Yezu aratwereka ingene twobaho duhimbawe
‘Tugende nk’uko [Yezu] yagenda.’—1 Yohani 2:6.
NK’UKO ikiganiro c’imbere y’iki cavyerekanye, Yezu yabayeho ahimbawe. Nimba rero natwe twipfuza kubaho duhimbawe, vyoba vyiza tumwiganye tukongera tukumviriza impanuro aduha.
Kukaba nkako, ivyo nyene ni vyo Yehova aduhimiriza gukora, nk’uko ico canditswe kiri aho haruguru kivyerekana. Kugenda nk’uko Yezu yagenda bisaba ko twisunga akarorero kiwe n’inyigisho ziwe mu mice yose y’ubuzima bwacu. Ivyo bizotuma dushimwa n’Imana, bitume kandi tubaho duhimbawe.
Inyigisho za Yezu zarimwo ingingo ngenderwako zishobora kudufasha kugenda nk’uko yagenda. Nyinshi muri izo tuzisanga muri ya Nsiguro rurangiranwa yashikiriza ari ku Musozi. Reka twihweze nkeyi gusa muri zo, turabe n’ukuntu twozishira mu ngiro mu buzima bwacu.
INGINGO NGENDERWAKO: “Hahiriwe abazi ko bakeneye ivy’impwemu.”—Matayo 5:3.
INGENE IYO NGINGO NGENDERWAKO IFASHA UMUNTU KUBAHO AHIMBAWE:
Ayo majambo Yezu yavuze arerekana ko abantu bavukana agatima ko gushaka kumenya ivy’Imana. Turipfuza cane kumenya inyishu z’ibibazo nk’ibi: Ni kubera iki turiho? Kubera iki hari imibabaro myinshi kw’isi? Imana yoba itubabaye vy’ukuri? Hoba hariho ubuzima inyuma y’urupfu? Kugira tubeho duhimbawe, turakeneye kumenya inyishu z’ivyo bibazo. Yezu yari azi yuko ata handi tworonka inyishu zo kwizigirwa z’ivyo bibazo atari mw’Ijambo ry’Imana. Igihe yariko arasenga Se wiwe, yavuze ati: “Ijambo ryawe ni ukuri.” (Yohani 17:17) None Ijambo ry’Imana ryoba vy’ukuri rishobora kutumara inyota dufise yo kumenya ivy’Imana?
KARORERO K’IVYABAYE KOKO:
Uwitwa Esa yari umuririmvyi kizigenza mu mugwi uzwi cane w’abacuraranzi b’umuziki witwa rock, akaba yari mu kuba umuririmvyi rurangiranwa. Naho ari ukwo, yarumva ko hari ikibuze mu buzima bwiwe. Avuga ati: “Naho naryoherwa no kuba ndi muri uwo mugwi, naripfuza cane kubaho mpimbawe vy’ukuri.” Mu nyuma Esa yahavuye ahura n’Icabona ca Yehova umwe. Ubwiwe avuga ati: “Naramucucagiye ibibazo. Ariko nyishu zumvikana yampaye kandi zishingiye kuri Bibiliya zatumye nipfuza kumenya vyinshi, nca ndemera kwigana na we Bibiliya.” Ivyo Esa yamenye mu kwiga Bibiliya vyaramukoze ku mutima bituma yegurira ubuzima bwiwe Yehova. Avuga ati: “Imbere y’aho, nama ndi mu ngorane. Ariko ubu ubuzima bwanje burafise intumbero.”a
INGINGO NGENDERWAKO: “Hahiriwe abanyembabazi.”—Matayo 5:7.
INGENE IYO NGINGO NGENDERWAKO IFASHA UMUNTU KUBAHO AHIMBAWE:
Umuntu w’umunyembabazi aritwararika abandi, akabagaragariza impuhwe n’ubuntu. Yezu yaragaragariza imbabazi abakeneye gufashwa. Impuhwe nyinshi yagirira abantu zaratuma yibwiriza gufasha abamerewe nabi. (Matayo 14:14; 20:30-34) Iyo twiganye Yezu mu kuba abanyembabazi biratuma duhimbarwa, maze tukarushiriza kuryohererwa ubuzima. (Ivyakozwe 20:35) Turashobora kugaragariza abandi imbabazi biciye ku bintu biranga ubuntu tubabwira canke tubakorera, ivyo bigatuma abakeneye ko tubafasha bahatorera akoyoko. None kugaragariza abandi imbabazi vyoba vy’ukuri bituma turushiriza kumererwa neza?
