Akigoro ugira si ak’impfagusa!
UGUSENGA KWO MU MURYANGO be n’ukwiga Bibiliya birahambaye cane nimba abavyeyi bipfuza kurera abana babo “mu kubatoza indero no mu kuyobora ivyiyumviro vyabo nk’uko Yehova yashinze.” (Ef. 6:4) Ariko rero, nimba uri umuvyeyi urazi yuko abakiri bato barambirwa ningoga. Ushobora gute none gutuma bagumiza ubwenge ku vyo bariko bariga? Rimbura ivyo abavyeyi bamwebamwe bagize.
Uwitwa George wo muri Kaliforoniya muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika avuga ati: “Igihe abana bari bakiri bato, twe n’umukenyezi wanje twaragerageza gutuma kwiga Bibiliya mu muryango biguma bishimishije. Rimwe na rimwe twese twarambara nk’abantu bavugwa muri Bibiliya, tugasubiramwo mu buryo bw’agakino inkuru yinaka igihe twaba turiko turasoma mu Gitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya. Twarahingura mbere ibintu vyadufasha mu gukina izo nkuru, nk’inkota, udukoni tw’abatware, ibisimbo be n’ibindi nk’ivyo. Twarakina kandi udukino tujanye na Bibiliya dufise umutwe uvuga ngo: ‘Ndagupfinze ndi nde?’ tukongera tukiyumvira agakino gashingiye kuri Bibiliya twakinira ku tubaho kaba karimwo ibibazo bigoye n’ivyoroshe. Twaca turondera udukorwa dukorera mu migwi, nko kwubaka ikigereranyo c’ubwato bwa Nowa canke gucapa umurongo werekana igihe ibintu bivugwa muri Bibiliya vyagiye biraberako. Rimwe na rimwe twarategekanya ibiringo vyo gucapa, tugashushanya abantu bavugwa mu nkuru zo muri Bibiliya. Ubu, turiko turategekanya ivyo gucapa vya birwanisho vyo mu buryo bw’impwemu bivugwa mu Banyefeso 6:11-17, umwe wese muri twebwe agasigura ico ikirwanisho kinaka kigereranya. Ubwo buryo bwaradufashije guhimbarirwa inyigisho yacu y’umuryango.”
Inabibondo umwe yitwa Debi wo muri Michigan muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika yigana ati: “Twe n’umunega wanje vyaratugora gutuma agakobwa kacu gashimishwa igihe kari gafise nk’imyaka itatu. Maze, umusi umwe ndiko ndasoma n’ijwi ryumvikana mu Gitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya ya nkuru yerekeye Izahaki na Rebeka, naratoye udukinisho tubiri tumeze nk’abantu, kamwe ndakita Izahaki akandi Rebeka, hanyuma nca ntangura kudukoresha mu gusubiramwo iyo nkuru, nkaza ndagerageza kwigana ivyo umwe wese muri bo ashobora kuba yaravuze. Ako gakobwa kaciye kumviriza kitonze akajambo kose nariko ndavuga! Mu mezi yakurikiye, utwo dukinisho tubiri twagiye turakinishwa mu kugereranya abantu batandukanye bavugwa muri Bibiliya. Igihe twaba tumaze gusoma inkuru yinaka, ako gakobwa kacu kaca karondera mu nzu udukinisho canke ibindi bintu vyashobora gukoreshwa mu gusubiramwo iyo nkuru mu buryo bw’agakino. Wamenga kariko kararondera ubutunzi! Ikarato y’ibirato be n’agatambara karekare gatukura vyabaye ya nzu ya Rahabu yariko umugozi w’agahama. Agakinisho k’inzoka koroshe kareha n’imetero imwe n’inusu kizingiriye ku kirindi c’umukubuzo w’ikizungu, karagereranije neza ya nzoka y’umujumbu ivugwa mu Guharūra 21:4-9. Ivyo bintu twakoresha mu gusubiramwo izo nkuru twabibika mu mupfuko munini ukozwe mu gitambara. Akenshi ako gakobwa kacu karicara muri salo maze kagasakambura mu co twokwita umufuko wako urimwo inkuru zo muri Bibiliya, ivyo bikaba vyaradushimisha. Ese ukuntu vyatunezereza kukabona kariko karakina izo nkuru mu buryo kisangije!”
Kurera abana si icoroshe. Kugira ngo umuvyeyi yinjize muri bo icipfuzo co gukorera Yehova arakeneye kugira n’ibindi uretse gusa kubigisha buri ndwi. Mugabo ugusenga kwo mu muryango be n’ukwiga Bibiliya birashobora kuba ishimikiro ry’izindi nyigisho zijanye n’ivy’Imana. Vyemere, akigoro ugira si ak’impfagusa!