BIBILIYA IRAHINDURA UBUZIMA BW’ABANTU
“Nari umuntu atoroshe”
YAVUTSE MU 1960
IGIHUGU AKOMOKAMWO: FINLANDE
IVYO YACIYEMWO: UMUCURARANZI W’UMUZIKI WITWA HEAVY METAL
KAHISE KANJE:
Nakuriye i Turku, igisagara kibamwo abantu baciye bugufi kiri hafi y’ikiyaga. Dawe yari karuhariwe mu rukino rwo guterana ibipfunsi, kandi na jewe na murumunanje twararujamwo cane. Nkiri ku ntebe y’ishure, baransomborotsa akatari gake; nanje sinabura guca nshira mu bipfunsi. Ngeze mu buyabaga, narifatanije n’akagwi k’inkozi z’ikibi kari kazwi nabi cane, ivyo bikaba vyaratumye nja no mu yindi mishamirano myinshi. Vyongeye, naratanguye kwumviriza umuziki ukaze witwa heavy metal, ntangura no kugira icipfuzo co kuba umucuraranzi rurangiranwa wa mwene iyo miziki.
Naraguze ingoma nka zingahe, ndashinga n’umugwi w’abacuraranzi, maze budakeye na kabiri nsigara ndi umuririmvyi kizigenza w’uwo mugwi. Igihe twaba turemesheje igiteramo, nararirimba ngaheba ngasara. Kubera ko twaririmba indirimbo zirimwo amajambo akaze, tukaba kandi twasa n’ibikoko umuntu aturavye, twahavuye tuvugangwa cane. Twaratanguye kuremesha ibiteramo imbere y’abantu benshi cane, turasohora n’indirimbo nkeya, izasohotse ubwa nyuma muri zo zikaba ari zo zakunzwe cane. Mu mpera z’imyaka ya 1980, twaragiye muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika kugira tumenyekanishe uwo mugwi wacu. Twararemesheje ibiteramo bikeya i New York n’i Los Angeles, turabonana n’abahinga bamwebamwe mu vyo gusohora imiziki imbere y’uko dusubira muri Finlande.
Naho naryoherwa no kuba ndi muri uwo mugwi, naripfuza cane kubaho mpimbawe vy’ukuri. Naravunywe umutima n’uguhiganwa gukaze kwarangwa mu rudandaza rw’umuziki, nongera ndababazwa n’ukuntu nari mbayeho mu buryo butabereye. Nabona ko ndi umuntu mubi, nkaba naratinya kuzoja mu muriro udahera. Ibibazo nari mfise, naragerageje kubironderera inyishu mu bitabu vy’ubwoko bwose bivuga ivy’Imana. Vyongeye, naringinze Imana ngo imfashe naho nabona ko ntazopfa ndayihimbaye.
UKUNTU BIBILIYA YAHINDUYE UBUZIMA BWANJE:
Kugira ngo ndonke ikimbeshaho, nakora ku biro vya posita vyo mu karere nabamwo. Umusi umwe, naramenye yuko umwe mu bo twakorana yari Icabona ca Yehova. Naramucucagiye ibibazo. Ariko inyishu zumvikana yampaye kandi zishingiye kuri Bibiliya zatumye nipfuza kumenya vyinshi, nca ndemera kwigana na we Bibiliya. Tumaze indwi nka zingahe twiga Bibiliya, umugwi wacu wararonse kontara ishimishije yo gusohora umuziki wacu, bishobotse hagasohorwa muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika urukurikirane rw’indirimbo zacu. Nabona yuko ngishije ako karyo ata kandi nopfuye ndonse mu buzima.
Narabwiye Icabona ca Yehova yanyigisha Bibiliya yuko nipfuza cane gusohora urundi rukurikirane rw’imiziki, mu nyuma nkabona kwihatira gushira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya mu buzima bwanje. Ntiyavuze ico avyiyumvirako; yansavye gusa gusoma amajambo Yezu yavuze ari muri Matayo 6:24. Uwo murongo uvuga uti: “Nta woshobora gushumbira ba shebuja babiri.” Naratangaye cane igihe natahura ico ayo majambo ashaka kuvuga. Mugabo haciye imisi mikeya, uwo yanyigisha Bibiliya na we nyene yaratangaye cane igihe namubwira yuko navuye muri wa mugwi kubera ko nipfuza gukurikira Yezu!
Bibiliya yambereye nk’icirore kimfasha kubona utunenge mfise. (Yakobo 1:22-25) Narabonye ko nari umuntu atoroshe, kuko nari mfise ubwishime kandi ngahahamira cane kuba agakomeye. Nakoresha imvugo mbi, nkarwana, nkanywa itabi, nkongera nkanywa inzoga zirenze urugero. Maze gutahura yuko nabaho mu buryo buteye kubiri n’ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya, numvise niyanse. Mugabo nari niteguriye kugira amahinduka akenewe.—Abanyefeso 4:22-24.
‘Data wa twese wo mw’ijuru ni umunyembabazi, kandi aripfuza kuvura inguma z’abigaya amakosa bakoze’
Mu ntango canecane, nariyagiriza rwose kubera amafuti nari narakoze. Mugabo Icabona ca Yehova yanyigisha Bibiliya yaramfashije cane. Yaranyeretse amajambo Bibiliya ivuga muri Yesaya 1:18, ahagira hati: “Naho ibicumuro vyanyu vyoba bimeze nk’agahama, bizogirwa ivyera derere.” Uwo murongo wo muri Bibiliya hamwe n’iyindi, yaranjijuye yuko Data wa twese wo mw’ijuru ari umunyembabazi, kandi ko yipfuza kuvura inguma z’abigaya amakosa bakoze.
Maze kumenya Yehova ngatangura no kumukunda, naragize icipfuzo co kumwegurira ubuzima bwanje. (Zaburi 40:8) Nabatijwe mu 1992 kw’ihwaniro mpuzamakungu ry’Ivyabona vya Yehova ryabereye i Saint-Pétersbourg, mu Burusiya.
IVYIZA NAHAKUYE:
Narironkeye abagenzi beza benshi mu basavyi ba Yehova. Hari igihe duhurira hamwe tugacuraranga umuziki umeze neza, tukaryohererwa iyo ngabirano y’Imana. (Yakobo 1:17) Umuhezagiro udasanzwe naronse ni umukenyezi wanje nkunda cane yitwa Kristina. Turasangira akabisi n’agahiye, amahirwe n’amagorwa, nkamubwira n’akari ku mutima.
Iyo ntaba Icabona ca Yehova, sinzi ko mba nkiriho. Imbere y’aho, nama ndi mu ngorane. Ariko ubu ubuzima bwanje burafise intumbero, kandi mbona vyose vyifashe neza.