Tubayeho mu bihe bitoroshe
BIBILIYA yari yaravuze yuko abantu bobaye mu “bihe bitoroshe kandi bigoye kwihanganira.” Ivuga ko ico kiringo ari “imisi ya nyuma.” (2 Timoteyo 3:1-5; 2 Petero 3:3-7) Yezu Kristu yaravuze ibijanye n’ico kiringo nyene igihe yariko arishura ikibazo abigishwa biwe bari babajije ku bijanye n’“insozero y’ivy’isi.” (Matayo 24:3) Twoba tubayeho mu misi ya nyuma? Gereranya ivyo Bibiliya yari yaravuze be n’amaraporo aherutse gusohoka yasubiwemwo aha hepfo, maze ugire ico ubivuzeko wewe ubwawe.
Ivyo Bibiliya yari yaravuze: intambara zikwiye hose—Luka 21:10; Ivyahishuwe 6:4.
Ivyo raporo ziherutse gusohoka zivuga: “Abantu bahitanywe n’intambara mu kinjana ca 20 baruta incuro zitatu abahitanywe n’intambara zose zabaye mu binjana vy’imbere y’ico, uhereye igihe Kristu yavuka.”—Ikigo citwa Institut Worldwatch.
Ivyo Bibiliya yari yaravuze: ubukene bw’ibifungurwa be n’indwara—Luka 21:11; Ivyahishuwe 6:5–8.
Ivyo raporo ziherutse gusohoka zivuga: Mu 2004 abantu bashika nk’imiliyoni 863 kw’isi bafungura nabi, ni ukuvuga ko hiyongereyeko abantu imiliyoni 7 ku bo mu 2003.—Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho imfungurwa n’uburimyi.
Abantu bashika nko ku muliyaridi umwe baba mu tuzu tubitubi; abashika 2.600.000.000 ntibafise utuzu twa surwumwe tubereye canke aho guta umwavu; 1.100.000.000 na bo ntibagira amazi meza yo kunywa.—Ikigo citwa Institut Worldwatch.
Malariya ifata abantu imiliyoni 500; abantu imiliyoni 40 bagendana umugera wa SIDA; abantu 1.600.000 barishwe n’igituntu mu 2005.—Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu.
Ivyo Bibiliya yari yaravuze: uguhonya isi—Ivyahishuwe 11:18.
Ivyo raporo ziherutse gusohoka zivuga: “Ibikorwa vy’abantu vyatumye mu gihe kiri imbere bishoboka ko bwinshi mu bwoko bw’ibikoko be n’ubw’ibiterwa buzohona.” “Hafi ibice bibiri vya bitatu vy’ibintu biva mu bidukikije bigirira akamaro abantu, biriko biratituka kw’isi yose.”—Millennium Ecosystem Assessment.
“Imyuka ituma haba ubushuhe kw’isi iva ku bintu abantu bakora, yatumye ibijanye n’ikirere birushiriza kuba ibiteye akaga, ivyo bikaba bishobora gutuma umubumbe wacu ushikirwa n’ingaruka mbi.”—Institut Goddard de recherches spatiales, NASA.
Ivyo Bibiliya yari yaravuze: inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana izokwamamazwa kw’isi yose—Matayo 24:14; Ivyahishuwe 14:6, 7.
Ivyo raporo ziherutse gusohoka zivuga: Mu 2007, igitigiri c’agaheta c’Ivyabona vya Yehova bashika 6.957.854 baramaze amasaha arenga 1.400.000.000 bamamaza inkuru nziza ijanye n’Ubwami bw’Imana mu bihugu 236.—Annuaire des Témoins de Jéhovah 2008.
Nk’uko twamaze kubivuga, Bibiliya yari yaravuze yuko naho hobaye amakuru mabi, hobaye hariho imvo zituma umuntu yizigira ko ibintu bizogenda neza. Yezu yaravuze ibijanye n’“inkuru nziza” y’Ubwami bw’Imana. Ubwami bw’Imana ni iki? Bufitaniye isano gute n’icizigiro abantu bafise cerekeye kazoza keza? Vyongeye ni gute Ubwami bw’Imana buzogira ico bukoze kuri wewe?
[Amafoto ku rup. 5]
Bibiliya yari yaravuze ibi bintu tubona biriko biraba mw’isi muri kino gihe