ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g04 8/10/04 rup. 17-18
  • Imana yoba vy’ukuri yitaho abana?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Imana yoba vy’ukuri yitaho abana?
  • Be maso!—2004
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Imana iriyamiriza abagirira nabi abandi
  • Yehova arakunda abana
  • Icizigiro ku bana
  • Nimwigishe abana banyu gukunda Yehova
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • «Abana ni ingabire Yehova atanga»
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2026
  • Urugo rwanyu rushobora gute kugira agahimbare?—Igice ca 2
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • Bavyeyi, nimwigishe abana banyu gukunda Yehova
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2019
Ibindi
Be maso!—2004
g04 8/10/04 rup. 17-18

Twisunze Bibiliya

Imana yoba vy’ukuri yitaho abana?

ABANA amamiliyoni amajana n’amajana barakoreshwa nabi, bakagirirwa nabi, bakongera bagakorerwa ivy’ubunyamaswa uko umwaka utashe. Benshi bakora nk’aho umengo ni abaja, bagakorera mu bintu birimwo ingeramizi. Abandi baratwarwa ku nguvu bakaja kugirwa abasoda canke bakaja gukoreshwa ubumaraya. Abana benshi barushiriza kutagira uwo bizigira kubera abo mu muryango babagokako no kubera ayandi mabi ateye ikinya akorerwa abana.

Birumvikana ko abantu b’inziraburyarya bitwararika ibintu, bababazwa rwose n’ukwo kuntu abana bafatwa nabi. Naho bamwebamwe bemera yuko umwina w’abantu be n’ukwononekara kwabo ari vyo ahanini bituma haba mwene ukwo kugirirwa nabi, boshobora kuguma babona ko bigoye kwemera yuko Imana y’urukundo yoreka akarenganyo nk’ako. Boshobora kwiyumvamwo yuko Imana yahevye abo bana be n’uko ishobora kuba ata co vy’ukuri inezwe. Ni ko biri none? Ivyo bintu biteye agahinda vy’uko abana bakoreshwa nabi kandi bakagirirwa nabi vyoba bisigura yuko Imana itabitaho? Bibiliya ibivugako iki?

Imana iriyamiriza abagirira nabi abandi

Yehova Imana ntiyigeze agabira yuko abana bakoreshwa nabi na ba ruburakigongwe. Kugirira nabi abana ni imwe mu nkurikizi ziteye agahinda kuruta izindi zakwezwe n’ubugarariji bw’abantu bwabereye mw’itongo rya Edeni. Ukwo gutera akagere ubusegaba bw’Imana kwarabaye ikintu cotumye abantu bakoreshwa bunyamaswa n’abantu nka bo.—Itanguriro 3:11-13, 16; Umusiguzi 8:9.

Imana iranka urunuka abarya imitsi ba nyarucari n’abatagira gitabara. Amahanga menshi ya kera atakorera Yehova yaragira ivyo gutangako ikimazi abana, ariko Yehova yavuze yuko ico cari ‘ikintu atabageze kitigeze no kuza mu mutima wiwe’ (Yeremiya 7:31). Imana yagabishije ihanga ryayo rya kera iti: “Ni mwagira ico [mucuranguzako impfuvyi] na gatoyi, [i]kantakambira, sinzobura kwumviriza ugutakamba kwa[yo]; maz’uburake bganje bukaziriringa”.—Kuvayo 22:22-24.

Yehova arakunda abana

Ukuntu Imana yitwararika abana bigaragarira mu nyobozo ziranga ubukerebutsi iha abavyeyi. Abana barererwa mu muryango utekanye, birashoboka rwose ko baba abantu b’abashingantahe, biyumvira neza. Ku bw’ivyo, Umuremyi wacu yarashizeho umubano w’ababiranye, ukaba ari intunganyo imara ubuzima bwose, aho “umuntu azosiga se na nyina, akabana n’umugore wiwe akaramata, bakaba umubiri umwe” (Itanguriro 2:24). Muri Bibiliya, kurangura amabanga mpuzabitsina birekuwe gusa mu mubano w’ababiranye kugira ngo abana abo ari bo bose bavutse bivuye kuri ukwo guhuza ibitsina, bashobore kwitabwaho bari ahantu hatekanye.—Abaheburayo 13:4.

