Twoba dukwiye kwemera gusa ivyo tubona?
“Umuntu akekeranya ko Imana ibaho ni umuntu yiyumvira yuko bidashoboka kumenya ukuri ku bijanye n’ibintu bimwebimwe, nk’ivyerekeye Imana be n’ivyerekeye ubuzima bwo muri kazoza, ivyo bikaba ari ibintu amadini ya gikirisu be n’ayatari aya gikirisu yitaho. Canke na ho, nimba vyokwigera bishoboka ko bimenyekana, [yiyumvira ko] bidashoboka namba muri kino gihe.”—Vyavuzwe n’umufilozofe yitwa Bertrand Russell, mu 1953.
UWATANGUJE iyo mvugo ngo “umuntu akekeranya ko Imana ibaho” ni uwitwa Thomas Huxley, uwo akaba yari umuhinga mu bijanye n’ibikoko. Huxley, uwavutse mu 1825, yabayeho mu kiringo kimwe na Charles Darwin, kandi yarashigikira inyigisho y’ivy’ihindagurika. Mu 1863, Huxley yanditse yuko ata kintu na kimwe yabona cemeza ko hoba hariho Imana “idukunda ikongera ikatwitwararika nk’uko bivugwa n’amadini y’abakirisu.”
Ivyo vyiyumviro vy’abo bagabo bagize akosho ku bandi, vyoshobora gushigikirwa n’abantu batari bake muri kino gihe, bakavuga ko bemera gusa ibintu bashobora kubona. Boshobora kuvuga yuko uwupfa ivyo yemeye, ari we yemera umuntu canke ikintu usanga ata kimenyamenya kihari cerekana ko bibaho.
None Bibiliya yoba idusaba gupfa kwemera Imana ata bimenyamenya dufise? Haba namba. Ahubwo yigisha ibihushanye n’ivyo. Bibiliya yerekana yuko kwemera ivyiyumviro bitagira ibimenyamenya bibishigikira, ari ukwihenda, eka mbere ko ari ubujuju. Bibiliya ivuga iti: “Imburabgenge yemera ijambo ryose, arik’umunyamakenga agenda agavye.”—Imigani 14:15.
None tuvuge iki ku bijanye n’ukwemera Imana? Ubwo vy’ukuri hoba hariho ibimenyamenya vyerekana ko Imana ibaho, tubaye turareka ivy’uko idukunda ikongera ikatwitwararika?
Kamere z’Imana zirahishurwa
Igihe Paulo, uno akaba ari umwe mu banditse Bibiliya, yariko aganira n’umugwi w’abantu b’incabwenge b’i Atene, yaravuze ko Imana ari yo “yakoze isi n’ibintu vyose biri muri yo.” Paulo yabwiye abo bantu bakekeranya bariko baramwumviriza yuko Imana yitaho abantu kandi ko mu vy’ukuri “itari kure y’umwe wese muri twebwe.”—Ibikorwa 17:24-27.
Ni kubera iki none Paulo yari yarajijutse yuko Imana iriho be n’uko yitaho abantu yaremye? Paulo yarahishuye impamvu imwe igihe yandikira abakirisu bagenziwe bo mu gisagara c’i Roma. Yavuze ku vyerekeye Imana ati: “Kamere zayo zitaboneka zibonwa neza kuva kw’iremwa ry’isi, kubera ko zitahurirwa ku bintu vyakozwe.”—Abaroma 1:20.
Ibiganiro bikurikira birerekana kamere zitatu z’Imana zishobora kubonwa neza ufatiye ku bintu yaremye. Igihe uza kuba uriko urarimbura ubwo burorero, uribaza uti: ‘Kumenya ibijanye n’izi kamere z’Imana, bigira ico bikoze gute kuri jewe?’
[Abo dukesha ifoto ku rup. 2]
GIPFUKISHO: Agakoko kameze nk’ifunderi: Entom Pictures/Paul Eekhoff; urupapuro 32: Isi: Ifoto ya NASA
[Ifoto ku rup. 3]
Bibiliya ntidusaba gupfa kwemera Imana ata bimenyamenya dufise