Isi yoba isigaje umwanya ungana gute?
Wokwishura gute iki kibazo gisaba gutanga inyishu imwe mu zatanzwe?
Muri kazoza ka hafi, ibintu vyo kw’isi vyoba
(a) bizomera neza?
(b) bizoguma uko biri?
(c) bizokwunyuka?
WOBA ugerageza kuguma ubona ko ibintu bizogenda neza ku bijanye na kazoza? Kubigenza gutyo harimwo ivyiza vyinshi. Ivyigwa vyagizwe vyerekanye yuko abantu babona ko ibintu bizogenda neza barushiriza kumererwa neza mu bwenge no ku mubiri. Icigwa kimwe camaze igihe kirekire carerekanye mbere yuko abantu babona ko ibintu bizogenda neza ari gake cane bagira ingorane zijanye n’indwara y’umutima ugereranije n’ababona ko ibintu bizogenda nabi mu buzima. Ivyo bintu vyavuye muri ivyo vyigwa birahuye n’amajambo dusanga muri Bibiliya haciye ibinjana n’ibindi yanditswe, agira ati: “Umutima unezerewe n’umuti ukiza, arik’umutima usāvye wumisha amagufa.”—Imigani 17:22.
Ariko rero, abenshi bafatiye ku vyo abahinga mu vya siyansi bavuga ko bizoshikira umubumbe w’isi muri kazoza, babona ko bigoye kuguma banezerewe be no kuguma babona ko ibintu bizogenda neza. Rimbura gusa ibintu bimwebimwe bivuna umutima dukunze kwumva bavuga ko bizoba.
Umubumbe ugeze ahatemba
Mu 2002 ikigo kimwe c’i Stockholm cemerwa cane kijejwe ibidukikije cagabishije kivuga yuko nka hamwe abantu batogabanya ibintu bakora bigira ingaruka mbi ku bidukikije bashaka gukingira iterambere ryo mu vy’ubutunzi, vyoshobora gutuma haba “ibintu bihindura ubutagisubira kuvayo ikirere be n’ibidukikije vy’uno mubumbe.” Raporo y’ico kigo yabandanije yerekana ko ubukene bukwiye hose, ubusumbasumbane budahera be n’ugutituka kw’ubutunzi buva mu bidukikije vyoshobora gutuma abantu “bava mu ngorane ijanye n’ibidukikije, ikibano be n’umutekano, bakaja mu yindi.”
Mu 2005, Ishirahamwe mpuzamakungu ryarasohoye raporo imwe (Millennium Ecosystem Assessment Synthesis Report). Iyo raporo yari igizwe n’ivyavuye mu vyigwa vyamaze imyaka ine vyagizwe kw’isi yose ku bijanye n’ibidukikije, bino bikaba vyarimwo abahinga 1.360 bo mu bihugu 95. Yarimwo ingabisho iteye ubwoba igira iti: “Imirimo abantu barangura iriko iratuma ukuntu isi isanzwe ikora birushiriza kugorana ku buryo umuntu atagishoboye kwemeza nimba ibidukikije vyo kuri uno mubumbe bizoba bigishoboye kuzigama ubuzima bw’amayaruka yo muri kazoza.” Kugira ngo twirinde akaga, iyo raporo ivuga ko vyosaba yuko haba “amahinduka akomeye mu bijanye n’ukuntu ibintu bikorwa, mu nzego be no mu migenzo, ivyo na vyo bikaba bitaratangura.”
Anna Tibaijuka, umuyobozi mukuru w’urwego rw’Ishirahamwe mpuzamakungu rujejwe kuronsa abantu uburaro, aravuga ikintu abashakashatsi benshi bahurizako. Avuga ati: “Tubandanije gukora uku, kazoza gateye ubwoba ni ko katurindiriye.”
Imvo yotuma tubona ko ibintu bizogenda neza
Ivyabona vya Yehova, abasohora iki kinyamakuru, na bo nyene baremera yuko hariho ibintu bikomeye vyimirije kuba bizotuma kw’isi haba amahinduka. Ariko rero, baremera badakeka ko ivyo bintu, aho gushikana abantu kuri kazoza gateye akaga, bizocira inzira ibiringo vyiza igitangaza bitari bwigere bibaho kw’isi. Ni kubera iki babona ko ibintu bizogenda neza ukuraho? Kubera ko bizigira imihango iri mw’Ijambo ry’Imana Bibiliya. Umwe muri iyo mihango ugira uti: “Hasigaye igihe gito, umunyakibi ntabeho; mbere, uzokwitegereza ahiwe, umubure. Arikw abagwaneza bazoragwa igihugu, bazonezererwa amahoro y’umusēsekara.”—Zaburi 37:10, 11.
Icizigiro nk’ico coba ari indoto nsa? Imbere y’uko twishura ico kibazo, nuzirikane witonze kuri aya majambo: Bibiliya yari yaravuze ata kwihenda nyinshi mu ngorane nyamukuru tubona muri iki gihe zibangamiye isi n’abayibako, ivyo ikaba yabivuze hagisigaye imyaka ibihumbi ngo bibe. Turagusavye usome ivyanditswe vyatanzwe mu kiganiro gikurikira, maze ugereranye ico bivuga be n’ivyo ubona biriko biraba mw’isi. Igihe uza kuba uriko urabigira, icizigiro ufise mu bijanye n’uko Bibiliya ivuga imbere y’igihe ibintu bizoba muri kazoza ata kwihenda kiraza gukomera.