Ibibazo vy’abasomyi
Igikorwa co kwamamaza inkuru nziza kizohagarara ryari?
Yezu yavuze ati: «Iyi nkuru nziza y’Ubwami izokwamamazwa mw’isi yose kugira bibe intahe ku mahanga yose, maze iherezo rizoca riza.» (Mat. 24:14) Muri uyo murongo no mu murongo wa 6 be n’uwa 13, ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo «iherezo» ni teʹlos. Ryerekeza ku nsozero y’iyi si ya Shetani izoshika kuri Harumagedoni. (Ivyah. 16:14, 16) Tuzobandanya rero kwamamaza inkuru nziza gushika imbere gatoyi y’uko Harumagedoni itangura. Ibi bihinduye uko twahora dutahura ico kintu.
Twahora dutahura ko tuzohagarika kwamamaza inkuru nziza amakuba akomeye atanguye, igihe Babiloni Akomeye azoba asanganguwe. (Ivyah. 17:3, 5, 15, 16) Twiyumvira ko isangangurwa rya Babiloni ryokwerekanye ko wa «mwaka [w’ikigereranyo] wo gushimwa na Yehova» warangiye. (Yes. 61:2) Twiyumvira kandi ko aborokotse amakuba akomeye, bobaye ari abamaze kuja ku ruhande rwa Yehova imbere y’uko iryo sangangurwa rishika. Twabagereranya na ba Bayuda barokoka isangangurwa rya Yeruzalemu mu 607 imbere ya Kristu. Abo Bayuda bari barashizweko ikimenyetso imbere y’iryo sangangurwa kubera ko basenga Yehova kandi bakanka ububisha. (Ezk. 5:11; 9:4) Ariko rero, ukwo kuntu twagereranya ibintu ntibihuye n’ivyo Yezu yavuze muri Matayo 24:14, aherekana ko abantu boronse akaryo ko kwakira inkuru nziza gushika imbere gatoyi y’uko insozero y’iyi si ishika kuri Harumagedoni.
Uyu muco mushasha w’ukuntu ubu dutahura Matayo 24:14, urahinduye n’ukuntu twahora dutahura ibijanye n’ubutumwa bumeze nk’urubura buvugwa mu Vyahishuwe 16:21. Ubushakashatsi bwiyongereye twagize bwerekanye ko ivyo vyanditswe vyunganirana. None tuvyemezwa n’iki? Vyose bihagaze ku kuntu abantu bakira inkuru nziza y’Ubwami. Intumwa Pawulo yanditse ko ku «bariko barakizwa», ubwo butumwa ari inkuru nziza, canke «akamoto k’ubuzima.» Ariko ku bansi b’Imana ni inkuru mbi, ni «akamoto k’urupfu.» (2 Kor. 2:15, 16) Baranka inkuru nziza y’Ubwami kubera ko ishira ku mugaragaro ingene isi bikundira imeze. Ni isi yuzuye ububisha, itwarwa na Shetani, kandi iri mu gusangangurwa.—Yoh. 7:7; 1 Yoh. 2:17; 5:19.
Niwibuke kandi ko rwa rubura rw’ikigereranyo ruvugwa mu Vyahishuwe ruzoba ‘rukomeye bidasanzwe.’ Ivyo bisigura ko mu kiringo ca ya makuba akomeye, ubutumwa twamamaza buzokomera cane, ni ukuvuga ko izina rya Yehova rizomenyekana ku rugero rutari bwigere rubaho. (Ezk. 39:7) None ico gihe Babiloni Akomeye niyamara gusangangurwa, hoba hariho abantu bazoshima kwakira inkuru nziza, bakayibona nk’akamoto keza? Birashoboka cane. Hari aho boca bibuka ko Ivyabona vya Yehova bari bamaze imyaka myinshi bamenyesha ko amadini y’ikinyoma yokuweho.
Ivyo birasa n’ivyabaye mu Misiri inyuma ya vya vyago cumi. Yehova amaze ‘gushitsa urubanza yaciriye imana zose za Misiri’, hari «isinzi rinini ry’abanyamahanga» ryiyunze ku basavyi biwe. (Kuv. 12:12, 37, 38) Abo banyamahanga bashobora kuba bagiye ku ruhande rwa Yehova, aho baboneye ingene ivyo Musa yavuze vyose ku bijanye na vya vyago cumi birangutse.
Umuntu wese azoja ku ruhande rwa Yehova inyuma y’isangangurwa rya Babiloni Akomeye, azoba agifise akaryo ku gukorera iciza benewabo na Kristu bazoba bakiri ng’aha kw’isi. (Mat. 25:34-36, 40) Ariko ntiwumve, ako karyo ko kwitwa intama kazorangira gatoyi imbere y’uko Harumagedoni itangura, igihe abarobanuwe bazoba bagisigaye ng’aha kw’isi bazoronka impera yabo mw’ijuru.
Uyu muco mushasha urerekana neza urukundo ntangere rwa Yehova be n’imbabazi ziwe nyinshi. Ego cane, «[nta]shaka yuko hagira n’umwe ahona, ahubwo ashaka ko bose baronka akaryo ko kwigaya.»—2 Pet. 3:9.