Ubukerebutsi bw’Imana burabonekera mu vyaremwe
‘Itwigisha gusumba ibikoko vyo mw’isi, iduha ubwenge gusumba ibiguruka mu kirere.’—YOBU 35:11.
INYONI zirafise ubushobozi butangaje. Ukuntu ziguruka zidagadura mu kirere biratangaza cane abantu bahingura indege. Inyoni z’ubwoko bumwebumwe ziraguruka ibilometero ibihumbi n’ibihumbi zica hejuru y’ibahari ritagira ibintu umuntu yokwisunga kugira ngo amenye iyo aja, kandi zigashika iyo zija zitazimiye.
Ubundi bushobozi budasanzwe inyoni zifise, uburushiriza guhishura ubukerebutsi bw’Uwaziremye, ni ubushobozi bwo guhanahana amakuru biciye ku majwi be no ku turirimbo. Rimbura uturorero tumwetumwe.
Ingene inyoni zivuga
Inyoni z’ubwoko bumwebumwe zitangura guhanahana amakuru n’imbere yuko ziberagurwa. Nk’akarorero, inkware ita amagi ashika ku munani, ikaba ita rimwerimwe ku musi. Hamwe imiswi yo muri ayo magi yose yogenda irakura hakurikijwe uko iyo nkware yagiye irayata, ayo magi yoberagurwa mu kiringo c’imisi umunani. Ico gihe iyo nkware yoca ihangana n’igikorwa kitoroshe co kwitwararika imiswi yayo yaberaguwe mu misi indwi, mu gihe yoba ikibundikiriye irigi ritaraberagurwa. Aho kugenda gutyo, iyo miswi y’inkware yose uko ari umunani iva mu magi mu kiringo c’amasaha atandatu. None ivyo bishoboka gute? Nk’uko abashakashatsi babivuga, ikintu nyamukuru gituma bigenda gutyo ni uko imiswi y’inkware ihanahana amakuru igihe iba ikiri mu magi, maze mu buryo bunaka igategura ivy’uko yoberagurwa hafi mu kiringo kimwe.
Inyoni zimaze gukura, akenshi usanga mu bwoko butandukanye inyoni y’ingabo ari yo iririmba. Iririmba canecane mu kiringo iba yipfuza ingore, ikaririmba kugira ngo imenyeshe izindi akarere yiganziye canke kugira ngo ikwegakwege inyoni y’ingore. Tubivuze mu buryo bw’ikigereranyo, mu bwoko ibihumbi n’ibihumbi bw’inyoni, usanga ubwoko bumwebumwe bwose bufise imvugo yabwo, kandi ivyo birafasha inyoni z’ingore kumenya inyoni z’ingabo ziri mu bwoko bwazo.
Inyoni ziririmba canecane mu gaturuturu be n’igihe izuba riba rirenze, kandi ivyo birabereye kubera yuko muri ivyo biringo ata muyaga mwinshi uba uriho kandi ata n’urwamo rwinshi ruba ruhari. Abashakashatsi basanze mu gaturuturu be no ku mugoroba, uturirimbo tw’inyoni twumvikana neza incuro 20 kuruta uko twumvikana ku murango.
Naho inyoni z’ingabo ari zo ahanini zikunda kuririmba, inyoni z’ingabo be n’inyoni z’ingore zirakoresha amajwi atandukanye usanga asobanura ibintu bitari bimwe. Nk’akarorero, inyoni zitwa indodo zikoresha ubwoko icenda bw’amajwi atandukanye. Zirakoresha ubwoko bumwe bw’ijwi kugira ngo ziburire izindi akaga kazananye mu kirere, nk’akarorero ikinyoni coba kiriko kiraguruka kirondera inyoni gicakira, mugabo zigakoresha ubundi bwoko bw’ijwi butandukanye n’ubwo kugira ngo ziburire izindi akaga kaje gaturutse hasi.
Ingabirano iruta izindi zose
Ubukerebutsi inyoni zaremanywe, mu vy’ukuri buratangaje. Mugabo rero mu bijanye n’ubushobozi bwo kuvuga, abantu bobo baratangaje kuruta. Muri Yobu 35:11 havuga ko Imana yahaye abantu “ubgenge gusumba ibiguruka mu kirēre.” Abantu ni bo bonyene bafise ubushobozi bwo guserura amajambo be n’ivyiyumviro bigoye gutahura kandi bihanitse, ivyo bakabigira biciye ku majwi ahingurwa n’utugozi tw’ijwi canke mu gukoresha ibimenyetso.
Mu buryo butandukanye n’ibindi biremwa vyose, bisa n’uko inzoya zivuka zifise ubushobozi bwo kwiga indimi zigoye cane. Ikinyamakuru kimwe co kuri Internet (American Scientist) kivuga giti: “Abana baciga gutambuka baragerageza kwiga ururimi, n’igihe mbere abavyeyi babo bataba babaganiriza; abana b’ibipfamatwi bobo barashika kure, bagatanguza ururimi rw’ibimenyetso rwabo bwite igihe ata rwo baba bigishwa i muhira iwabo.”
Ubushobozi dufise bwo guserura ivyiyumviro vyacu be n’inyiyumvo zacu biciye mu mvugo canke mu bimenyetso, mu vy’ukuri ni ingabirano y’igitangaza twahawe n’Imana. Naho ari ukwo, ingabirano abantu bahawe mbere ihambaye kuruta, ni ubushobozi bafise bwo kuganira n’Imana biciye kw’isengesho. Kukaba nkako, Yehova Imana aradutera akamo ngo tumuganirire. Ijambo ry’Imana Bibiliya rigira riti: “Ntimwiganyire ku kintu na kimwe, mugabo muri vyose, mu gusenga no mu gutakamba bijana n’ugukenguruka, ivyo musaba bimenyeshwe Imana.”—Abafilipi 4:6.
Igihe tuba duhanganye no gufata ingingo zitoroshe, Yehova yipfuza ko twokwikora ku kigega kinini c’ubukerebutsi yaziganije muri Bibiliya. Aradufasha kandi kumenya ukuntu twoshira mu ngiro impanuro dusanga muri Bibiliya. Umwanditsi wa Bibiliya Yakobo agira ati: “Nimba . . . hari uwo muri mwebwe ahajije mu bukerebutsi, nagume abusaba Imana, kuko itanga cane kuri bose ata gutera imirarwe; kandi azobuhabwa.”—Yakobo 1:5.
Bituma wumva umerewe gute?
Uhora wumva umerewe gute igihe uba uriko wumviriza uturirimbo tw’inyoni turyoheye ugutwi canke igihe uba uriko wumviriza umwana aciga kuvuga? Woba ubona ubukerebutsi bw’Imana buri mu bintu yaremye?
Umwanditsi wa Zaburi Dawidi, amaze kuzirikana ku buryo yaremwe, yaravyuriwe umutima wo kubwira Imana ati: “Ndagushimira yuko naremwe uburyo buteye ubgoba butangaje: ibikorwa vyawe n’ibitangaza; kand’ivyo, umutima wanje urabizi neza.” (Zaburi 139:14) Uko urimbura ubigiranye ugukenguruka ibimenyamenya vy’ubukerebutsi bw’Imana bubonekera mu vyaremwe, nta nkeka yuko bituma urushiriza kwizera ko ifise ubushobozi bwo kuguha ubuyobozi bwiza.
[Ifoto ku rup. 5]
Ubushobozi dufise bwo guserura ivyiyumviro, ni ingabirano twahawe n’Imana
[Abo dukesha ifoto ku rup. 4]
© Dayton Wild/Visuals Unlimited