ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 4/11 rup. 32
  • Si bato cane

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Si bato cane
  • Be maso!—2011
Be maso!—2011
g 4/11 rup. 32

Si bato cane

● Ibi ni ivyo inabibondo umwe wo muri Kaliforoniya, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika yanditse ku bijanye n’ikiganiro kiri mu gitabu Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye. Yasiguye ati: “Mu ndwi iheze, igihe agahungu kacu k’imyaka itatu kitwa Javan kabonana n’umuganga w’abana agakurikirana, uno yarambajije nimba twe n’umunega wanje tumaze kuyaga na Javan ibijanye n’ibihimba vy’irondoka kugira ngo tumufashe kwirinda kugwa mu kaga. Narahimbawe cane no kumubwira ibijanye na ca gitabu Umwigisha Ahambaye, kino kikaba gisigura yuko bitoba bibereye hagize uwukorakora ibihimba vy’irondoka vy’uwundi muntu. Uwo muganga yaratangajwe cane n’uko twari tumaze kuyaga ico kintu.”

Uwo inabibondo yongeyeko ati: “Ivyo bintu biravugwa mu buryo bwiza cane muri ico gitabu.” Ikigabane yariko arerekezako gifise umutwe uvuga ngo: “Ingene Yezu yakingiwe.” Kiraca irya n’ino ukuntu Se wa Yezu wo mw’ijuru yakingiye Umwana wiwe ngo ntagirirwe nabi na wa mwami w’umubisha Herodi igihe Yezu yari akiri muto cane ku buryo atari ashoboye kwikingira. (Matayo 2:7-23) Ico gitabu gica cerekana ukuntu n’abana batoyi bashobora kwigishwa kwikingira mu gihe hari umuntu arondeye kubonona.

Urashobora gusaba ico gitabu c’impapuro 256 kirimwo amashusho meza cane, kino kikaba kingana n’iki kinyamakuru mu bwaguke. Niwiyuzurize gusa agace kandikwamwo aderese kari kumwe n’iki kiganiro hanyuma ukarungike kuri aderese ibereye mu ziri ku rupapuro rwa 5 rw’iki kinyamakuru.

□ Ndabasavye mundungikire iki gitabu cerekanywe ng’aha ata co murinze kunsaba.

□ Ndabasavye mumenyeshe ibijanye n’inyigisho ya Bibiliya yo ku muhana igirwa ku buntu.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika