ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwyp ikiganiro 5
  • Nokora iki abavyeyi banje bahukanye?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nokora iki abavyeyi banje bahukanye?
  • Urwaruka ruribaza
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ibintu bitatu ukwiye kwirinda
  • Ibintu bitatu wokora
  • Kubera iki papa na mama bavanye?
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 1
  • Kwahukana bigira ingaruka izihe ku bana?
    Icofasha umuryango
  • Nokora iki abavyeyi banje bashwanye?
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 2
Urwaruka ruribaza
ijwyp ikiganiro 5
Umuhungu akiri muto ariko araba hirya ababaye, igihe abavyeyi biwe bariko barashwana.

URWARUKA RURIBAZA

Nokora iki abavyeyi banje bahukanye?

Kimwe mu bintu bitesha umutwe bishikira abakiri bato ni igihe abavyeyi babo bahukanye. Wokora iki kugira uvyihanganire?

Muri iki kiganiro turaza kubona

  • Ibintu bitatu ukwiye kwirinda

  • Ibintu bitatu wokora

  • Ivyo urunganwe rwawe ruvuga

Ibintu bitatu ukwiye kwirinda

1. Kwitako amakosa

«Mawe yarigeze kumbwira ko ingorane zose ziri hagati yiwe na dawe zatanguye igihe navuka, rero vyatumye mbona ko ari je nabaye intandaro y’ugusambuka kw’umubano wabo.»​—Diana.

Urama wibuka iki kintu: Si wewe watumye abavyeyi bawe bahukana. Bahukanye kubera ingorane bo ubwabo bafitaniye. Si we wabaye umuzi w’ingorane kandi ntushoboye no kuzitorera umuti. Ni bo bategerezwa kugira ico bakoze kugira ivyo bibazo vyabo bitorerwe umuti.

«Kuko umwe wese azokwikorera umutwaro wiwe bwite.»​—Abagalatiya 6:5.

2. Kubika inzika

«Dawe arambabaza kubona yarahemukiye mawe. Emwe, nzosubira kumwizigira ntevye!»​—Rianna.

Urama wibuka iki kintu: Ushobora kuba ubabaye kandi ushavuye kubera ivyabaye hagati y’abavyeyi bawe, kandi kuba umerewe gutyo birumvikana. Ariko kubika inzika bironona amagara. Birashobora kukugirira nabi ku mubiri no mu bwenge. Ni co gituma bavuga ko kubika inzika ari nko kurya ishano hama ugaca witega ko uwundi ari we arwara.a

«Tsinda ishavu, ureke kuraka.»​—Zaburi 37:8.

3. Kwibaza nimba nawe uzogira umubano uhimbawe

«Mfise ubwoba ko nzohava nkora nk’ivyo dawe yakoze. Ndatinya ko ninubaka urwanje maze nkaronka abana, nzohava nkora nk’ivyatumye abavyeyi banje bahukana.»​—Jessica.

Urama wibuka iki kintu: Kuba abavyeyi bawe barahukanye ntibisobanura ko nawe ariko bizogenda mu mubano wawe. Nkako, urashobora gukura ivyigwa ngirakamaro ku vyashikiye abavyeyi. Nk’akarorero, woshobora kuraba kamere wipfuza ku wo ushaka ko muzokwubakana. Vyongeye, kuba umubano w’abavyeyi bawe warasambutse birashobora kugufasha gutsimbataza kamere zizotuma uba umugabo mwiza canke umugore mwiza.

«Ahubwo umwe wese nasuzume ibikorwa vyiwe bwite.»​—Abagalatiya 6:4.

Umuhungu akiri muto ariko isima ku kuguru kwiwe yicaye ku ntebe, akaba ariko akoresha orodinateri yiwe.

Gukira ibikomere biterwa no kuba abavyeyi barahukanye bimeze nko gukira imvune. Ububabare ufise bugenda buragabanuka uko haca igihe

Ibintu bitatu wokora

1. Kuganira. Abantu badaserura akababaro kabo akenshi barisuka mu bintu bibagirira nabi, nko kunywa inzoga zirenze n’ibiyayuramutwe. Aho kwigenza gutyo, nugerageze ibi bintu:

Nuganire n’abavyeyi bawe. Nimba abavyeyi bawe, canke umwe muri bo, bariko baragushira mu bibazo vyabo, nubasigurire utekanye ariko kandi ushikamye ko ivyo bikubabaza. Nimba vyokugora kuganira na bo amaso mu yandi, woshobora kwandikira agakete umwe muri bo canke bose.

Umukobwa akiri muto ariko arandika ikete.

Nimuganire n’umugenzi wizigiye. Birashobora kugufasha cane kuronka umuntu agutega yompi yitonze. Bibiliya ivuga ko «umugenzi nyakuri akundana igihe cose, kandi ni uwo muvukana yavukiye kuhaseruka mu gihe c’ivyago.»​—Imigani 17:17.

