ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w12 15/8 rup. 31-32
  • Ingendo abasuku b’ingenzi ba kera bagira

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ingendo abasuku b’ingenzi ba kera bagira
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
w12 15/8 rup. 31-32

Ivyo mu bushinguro bwacu

Ingendo abasuku b’ingenzi ba kera bagira

“SINSHOBORA kwamamaza inzu ku nzu!” Emwe, abatohoji ba Bibiliya bashasha benshi babona ibintu gutyo nyene ku bijanye n’iciyumviro co kubwira inkuru nziza abantu batazi! Ariko rero, ayo majambo yavuzwe n’umushikirizansiguro w’icese aciye uruma akaba n’umwigisha wa Bibiliya yari umusuku w’ingenzi (pèlerin).

Abasomyi benshi b’Umunara w’Inderetsi w’i Siyoni (mu congereza) bahevye amadini barimwo bari bashashaye kwifatanya n’abari banyotewe ukuri kwo muri Bibiliya nka bo. Ico kinyamakuru cahimirije abagisoma kurondera abandi bafise ukwizera kw’agaciro nk’ukwabo, bakaza barakoranira hamwe kugira ngo bige Bibiliya. Guhera nko mu 1894, ishirahamwe Watch Tower ryararungika abariserukira b’ingenzi kugira ngo baje kubonana n’imigwi yaba yasavye ko yogenderwa. Abo bagabo baciye uruma kandi bakora cane bacagurwa hisunzwe ukuba bari abantu batekereza, bafise ubumenyi bwo muri Bibiliya, bazi kuvuga no kwigisha be n’ukuba baremera incungu badahemuka. Urugendo nk’urwo rwamara umusi umwe gusa canke ibiri yuzuyemwo ibikorwa. Abatohoji ba Bibiliya benshi batangura guhonja ku murimo wo mu ndimiro mu gutanga udupapuro two gutumira abantu ku nsiguro y’icese yashikirizwa n’umusuku w’ingenzi. Uwitwa Hugo Riemer, uno akaba yahavuye aba mu bagize Inama Nyobozi, amaze gushikiriza insiguro ku mugoroba mw’ishure rimwe, yarishuye ibibazo bishingiye kuri Bibiliya gushika mu gicugu. Naho yari arushe, yavuze ahimbawe ko iryo koraniro ryari “riryoshe.”

Umunara w’Inderetsi wavuze ko “iciza nyamukuru” c’ingendo zagirwa n’abasuku b’ingenzi kwari ugukomeza “inzu y’abizera” biciye ku makoraniro yabera mu mazu y’abemera. Abatohoji ba Bibiliya bo mu turere two mu micungararo baraza gukurikirana insiguro no kugira uruhara mu biringo vyo kubaza ibibazo no guhabwa inyishu. Haca hakurikira ikiringo co kugaragaza ubwakiranyi bw’abakirisu. Igihe Maude Abbott yari akiri akigeme, yaritavye insiguro yashikirijwe mu gitondo, inyuma y’aho abantu bose bakaba baciye bakoranira ku meza ndende yari ku mbuga. Avuga ati: “Hari ibifungurwa biryoshe vyinshi cane: uri imisoso y’ingurube, inkoko zikaranze mu mavuta, imikate y’ubwoko bwinshi n’amagato! Umuntu wese yarya ivyo yaba ashoboye vyose, maze nk’isaha umunani tugakoranira hamwe kugira ngo dukurikire iyindi nsiguro.” Mugabo yiyemerera ati: “Ico gihe umwe wese yaba ariko aratura inginga.” Umusuku w’ingenzi wa kera yitwa Benjamin Barton yarigeze kuvuga ati: ‘Iyo nza kuba nararya ibintu vyose biryoshe nahabwa, mba nararangije kera cane igikorwa c’ubusuku bw’ingenzi.’ Mu nyuma, hari ikete ryavuye ku cicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova i Brooklyn ryagiriye inama bashiki bacu b’umutima mwiza yuko vyoba vyiza abo bose vyega bagiye bararonsa umusuku w’ingenzi “imfungurwa zisanzwe ku musi ku musi” be n’“umwanya ukwiye wo kuruhuka.”

Abasuku b’ingenzi bari abahanga mu kwigisha no mu gukoresha ibicapo, uburorero bw’ibintu bifadika, canke ikintu ico ari co cose baba bafise kugira ngo batume ikiganiro cabo kiba igikora ku mutima. Insiguro za Richard H. Barber “zama zirimwo ibirungo vyo mu buryo bw’impwemu.” Walter J. Thorn, uwagaragaza kamere nk’iza sebibondo, yavuga “nk’umwe muri ba sokuruza b’imiryango ba kera.” Igihe uwitwa Shield Toutjian yari mu muduga wo mu bwoko bwa Model A Ford, bagiye bumva asemerera ngo “Hagarara!” Yaciye asimba ava muri uwo muduga, yaha amashurwe makeya yo mw’ishamba, maze aha abo bari kumwe icigwa atari yateguye ku bijanye n’ivyo Yehova yaremye.

