwe uvuga ngo ‘Isabuni ni urucanco umuntu wese ashobora kuronka,’ kikaba cari mu nomero yo ku wa 22 Munyonyo 2003. Tukimara kugisoma, twaragerageje gukurikiza inama zari zatanzwe muri ico kiganiro. Ubu ntitukirwara bene ya maso yandukira nk’uko twahora tuyarwara.

“Mu karere tubamwo, kuba hari insazi nyinshi n’imibu myishi, abantu nta co bibabwiye. Ariko biciye kuri ya videwo ivuga ngo La Bible : Une force dans votre vie,a umuryango wacu warize yuko dukwiye kwirinda bene utwo dukoko. Ubwo bumenyi buradufasha kandi kuguma dufise amagara meza.”

Niwumire kw’ibanga! Ibintu ivyo ari vyo vyose woba ukeneye guhindura, vyoshobora kukworohera kubishikako ugiye urabigira intambwe ku yindi aho kwishingira imigambi udashobora gushikako. Nk’akarorero, nugerageze kuza uragabanya ibifungurwa bifise indemamubiri nkeyi, aho kubiheba. Nugerageze kuza uraja kuryama hakiri kare wongere uze urarushiriza kwinonora imitsi. Nakare, ubusa busumba akamaramaza. Mu bisanzwe bisaba igihe, amayinga canke amezi, kugira ngo umuntu amenyere gukora ikintu atari asanzwe akora. Mu gihe udaciye ubona ivyiza bivuye ku twigoro twiyongereye ugira, ntucike intege. Wumiye kw’ibanga naho hogira ibiguciramwo, amagara yawe arashobora kurushiriza kumera neza.

Muri iyi si idatunganye, nta muntu n’umwe ashobora kugira amagara atagira agahaze. Igihe urwaye, vyoshobora kuba bitatumwe n’uko wafashe ibintu minenerwe, mugabo vyatumwe n’uko abantu muri rusangi bavukana ubugoyagoye. Ku bw’ivyo, ntureke ngo ivyo kwitwararika amagara canke ikindi kintu bitume uta umutwe canke wiganyira birenze. Yezu yabajije ati: “Ni nde muri mwebwe mu kwiganyira yoshobora kwongera intambwe ku kiringo c’ubuzima bwiwe?” (Luka 12:25) Aho kwiganyira, nugerageze gusa kwirinda ibintu vyotuma ubuzima bwawe buba bugufi canke bwononekara. Kubigenza gutyo birashobora gutuma urushiriza kugira amagara meza gushika ushitse mw’isi nshasha y’Imana aho “[a]ta wuhaba azovuga ngo: ‘Ndarwaye.’ ”—Yesaya 33:24.

[Akajambo k’epfo]

a Yasohowe n’Ivyabona vya Yehova.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika