Abagize umuryango bavyihweze bari hamwe
Ni amakosa ayahe ari muri iyi shusho?
Soma Yohani 6:5-13. Ni ibintu bitatu ibihe vyo kuri iyi shusho bitari vyo? Niwandike inyishu zawe ku mirongo iri aha hepfo, uce wuzuza iyo foto mu kuyisiga amabara.
1. ․․․․․
2. ․․․․․
3. ․․․․․
IVYO KUGANIRAKO:
Ni ibiki Yezu yasavye abigishwa biwe kwegeranya kandi kubera iki? Ivyo bikwigisha iki ku vyerekeye Yezu? Wokora iki kugira ngo wirinde kuba umuntu asesagura?
ABAGIZE UMURYANGO BABIKORERE HAMWE:
Nimusomere hamwe iyo nkuru yo muri Bibiliya. Nimba bishoboka, nimusabe umuntu wa mbere asome ibivugwa n’uwubara inkuru, uwa kabiri asome ibivugwa na Yezu, uwa gatatu asome ibivugwa na Filipo, uwa kane na we asome ibivugwa na Andereya.
Nuze uratwegeranya maze utwige
Nugakate, ukazingemwo kubiri hanyuma ukabike
AGAPAPURO K’IVYA BIBILIYA 1 YOSUWA
IBIBAZO
A. Yosuwa n’ingabo ziwe batembagaje gute ibihome vya Yeriko?
B. Heraheza aya majambo Yosuwa yavuze agira ati: “Ariko jewe n’urugo rwanje . . .”
C. Ayandi mazina ya Yosuwa yari ayahe?
[Igicapo]
4026 B.G.C. 1 G.C. 98 G.C.
Adamu aremwa Yabayeho nko Igitabu ca nyuma mu 1500 B.G.C. ca Bibiliya candikwa
[Ikarata]
Yaravuye mu Misiri aja mu Gihugu c’isezerano
MISIRI
IGIHUGU C’ISEZERANO
YOSUWA
IVYIWE MURI MAKE
Yari mwene Nuni. Yarabaye umusuku wa Musa maze mu nyuma aragenwa ngo arongore Isirayeli. (Kuvayo 33:11; Gusubira mu Vyagezwe 34:9; Yosuwa 1:1, 2) Yosuwa yarayoboye abasavyi b’Imana adatinya arabashikana mu Gihugu c’isezerano. Yarizigiye ivyo Yehova yari yarasezeranye, aragamburuka ubuyobozi yamuhaye yongera aramukorera adahemuka.
INYISHU
A. Baragamburukiye Imana mu kuzunguruka ico gisagara.—Yosuwa 6:1-27.
B. “. . . tuzokorera Yehova.”—Yosuwa 24:15.
C. Hosheya na Yehoshuwa.—Guharūra 13:8, 16, akajambo k’epfo.
AGAPAPURO K’IVYA BIBILIYA 2 DANIYELI
IBIBAZO
A. Ni kubera iki Daniyeli yatawe mu cobo c’intambwe?
B. Amazina y’igiheburayo ya ba bagenzi batatu ba Daniyeli yari ayahe?
C. Daiyeli yasukuye mu gihe c’inganji nganzasi zibiri z’abanyamahanga izihe?
[Igicapo]
4026 B.G.C. 1 G.C. 98 G.C.
Adamu aremwa Yabayeho nko Igitabu ca nyuma mu 600 B.G.C. ca Bibiliya candikwa
[Ikarata]
Akurwa i Yeruzalemu akajanwa i Babiloni
Yeruzalemu
Babiloni
DANIYELI
IVYIWE MURI MAKE
Ashobora kuba yari umuganwa yavukiye mu muryango wa Yuda. Yari umuhanuzi w’umwizigirwa yahumekewe n’Imana kugira ngo yandike igitabu co muri Bibiliya citirirwa izina ryiwe. Birashoboka ko Daniyeli yari umuyabaga igihe we hamwe n’abandi bantu bo mu muryango wa cami be n’abandi bamenyekana bagirwa imbohe na Nebukadinezari hanyuma bakajanwa i Babiloni.
INYISHU
A. Yarasenze Yehova naho yari yabujijwe kubigira.—Daniyeli 6:6-17.
B. Hananiya, Mishayeli, Azariya.—Daniyeli 1:6, 7.
C. Babiloni hamwe n’Ubumedi n’Ubuperesi.—Daniyeli 5:30; 6:8.
● Inyishu z’ibibazo biri kuri uru rupapuro tuzisanga ku rupapuro rwa 29
Inyishu z’ibibazo biri ku rupapuro rwa 30
1. Ako kana gafise ibifungurwa mu minwe gakwiye kuba agahungu aho kuba agakobwa.
2. Hakwiye kuba imikate itanu aho kuba ivyamwa vy’amapome bitanu.
3. Hakwiye kuba ifi zibiri aho kuba ibigori bibiri.