Nubiganirire Umuremyi. Yehova Imana ‘We yumva amasengesho,’ azokwama akwumviriza. (Zaburi 65:2) Bibiliya ivuga ko ushobora ‘guterera amaganya yawe yose kuri yo, kuko ikubabara.’​—1 Petero 5:7.

  • Ni nde mu bavyeyi bawe mwoshobora kuganira mutekanye kandi mu buryo bwiza?

  • Ni umugenzi uwuhe wizigiye, yaba akiri muto canke akuze, yoshobora kuza aragufasha?

  • Ni ibibazo ibihe wobwira Yehova mw’isengesho?

Itara.

Impanuro: Nuze uragira aho wiyandikiye utuntu. Abavyeyi ba Raquel bahukanye afise imyaka 12. Raquel avuga ati: «Iyo izo ngorane zikiba usanga umuntu ahungabana mu bwenge, ariko iyo ugiye urandika ivyagushikiye, maze mu nyuma ukaraba utwo wiyandikiye, urashobora kubona ko uriko urasubirana, maze ivyo amaherezo bikagufasha kumererwa neza.»

2. Guhuza n’amahinduka

Igihe abavyeyi bahukanye birashobora gutuma wimuka ukaja kuba ahandi, ukaja kwiga ku rindi shure, canke ubuzima wari ubayemwo bugahinduka, mbere ukaronka n’abagenzi bashasha. Birumvikana ko ivyo bishobora kukubabaza, ukagira amaganya, kandi urashobora kubona ko ubuzima bwawe bwahindutse rwose. Ni igiki cogufasha kumenyera ayo mahinduka? Gerageza kuraba ico wokora kugira uhuze n’ayo mahinduka.

  • Ni ihinduka rikomeye irihe wabwirijwe kugira kubera ko abavyeyi bawe bahukanye?

  • Ni ibiki wokora kugira ngo uhuze n’iryo hinduka?

«Nize kubumbwa n’ivyo mfise mu bihe vyose.»​—Abafilipi 4:11.

Itara.

Impanuro: Nuruhuke neza, ufungure imfungurwa ntungamagara, wongere winonore imitsi bihagije. Kugira amagara meza birashobora kugufasha gutekana no kwihanganira ingorane. Ivyo bizogufasha kutarengerwa n’amaganya canke amahinduka aba mu buzima bwawe.

3. Nubone kamere nziza ufise

Naho ukuba abavyeyi bawe barahukanye bishobora gutuma ugira amaganya menshi, birashobora no kugufasha kumenya kamere nziza ufise. Vyoshobora mbere no kugufasha kugira izindi kamere nziza. Jeremy yari afise imyaka 13 igihe abavyeyi biwe bahukana. Avuga ati: «Kuba abavyeyi banje baratandukanye, vyatumye ndushiriza kwitwararika ibintu. Nari umwana w’imfura, rero nabwirizwa gufasha mawe cane nkongera nkashigikira mutoyi wanje.»

Umukobwa akiri muto ariko arafasha mutoyi wiwe agakorwa ko kw’ishure akorera muhira, nyina wiwe akaba ariko arategura ibifungurwa.

Iyo abavyeyi bahukanye birashobora gutuma uba umuntu yitwararika ibintu cane

  • Ni kamere nziza izihe wasanze ufise igihe abavyeyi bahukana?

  • Ni kamere nziza izihe wipfuza gutsimbataza?

«Ivyanditswe vyose vyahumetswe n’Imana kandi ni ngirakamaro . . . mu kugorora ibintu.»​—2 Timoteyo 3:16.

Itara.

Impanuro: Nusome buri musi igice kanaka co muri bibiliya. Ingingo ngenderwako ziri muri yo zizogufasha gutsimbataza kamere ukeneye kugira wihanganire ibihe bitesha umutwe, nk’akarorero kwahukana kw’abavyeyi.

a Kugira umenye n’ibindi , nurabe ikiganiro kivuga ngo «Noshobora gute gutsinda ishavu?»

Ivyo urunganwe rwawe ruvuga

«Ubu naramaze kwiyakira kuba abavyeyi banje barahukanye. Mu ntango, sinatahura ivyariko biraba. Ariko ntanguye ubuyabaga, vyaciye bitangura kumbabaza. Maze kugira imyaka 18, naravyakiriye maze ubuzima burabandanya.»​—Elena.

«Abavyeyi banje bahukanye igihe nari mfise imyaka indwi. Igihe nari mfise imyaka 21, naricaranye na dawe ndamubwira ko nshaka ko tuganira ku bintu vyose vyabaye. Twamaze nk’amasaha abiri tuganira ku vyatumye yahukana na mawe, n’ingaruka vyangizeko. Ndanka ukwahukana, ariko ndakunda dawe kandi naramutahuye. Nariyakiriye hama ndatekana. Kandi ivyo vyaramfashije cane.»​—Katelyn.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika