ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g04 8/1/04 rup. 17
  • “Abakenyezi barakwiye kugaragarizwa icubahiro”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Abakenyezi barakwiye kugaragarizwa icubahiro”
  • Be maso!—2004
  • Ivyo bijanye
  • Icubahiro caroye he?
    Be maso!—2024
  • Bibiliya igiye gushimikwako kuruta uko vyahora!
    Igikorwa dukorera Ubwami—2005
  • Imana yoba vy’ukuri yitaho abakenyezi?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Imana irabatera iteka ikabaha n’icubahiro
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
Be maso!—2004
g04 8/1/04 rup. 17

“Abakenyezi barakwiye kugaragarizwa icubahiro”

Umwigeme umwe w’imyaka 17 yiga muri kaminuza yo mu Buhindi, yaragiye mw’ihiganwa ryo kuvugira imbere y’abantu ryateguwe n’ishure yigamwo. Yahisemwo gukoresha amayagwa yo mu rukurikirane rw’ibiganiro rwo muri Be maso! (mu gifaransa) yo ku wa 8 Mukakaro 1992 ruvuga ngo: “Abakenyezi barakwiye kugaragarizwa icubahiro” (Les femmes méritent le respect).

Umutwe-shimikiro w’insiguro yiwe wavuga ngo: “Abakenyezi boba bagaragarizwa icubahiro muri iki gihe?”. Hoba hari icavuyemwo? Yigana ati: “Natsindiye agashimwe k’uwa mbere muri iryo higanwa”. Arabandanya ati: “Nashaka gukengurukira Be maso! bimwe bivuye ku mutima. Irafasha cane urwaruka nkatwe kubera yuko iguma itumenyesha amakuru menshi kandi agezweho. Iradufasha kandi kuvyifatamwo neza mu mikazo y’iyi si”.

Woba wahimbawe no gusoma iyi nomero ya Be maso!? Yandikwa kugira imurikire abagize umuryango bose, si urwaruka rwonyene. Iki kinyamakuru kirinjira mu mizi kandi kigashira ahabona insobanuro nyakuri y’ibintu biba. Gisohorwa rimwe mu mezi atatu mu kirundi. Ntihagire inomero yaco n’imwe igucika!

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika