Woba uvyibuka?
Woba warasomye witonze inomero z’Umunara w’Inderetsi za vuba? Raba nimba ushobora kwishura ibibazo bikurikira:
Umushatsi wa Samusoni woba waratuma agira inkomezi?
Umushatsi wa Samusoni ubwawo ntiwatuma agira inkomezi. Wagereranya ubucuti budasanzwe yari afitaniye n’Imana ari Umunaziri. Ubwo bucuti bwarononekaye igihe Delila yamumwa umushatsi.—15/4, urupapuro rwa 9.
Ni ibintu bitatu ibihe bishobora kugira ikintu ciza bikoze ku mutima wacu w’ikigereranyo, dufatiye ku mutima nya mutima wacu?
(1) Imfungurwa. Nka kurya nyene umutima nya mutima wacu ukenera imfungurwa ngirakamaro, ni na ko dukeneye ibifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu bimeze neza bikwiye. (2) Kwinonora. Kugira uruhara n’umwete mu busuku birashobora gutuma umutima wacu w’ikigereranyo uguma umeze neza. (3) Abadukikuje. Turashobora kugabanya imikazo mu kwifatanya n’abo dusangiye ukwemera batwitwararika.—15/4, urupapuro rwa 16.
Umwe mu bubakanye amaze guhemuka, abo bubakanye bosubira gute kwizigirana?
Bakwiye (1) kuvugana ukuri; (2) gusenyera ku mugozi umwe; (3) gusubiriza utumenyero twa kera udushasha; no (4) kumenya igihe co kwikuramwo inzika, bakarondera gukiza ubucuti bwabo, ni ukuvuga gutuma busubira kumera neza.—1/5, urupapuro rwa 12-15.
Kubera iki uwushikiriza insiguro y’amaziko adakwiye kwerekeza ibivugwa muri Zaburi 116:15 kuri uwo yapfuye?
Ico canditswe kivuga giti: “Urupfu rw’intahemuka za Yehova ni urw’agaciro mu maso yiwe.” Ivyo bisobanura ko Imana itazoreka ngo intahemuka zayo zose zipfe kubera ko ibona yuko ziri n’agaciro kanini. Ntizoreka ngo abasavyi bayo uko bagize umugwi baherengetere kw’isi.—15/5, urupapuro rwa 22.
Aba colporteurs bari bande?
Imbere ya 1931, imvugo ngo aba “colporteurs” yakoreshwa ku bo twita abatsimvyi ubu.—15/5, urupapuro rwa 31.
Ni ibintu bimwebimwe ibihe vyerekana ko Bibiliya atari gusa ikindi gitabu canditswe n’abantu?
Bibiliya irimwo ubuhanuzi bwinshi bwarangutse. Irimwo amakuru ajanye na kahise atagiramwo amakosa, ntirimwo ibitito. Igihe ivuga ivy’ubuhinga ntiyihenda, kandi ibitabu biri muri yo birahuza. Ni ngirakamaro muri iki gihe.—1/6, urupapuro rwa 4-8.
Ni bande bagize “ubwo bwami bwose” buvugwa muri Daniyeli 2:44?
Aho herekeza ku bwami, ni ukuvuga intwaro, bugereranywa n’ibihimba bitandukanye vya ca gishusho c’ubutare casiguwe na Daniyeli.—15/6, urupapuro rwa 17.
Ni ryari intwaro nganzasi y’Abongereza n’Abanyamerika yabaye ya ntwaro nganzasi igira indwi ivugwa mu buhanuzi bwo muri Bibiliya?
Iyo ntwaro nganzasi igizwe n’ibihugu bibiri yabayeho igihe Ubwongereza na Leta Zunze Ubumwe za Amerika zakorana mu buryo budasanzwe mu Ntambara ya mbere y’isi yose.—15/6, urupapuro rwa 19.
Ni gute Imana ibabarira kandi ikibagira ibicumuro vy’abantu bigaye?
Yehova avuga ku bijanye n’abo atonesha ati: “Igicumuro cabo sinzosubira kucibuka.” (Yer. 31:34) Arashobora kubabarira ibicumuro yishimikije incungu. Igihe Imana ibabariye ibicumuro, iribagira mu buryo bw’uko itavyibuka kugira ngo isubire kubihanira bene kubikora.—1/7, urupapuro rwa 18.
Kubera iki twokwemera ibitangaro bivugwa muri Bibiliya?
Akenshi vyabera ku mugaragaro, ntivyabera mu mpisho. Vyaba ata bintu bihanitse vyiriwe biragirwa, kandi hadakoreshejwe ibintu bidasanzwe. Vyakorwa kugira ngo bininahaze Imana, ntikwari ukugira ngo bininahaze abantu. Harakozwe ibitangaro bitandukanye cane, kandi abarwanya ababikora ico gihe ntibahaririye ko bitabaye. Izo ni imvo zikwiye gutuma twizigira ibitangaro bivugwa muri Bibiliya.—1/8, urupapuro rwa 7-8.