Igikorwa c’abasuku b’ingenzi nticari coroshe, na canecane ku bantu baba bafise imyaka iri hagati ya 40 na 60 canke irenga. Ariko rero, kuri bamwebamwe ikigeragezo gikomeye kuruta ibindi cabaye igihe haba ihinduka mu bijanye n’ukuntu bari basanzwe bakora ico gikorwa. Ico gihe basabwe kuja imbere abandi mu kwamamaza inzu ku nzu. Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Ntwarante 1924, wavuze yuko “kimwe mu bikorwa nyamukuru” abakirisu b’ukuri bashinzwe “[ari] ugushingira intahe Ubwami. Abasuku b’ingenzi barungikwa ku bw’iyo ntumbero.”

Biboneka ko hari abasuku b’ingenzi bashavujwe n’iryo hinduka, kuko baciye baheba igikorwa co kugendera abemera, bamwebamwe mu bari bacitse intege mbere barashinga amadini yabo bwite. Uwitwa Robie D. Adkins yiganye yuko hari umusuku w’ingenzi yari umushikirizansiguro w’umuhanga yidoze ashavuye ati: “Nta kindi nzi atari ukwamamariza ku mukiruruko. Sinshobora kwamamaza inzu ku nzu!” Umuvukanyi Adkins yavuze ivyo yibuka ati: “Nasubiye kumubona kw’ihwaniro ry’intara ryari ryabereye i Columbus muri Ohio mu 1924. Ni we muntu yaboneka ko agowe kuruta abandi bose bari ng’aho, akaba yari ahagaze ari wenyene yugamye izuba munsi y’igiti gitoya, yijiriwe mu bavukanyi ibihumbi n’ibihumbi bari banezerewe. Ijisho ryabaye iryo. Budakeye na kabiri yarahevye ishirahamwe.” Ariko rero, “abavukanyi benshi bahimbawe bariko bararengana bafise ibitabu babijanye mu miduga yabo,” bikaba vyaboneka yuko bari bashashaye gushinga intahe inzu ku nzu.​—Ivyak. 20:20, 21.

Abasuku b’ingenzi benshi, naho bashobora kuba bari bahagaritse umutima nk’abavukanyi babwirizwa kumenyereza, barashize umutima kuri ico gikorwa. Ku bijanye no gushinga intahe inzu ku nzu, umusuku w’ingenzi umwe yavuga ikidagi yitwa Maxwell G. Friend (Freschel) yanditse ati: “Uwo muce w’igikorwa c’ubusuku bw’ingenzi uratuma imihezagiro iva kuri urwo rugendo yiyongera.” Umusuku w’ingenzi yitwa John A. Bohnet yavuze ko abavukanyi muri rusangi bashigikiye babikuye ku mutima ivy’uko ukwamamaza Ubwami kwashimitsweko. Nk’uko yabivuze, benshi cane mu bavukanyi “baripfuza rwose kuja imbere muri urwo rugamba.”

Uko imyaka yagiye irahaca, abavukanyi b’ingenzi b’abizigirwa baragize akosho keza ku bandi. Uwitwa Norman Larson, akaba yari amaze igihe kirekire ari Icabona, yavuze ati: “Agaciro k’abasuku b’ingenzi be n’ivyo abandi babungukirako vyari ntaseswa, nk’uko mbere navyiboneye igihe nari nkiri agahungu. Barafashije cane kumbumbabumba mu buryo bwiza.” Gushika uyu musi, mwene abo bacungezi b’ingenzi bitanga kandi b’intahemuka bariko barafasha abo basangiye ukwemera kuvuga ngo “Turashobora kwamamaza inzu ku nzu!”

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 32]

Igihe umusuku w’ingenzi yaba yagendeye abemera waba ari umusi uteye umunezero!

[Ifoto ku rup. 31]

Mu rugendo Benjamin Barton yagize mu 1905 yagendeye ibibanza nka 170

[Ifoto ku rup. 32]

Walter J. Thorn yari umusuku w’ingenzi, yatazirwa Papa kubera ko yari ameze nk’umuvyeyi akagira n’agatima nk’aka Kristu

[Ifoto ku rup. 32]

J. A. Browne yarungitswe muri Jamayike ari umusuku w’ingenzi nko mu 1902 kugira ngo akomeze yongere aremeshe imigwi mitomito 14

[Ifoto ku rup. 32]

Igikorwa c’ubusuku bw’ingenzi carakomeza ukwizera n’ubumwe bw’abakirisu, kandi kigatuma abavukanyi biyegereza ishirahamwe

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika