Igizwe n’ibitabu bihuza
“Ubuhanuzi [nta] ho bwigeze buzanwa n’ukugomba kw’umuntu, ahubwo abantu bavuze ivyava ku Mana nk’uko bari barongowe n’impwemu nyeranda.”—2 PETERO 1:21.
BIBILIYA ITANDUKANIYE HE N’IBINDI BITABU? Ivyandikano vya kera akenshi usanga bivuguruzanya naho biba vyanditswe mu gihe kimwe. Ibitabu vyanditswe n’abantu batandukanye, mu bibanza bitandukanye, no mu bihe bitandukanye, ni gake bihuza ijana kw’ijana. Ariko Bibiliya ivuga ko ibitabu 66 biyigize bikomoka kuri Umwe, bikaba birimwo ubutumwa bumwe kandi buhuza.—2 Timoteyo 3:16.
AKARORERO: Musa, umwungere wo mu kinjana ca 16 imbere y’igihe cacu, yanditse mu gitabu ca mbere ca Bibiliya ko hari “uruvyaro” rwoje gukiza abantu. Ico gitabu cahavuye kivuga yuko urwo ruvyaro rwokomotse kuri Aburahamu, Izahaki, na Yakobo. (Itanguriro 3:15; 22:17, 18; 26:24; 28:14) Haciye nk’imyaka 500, umuhanuzi Natani yahishuye yuko urwo ruvyaro rwokomotse mu muryango wa cami wa Dawidi. (2 Samweli 7:12) Imyaka igihumbi inyuma y’aho, intumwa Paulo yarasiguye yuko urwo ruvyaro rwobaye rugizwe na Yezu be n’umugwi w’abayoboke yatoranije. (Abaroma 1:1-4; Abagalatiya 3:16, 29) Amaherezo, mu mpera z’ikinjana ca mbere mu gihe cacu, igitabu ca nyuma ca Bibiliya caravuze yuko abagize urwo ruvyaro boshingiye intahe Yezu kw’isi, bakazukira kuba mw’ijuru kandi bagafadikanya na we kuganza imyaka 1.000. Urwo ruvyaro rugizwe na benshi ruzokuraho Shetani, rukize umuryango w’abantu.—Ivyahishuwe 12:17; 20:6-10.
ICO ABASOBANUZI B’IVYA BIBILIYA BABIVUGAKO: Uwitwa Louis Gaussen, amaze gusuzuma yitonze ibitabu 66 bigize Bibiliya, yanditse yuko yatangajwe n’“ukuntu ibigize ico gitabu bihuza bimwe vy’agatangaza, naho canditswe mu myaka igihumbi n’amajana atanu kandi kikandikwa n’abantu benshi cane, . . . bose barondera gushika ku mugambi umwe rudende, kandi bakaguma batera imbere, nk’aho boba bari barabivuganye, bagana kuri iryo hangiro rikomeye rimwe, ni ukuvuga inkuru ijanye n’icungurwa ry’isi biciye ku Mwana w’Imana.”—Théopneustie ou Inspiration Plénière des Saintes Écritures.
UVYIBAZAKO IKI? Woba wokwitega ko igitabu canditswe mu myaka irenga 1.500 kikandikwa n’abagabo nka 40 kivuga ibintu bihuza ijana kw’ijana? Canke riho twovuga ko Bibiliya ata ho ihuriye n’ibindi bitabu?
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 7]
“Ivyo bitabu bishizwe hamwe bica bigira igitabu kimwe . . . Mu bitabu vyose biriho, nta na kimwe gisa na co canke coruha kicegereza.”—IGITABU THE PROBLEM OF THE OLD TESTAMENT, CA JAMES ORR