Maria na Carlos
AKARORERO K’IVYABAYE KOKO:
Maria n’umunega wiwe Carlos ni abanyembabazi. Se wa Maria yarapfakaye, hakaba kandi haciye imyaka mikeya ari ku musego kubera amagara yamuhindutse. Maria na Carlos baramuzanye mu rugo iwabo, kandi ni bo bamumenya muri vyose. Biramaze gushika akatari gake bakarara batagohetse, bakanamunyarukana kwa muganga iyo agize ingorane kubera indwara arwaye y’igisukari. Bariyemerera yuko bishika bakumva ko barushe vy’ukuri. Mugabo nk’uko Yezu yabivuze, barahimbawe cane kubera bazi yuko bariko bitwararika ivyo se wa Maria akeneye.
INGINGO NGENDERWAKO: “Hahiriwe indemeshamahoro.”—Matayo 5:9.
INGENE IYO NGINGO NGENDERWAKO IFASHA UMUNTU KUBAHO AHIMBAWE:
Ni mu buryo ki kuba indemeshamahoro bituma umuntu arushiriza kubaho ahimbawe? Kimwe coco, turarushiriza kugiranira n’abandi imigenderanire myiza. Vyoba vyiza rero twumviye iyi mpanuro Bibiliya itanga igira iti: “Nimba bishoboka, uko bivana namwe kwose, mubane amahoro n’abantu bose.” (Abaroma 12:18) Muri abo “bantu bose” harimwo abo mu muryango wacu hamwe n’abandi twoba tudasangiye ukwemera. None kuba indemeshamahoro ku “bantu bose,” vyoba vy’ukuri bishobora gutuma turushiriza guhimbarwa?
Nair
AKARORERO K’IVYABAYE KOKO:
Rimbura ivyashikiye umukenyezi umwe yitwa Nair. Mu myaka itari mike iheze, yagiye arahura n’ingorane nyinshi zatuma bitoroha ko aguma ari indemeshamahoro, na canecane mu muryango wiwe. Ubu haraheze imyaka nka 15 umugabo wiwe amutaye, agasigara yireranye abana. Umwe mu bahungu biwe yarafata ibiyayuramutwe kandi vyarashika akatari gake akananirana, agatera ubwoba nyina na mushikiwe. Nair abona ko ivyo yize muri Bibiliya vyamuronkeje inkomezi zo kuba indemeshamahoro no muri ivyo bihe bitoroshe. Aragerageza kwirinda impari n’imitongano. Arihatira kugaragaza ubuntu, impuhwe, no gutahura abandi. (Abanyefeso 4:31, 32) Nair arabona neza yuko kwiga kuba indemeshamahoro vyamufashije kugiranira imigenderanire myiza cane n’abo mu muryango wiwe hamwe n’abandi.
IVYO KAZOZA KATUBIKIYE
Nitwashira mu ngiro impanuro nziza Yezu yatanze, tuzobaho tunezerewe, dushima ukuntu ivyacu vyifashe. Mugabo rero kugira ngo tubeho duhimbawe vy’ukuri, turakeneye kandi kumenya ico kazoza katubikiye. Nakare, vyoshoboka gute ko tubaho duhimbawe vy’ukuri kandi tuzi yuko tuzoteba tugasaza, tukarwara, amaherezo tugapfa, ivyacu bikaba birangiye? Ariko ntiwumve, ivyo nyene ni vyo bidushikira mu buzima bwo muri iyi si.
Ariko inkuru nziza womenya ni uko hariho imihezagiro myinshi Yehova abikiye abo bose bihatira ‘kugenda nk’uko Yezu yagenda.’ Yehova asezerana yuko vuba agiye kuzana isi nshasha igororotse, aho abantu b’abizigirwa bazobaho ibihe bidahera kandi bafise amagara atagira akanenge, nk’uko yari yavyipfuje mu ntango. Ijambo ryiwe rivuga riti: “Ehe ihema ry’Imana riri kumwe n’abantu, kandi izobana na bo, na bo bazoba ibisata vyayo. Kandi Imana ubwayo izobana na bo. Kandi izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kandi urupfu ntiruzoba rukiriho, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare ntibizoba bikiriho. Ivya kera vyagiye.”—Ivyahishuwe 21:3, 4.
Wa mugore w’imyaka 84 yitwa Maria twavuga mu kiganiro ca mbere co muri uru rukurikirane, arashashaye kubona ayo majambo aranguka. Weho bite? Woba wipfuza kumenya n’ibindi ku bijanye n’“ubuzima nyakuri” abantu bazogira igihe Ubwami bw’Imana buzoba buganza? (1 Timoteyo 6:19) Nimba uvyipfuza, urashobora kubaza Ivyabona vya Yehova bo ng’aho iwanyu canke ukandikira abasohoye iki kinyamakuru.b
a Urashobora gusoma inkuru yose ya Esa mu kiganiro kivuga ngo “Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu: Nari umuntu atoroshe.”
b Igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?, igisohorwa n’Ivyabona vya Yehova, carafashije benshi gutohoza ico Bibiliya ivuga ku bibazo bitandukanye.