Imfungurwa zivuye mu murima wawe bwite
VYASHIKIRIJWE N’UMWANDITSI WA BE MASO! MURI RÉPUBLIQUE CENTRAFRICAINE
MU BIHUGU vyinshi, ikiraza ishinga abantu ku musi ku musi ni ukuntu botunga imiryango yabo. Ukuzimba kw’imboga zisanzwe akenshi kuratuma kuronka igitunga umuryango bitoroha. Naho ari ukwo, bamwebamwe barubuye umuti usa n’uwubayabaye, na wo ukaba ari ukwirimira bimwebimwe mu vyo bafungura!
Hari aho woshima kugerageza gutangura kwirimira akarima gatoyi. Ego ni ko, aho ubaye hashobora kuba hatari ikibanza kinini, mugabo kumbure hafi yaho hariho ikibanza wotunganya kugira ngo ukirimemwo. Iyumvire igitigiri c’amahera woziganya mu kurima ibiribwa binovera kandi bitanga amagara! Kwirimira ibiribwa birashobora mbere kukubera uburyo bwo kugira imyimenyerezo y’umubiri ukeneye. Kwirimira ibiribwa birashobora kandi kuba umugambi w’umuryango uzonezereza abana bawe. Si ivy’imbeshere, kurima imboga ni uburyo bwo kwigisha. Birigisha kamere zimwezimwe nk’ukwihangana (Yakobo 5:7). Vyongeye, kwitegereza ingene ibiterwa bikura birashobora gutuma urushiriza kwiyegereza Umuremyi w’ibintu vyiza vyose.—Zaburi 104:14.
Mugabo ntiwiyumvire yuko kwirimira ibiribwa bidasaba akigoro canke ko uzoronka umwimbu buno nyene. Ariko rero, ubigiranye umwiyemezo ukongera ukamenya ibintu bikeyi ku bijanye no kurima imboga, urashobora kwererwa!
Umuryango umwe ufata ingingo yo kwirimira ibiribwa
Nk’akarorero, rimbura ivyerekeye Timothée na Lucie, bakaba ari abakirisu bubakanye bafise abana babiri, baba i Bangui, umurwa mukuru wa République centrafricaine. Barabonye yuko kugira akarima kabo barimamwo ari uburyo bw’ingirakamaro kandi buhimbaye bwo kwunganira uduhera tubayabaye baronka.
Igihe Lucie yari afise imyaka 13, yararima akarima gatoya hafi y’i muhira, akaba yagakoramwo avuye kwiga be no ku mpera z’imishamvu. Yaranezerezwa no kwihweza ukuntu ibiterwa bikura. Mugabo haciye imyaka, ni ho iciyumviro co gutangura kurima ivyofasha umuryango camujemwo. Yafashe ingingo yo gukoresha ikibanza cari hafi y’i muhira kikaba ahanini cari ico gutamwo umwavu. Lucie yarabonye ko hovamwo ikintu c’ingirakamaro. Aho kugira ngo ukubora kw’uwo mwavu gutume ico kibanza cononekara, uko imyaka yagiye irahaca uwo mwavu wari watumye haba ivu ryiza rituma ibiterwa bikura neza. Lucie na Timothée barafashe ingingo yo guhindura ico kibanza umurima wimbuka.
Batangura igikorwa
Ariko rero, bategerezwa kubanza kugira ubushakashatsi. Baraganiriye n’abandi bazi ivyo kurima imboga, bongera barabatega yompi. Kubera yuko uwo murima wari ukeneye kuvomerwa, barize mbere ingene bokwiyimbira ikinogo c’amazi. Gusoma ibitabu bivuga ivy’uburimyi na vyo nyene vyarabafashije.
Barasomye ivyerekeye ibiterwa bijana n’ibitajana, kandi baramenya yuko ibiterwa bimwebimwe bifashanya gukura. Ariko rero, ibindi biterwa usanga binyohana. Bamwebamwe bavuga yuko ikaroti be n’itomati bikurana neza mu murima w’imboga. Muri ubwo buryo nyene, gutera hamwe iseleri be n’amashu y’ikizungu bituma ivyo biterwa vyompi bimera neza. Igiterwa citwa anete kirakundana n’ubwishaza, amakokombure, isalata hamwe n’ibitunguru vy’amagoma. Ariko rero, ubwoko bw’isalata bwitwa laitues be na peresile ntibikura neza iyo biri kumwe. Ibitunguru bironona imikerera be n’ubwishaza. Igihe ibiterwa bimereranira nabi, birabura inguvu maze bigakarirwa n’indwara be n’udukoko twonona ibiterwa.
Timothée na Lucie barize kandi yuko bitaranga ubukerebutsi kurima ubwoko bumwe bw’igiterwa mu murima. Mu gihe ico giterwa coba gitewe n’udukoko canke indwara, boca bahomba vyose. Gutera ibiterwa bitandukanye vyarobanuwe neza vyarabafashije kugabanya iyo ngeramizi. Utwatsi be n’amashurwe vyatumye uwo murima w’imboga urushiriza kuboneka neza, gukwegera be no gusa neza birongera birakwegera inzuki be n’utundi dukoko dufasha imirima kuguma yimbuka.
Uwo mugore n’umugabo barubuye uburyo bwo kwirinda gukoresha imiti ku biterwa vyabo. Baramenye yuko gutera gusa tungurusumu bishobora kwirukana udukoko tumwetumwe mu murimaa.
Vyabasavye gukora bagatama be n’ukwihangana, mugabo muri iki gihe Timothée na Lucie barafise umurima wimbuka cane. Urimbuka amashu, peresile, itomati, ikaroti, amakokombure be n’intore, rimwe na rimwe bakimbura vyinshi kuruta ivyo umuryango ushobora kumara!
Niwirimire umurima wawe bwite!
Ariko rero, si muri Afirika gusa abantu bubuye akamaro ko kugira umurima wabo bwite. Nk’akarorero, mu Budagi hariho uturima turenga umuliyoni two mu gisagara. Rimwe na rimwe utwo turima bita Schrebergaerten (twitiriwe umuganga w’umudagi yitwa Daniel Schreber), usanga ari uturima dutoduto twegeranye (dufise uburinganire buri hagati y’imetero kwadarato 200 na 400) dukoteshwa ku baba mu gisagara. Nk’uko umushakashatsi umwe abivuga, utwo turima dutoduto “turarangura uruhara ruhambaye mu gutanga ivyamwa be n’imboga bimeze neza”. Iyo mirima ni ahantu hameze nk’iparadizo kuri beneyo, ahantu ho gukorera no gusamira akayaga.
Bibiliya isezerana yuko isi yose uko ingana igiye kuzoba itongo, ni ukuvuga iparadizo nyakuri (Luka 23:43). Ariko rero mu gihe ivyo bitarashika, kumbure woshobora kwironsa agace k’itongo maze ukanezerwa no kuronka imfungurwa zivuye mu karima kawe wirimiye.
[Akajambo k’epfo]
a Nimba ushaka kuronka izindi nama ku bijanye no kwirukana udukoko mu murima utarinze gukoresha imiti yica udukoko, raba ikiganiro kivuga ngo “Le jardinage biologique, une autre façon de jardiner”, mu nomero ya Be maso! (mu gifaransa) yo ku wa 22 Ntwarante 2002.
[Ifoto ku rup. 16]
Timothée na Lucie bariko bararondera amazi yo kuvomera umurima w’umuryango wabo
[Ifoto ku rup. 16]
Akarima k’i Munich, mu Budagi