Ivyanditswe kandi birashimika ku kuntu indero abavyeyi batanga ihambaye. Bibiliya ivuga iti: “Abana ni bo ngabire Uhoraho agaba, imbuto zo mu nda ni zo mpēra atanga. Nk’ukw imyampi yo mu ntoke z’umuhizi iri, ni kw abana bo mu busore bamera” (Zaburi 127:3, 4). Abana ni ingabirano y’agaciro iva ku Mana, kandi Imana ishaka ko basagamba. Imana ihimiriza abavyeyi guha abana babo ubuyobozi bwiza mu buzima, nka kurya nyene umuhizi atumbereza yitonze igihe arasa imyampi yiwe. Ijambo ry’Imana ritegeka riti: “Ba se, ntimukaratse abana banyu, ariko mubarere, mubahana mubahanūra, uk’Umwami wacu agomba”.—Abanyefeso 6:4.

Ubundi buryo Yehova yerekanye ko akunda abana ni mu kwigisha abavyeyi gukingira abana babo abantu barondera kubakorera ikibi. Muri Isirayeli ya kera, n’ ‘abana bato’ bategerezwa kwumviriza Ivyagezwe, bino bikaba vyarimwo amabwirizwa ajanye n’inyifato ibereye n’iyitabereye mu vy’igitsina (Gusubira mu Vyagezwe 31:12; Abalewi 18:6-24). Imana ishaka ko abavyeyi bakora uko bashoboye kwose kugira ngo bakingire abana babo umuntu wese yohava abafata nabi canke abagirira nabi.

Icizigiro ku bana

Urukundo rudahera Yehova afitiye abana rwaragaragajwe na Yezu Kirisitu mu buryo bw’akaroruhore, we aranga mu buryo butagira agahaze kamere ya Se wiwe (Yohana 5:19). Igihe intumwa za Yezu zankira abavyeyi kumuzanira abana babo batoyi, ivyo zikaba zabigize ziyumvira ko ziriko zigerageza kumufasha kandi atari vyo, Yezu yarazikosoye azikarira. Yavuze ati: “Ni mureke abana bato baze aho ndi”. Maze, “arabarera, arabahezagira” (Mariko 10:13-16). Abana si abantu ata co bavuze mu nyonga za Yehova Imana canke mu z’Umwana wiwe.

Kukaba nkako, biciye ku Mwami wayo yagenywe ari we Yezu Kirisitu, Imana vuba izogarukira abana bafatwa nabi. Abantu b’abanyamwina babakoresha nabi be na ba ruburakigongwe bo muri iyi si, bazosangangurwa ubutagisubira kubaho (Zaburi 37:10, 11). Ku bagwaneza na bo barondera Yehova, Bibiliya ivuga iti: “Izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kand’urupfu ntiruzoba rukiriho, kand’amaborogo no gutaka n’uburibge ntibizoba bikiriho: kukw ivya mbere bishize”.—Ivyahishuriwe 21:3, 4.

Igihe ivyo bitarashika, Imana iragaragaza urukundo rwayo muri iki gihe mu gutanga imfashanyo yo mu vy’impwemu no mu vy’akanyengetera kuri abo bose bakoreshwa nabi bakongera bakagirirwa nabi. Isezerana iti: “Nzorondera iyazimiye, ngarukane iyahuvye, nunge īvunitse, nsindagize īrwaye” (Ezekiyeli 34:16). Biciye kw’Ijambo ryiwe, ku mpwemu yera yiwe no kw’ishengero rya gikirisu, Yehova arahumuriza abana bacurwa bufuni na buhoro kandi bari mu bukene. Ese ukuntu biteye umunezero kumenya yuko ubu “Data wa twese w’imbabazi, kand’Imana yirura imibabaro yose, itwirura mu marushwa yacu yose”, nk’uko nyene izobigira muri kazoza!—2 Ab’i Korinto 1:3, 4.

[Abo dukesha ifoto ku rup. 17]

© Mikkel Ostergaard/Panos Pictures

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika