ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w08 1/3 rup. 8-10
  • Kuba umwe mu bana b’Imana

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kuba umwe mu bana b’Imana
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ukuntu umuryango w’Imana watandukanye
  • Kwegeranya abana bari baratandukanye
  • Abana b’Imana bo kw’isi
  • Kwunga ubumwe n’Umuvyeyi wawe
  • Gutora umuryango wawe nyakuri
  • Nuhe agaciro ikibanza ufise mu muryango wa Yehova
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2021
  • Umugambi wa Yehova Uzororanirwa Bimwe Biteye Igomwe
    Senga Imana yonyene y’ukuri
  • Gukomezanya mu Rugo Kugira Muzokwameho Muri Kazoza
    Ico Wogira ngo Umubano wo mu Rugo Ubemwo Agahimbare
  • Umugambi wa Yehova Ushikīra Ugutunganirwa Guhambaye
    Abahurikiye hamwe mu gusenga Imana imwe nsa y’ukuri
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
w08 1/3 rup. 8-10

Kuba umwe mu bana b’Imana

INYUMA y’imyaka nka 30 intambara yabaye muri Koreya irangiye, amaradiyo n’amateleviziyo vyakorera muri ico gihugu vyaratanguje porogarama yo gufasha abantu kumenya aho abagize imiryango yabo bari baratandukanye na bo kuva mu gihe c’intambara, bari baherereye. None ivyo vyavuyemwo iki? Abantu barenga 11.000 barasubiye kubonana n’ababo, ivyo bikaba vyatumye bakorora amosozi, biha akamo k’umunezero, bagumbirana, n’ibindi mwene ivyo. Ikinyamakuru kimwe co muri Koreya (Korea Times) cavuze giti: “Kuva Abanyakoreya babayeho, ntibaribwigere bakorora amosozi menshi y’umunezero nk’ayo, babigize bukwi na bukwi kandi babigiriye icarimwe”.

Muri Berezile, uwitwa Cézar yari yaratanzwe akiri uruyoya kugira ngo abe indishi y’ideni abavyeyi biwe bari barariye. Haheze nk’imyaka cumi, yarahimbawe cane no kubona nyina yamuvyaye, ku buryo yaciye avana n’abo bavyeyi biwe barezi bari batunze cane, aja kwibanira na nyina.

Ese ukuntu abagize imiryango bahimbarwa iyo basubiye kubonana hari haheze igihe baratandukanye canke baraburanye! Bibiliya iradondora ukuntu abantu bari baratandukanye bimwe bibabaje n’umuryango w’Imana. Iravuga kandi ukuntu ubu bariko barasubizwa hamwe bimwe biteye umunezero. None vyagenze gute ngo batandukane? Vyongeye, ushobora gute kuronka kuri uwo munezero wo gusubira mu muryango w’Imana?

Ukuntu umuryango w’Imana watandukanye

Ku bijanye na Yehova Imana, we Muremyi, umwanditsi wa Zaburi yavuze ati: “Ah’uri [ni] ho har’isōko y’ubu[zima]”. (Zaburi 36:9) Yehova ni Umuvyeyi w’umuryango munini ugizwe n’ibiremwa vy’intahemuka bifise ubwenge biri kw’isi no mw’ijuru. Uwo muryango ugizwe n’igice co mw’ijuru kigizwe n’abamarayika, abo bakaba ari abana biwe b’impwemu, be n’igice co kw’isi kigizwe n’abantu, abo na bo bakaba bazoba abana biwe bo kw’isi.

Nk’uko vyadondowe mu kiganiro c’imbere y’iki, igihe wa mwana w’Imana wa mbere w’umuntu ari we Adamu yagarariza, umuryango w’abantu waciye utandukana bimwe bibabaje n’Umuvyeyi wabo w’umunyarukundo akongera akaba n’Umuremyi wabo. (Luka 3:38) Ivyo vyatumwe n’uko, biciye ku bugarariji bwiwe, Adamu yatakaje agateka we ubwiwe be n’abomukomotseko bari bafise ko kuba abana b’Imana. Biciye ku musavyi wayo Musa, Imana yaradondoye ingaruka zakwezwe n’ivyari vyarabaye. Musa yavuze ati: “Barayihemukiye, ntibakir’abana [b’Imana], ariko vyabateye agasembga”. “Agasembga”, ni ukuvuga kuba umuntu ari umunyavyaha, karatumye abantu batandukana n’Imana, ino ikaba ari nyeranda kandi itunganye mu mice yose. (Gusubira mu vyagezwe 32:4, 5; Yesaya 6:3) Mu buryo bunaka rero, umuryango w’abantu waratakaye, ucika impfuvyi.​—Abanyefeso 2:12.

Kugira ngo Bibiliya yerekane ukuntu urugero abantu batandukanijwe n’Imana ruhambaye, igihe yerekeza ku bantu batari mu bagize umuryango w’Imana ivuga ko ari “abansi”. (Abaroma 5:8, 10) Kubera yuko umuryango w’abantu watandukanye n’Imana, warashikiwe n’amakuba uri munsi y’ubutegetsi bw’umukazo bwa Shetani be n’ingaruka zibabaje zavuye ku kuba wararazwe icaha n’ukudatungana. (Abaroma 5:12; 1 Yohani 5:19) None abantu b’abanyavyaha boba bashobora kuba abo mu muryango w’Imana? Ibiremwa bidatunganye vyoba bishobora kuba abana b’Imana mu buryo bwuzuye, nka kurya nyene Adamu na Eva bari bameze imbere y’uko bacumura?

Kwegeranya abana bari baratandukanye

Yehova abigiranye urukundo, yarashizeho intunganyo ku bw’ineza y’abantu b’abanyagasembwa bamukunda. (1 Abakorinto 2:9) Intumwa Paulo asigura ati: “Imana biciye kuri Kristu yariko yisubiza hamwe n’isi, [gutyo] ntibaharureko amakosa yabo”. (2 Abakorinto 5:19) Nk’uko vyasiguwe mu kiganiro c’imbere y’iki, Yehova Imana yaratanze Yezu Kristu ngo abe incungu y’ivyaha vyacu. (Matayo 20:28; Yohani 3:16) Intumwa Yohani abigiranye ugukenguruka, yanditse ati: “Raba ubwoko bw’urukundo Data yaduhaye, kugira ngo twitwe abana b’Imana”. (1 Yohani 3:1) Muri ubwo buryo, abantu bagamburuka bari baronse akaryo ko gusubira kuba abagize umuryango wa Yehova.

Naho abantu bose bazoba begeranirijwe mu muryango w’Imana bazokwinovora ubumwe bwiza igitangaza bitwararikwa n’Umuvyeyi wabo wo mw’ijuru, raba ukuntu Bibiliya ibadondora bariko baregeranirizwa mu migwi ibiri. Dusoma duti: “Ni nk’uko agahimbare keza [k’Imana] kari, ako yashingiye umugambi muri yo ubwayo, ku bw’ubuyobozi ibihe vyashinzwe bimaze gukwira, ni kwo kwongera gukoraniriza hamwe ibintu vyose muri Kristu, ivyo mw’ijuru n’ivyo kw’isi”. (Abanyefeso 1:9, 10) Ni kubera iki Imana iyobora ibintu muri ubwo buryo?

Ukuntu Yehova ashira abana biwe mu migwi ibiri, mu vy’ukuri biragira ico biterereye ku gushira hamwe kw’umuryango wiwe. Ntibigoye gutahura igituma ari ukwo bimeze. Umuryango w’Imana ni munini cane ku buryo ushobora kugereranywa n’ihanga. Mw’ihanga iryo ari ryo ryose, harabaho abantu bakeya batorwa kugira ngo babe abagize intwaro ku buryo abasigaye bungukira ku mategeko ashingwa be no ku rutonde rushirwaho. Ego ni ko nta ntwaro n’imwe irongowe n’umuntu yashoboye kuzana amahoro nyakuri, yamara Imana yo ishiriraho umuryango wayo intwaro itunganye. Umugwi wa mbere, ni ukuvuga “ivyo mw’ijuru”, ugizwe n’abana b’Imana, abo Yehova yatoye kugira ngo babe abagize intwaro, ni ukuvuga Ubwami, mw’ijuru. Bari aho mw’ijuru, “babwirizwa kuganza isi nk’abami”.​—Ivyahishuwe 5:10.

Abana b’Imana bo kw’isi

Yehova kandi ariko aregeranya “ivyo kw’isi”, ni ukuvuga abantu amamiliyoni bo hirya no hino kw’isi, kugira ngo amaherezo baze bashobore kuba abana biwe bo kw’isi. Bwa Muvyeyi w’umunyabuntu, arabigisha inzira ziwe ziranga urukundo kugira ngo naho bava mu mahanga menshi, bashobore kwunga ubumwe bahuza inama n’ingingo. Mbere n’abantu b’inkazi, abikunzi, abataye imico runtu be n’abagambararira Imana, bariko baraterwa akamo kugira ngo ‘basubize hamwe n’Imana’.​—2 Abakorinto 5:20.

Tuvuge iki ku bijanye n’abantu batera akagere akamo Imana ibatera ko gusubiza hamwe na yo ngo babe abana bayo? Kugira ngo Yehova yiyemeze neza ko mu muryango wiwe harangwa amahoro n’ugushira hamwe, azofatira ingingo ruhasha mwene abo bantu. Hazobaho “umusi w’urubanza n’uw’ugutikizwa kw’abantu batibanga Imana”. (2 Petero 3:7) Imana izotyorora isi iyikureko abantu b’abagarariji. Ese ukuntu ivyo bizotuma abagamburuka baruhurirwa!​—Zaburi 37:10, 11.

Mu nyuma hazoca hakurikira imyaka igihumbi y’amahoro, muri ico kiringo abantu bose bitabira urukundo rw’Imana bakaba buhorobuhoro bazoza barasubira kugira ubuzima butunganye nka bumwe Adamu yatakaza. Mbere n’abapfuye bazozurwa. (Yohani 5:28, 29; Ivyahishuwe 20:6; 21:3, 4) Gutyo, Imana izoba iranguye umuhango wayo ugira uti: “Ivyaremwe [bantu] na vyo bizogirwa ivyidegemvya [bive] mu buja bw’ukubora maze [bigire] umwidegemvyo w’ubuninahazwa w’abana b’Imana”.​—Abaroma 8:21.

Kwunga ubumwe n’Umuvyeyi wawe

Cézar be na ba bantu ibihumbi bo muri Koreya, abo twavuze mu ntango z’iki kiganiro, vyabaye ngombwa ko bagira ico bakoze kugira ngo bashobore gusubira kuja hamwe n’imiryango yabo. Abo bantu bo muri Koreya vyabaye ngombwa ko bagira uruhara muri ya porogarama yaca ku maradiyo no ku mateleviziyo, Cézar na we biba ngombwa ko avana na ba bavyeyi bari bamureze. Muri ubwo buryo, na wewe vyoshobora kuba ngombwa ko ufata ingingo ntabanduka yo kugira ico ukoze kugira ngo usubize hamwe n’Umuvyeyi wawe wo mw’ijuru Yehova Imana, maze ucike umwe mu bagize umuryango wiwe. None ni ibiki ukwiye gukora?

Kugira ngo wiyegereze Imana nk’Umuvyeyi wawe, utegerezwa kwiga Ijambo ryayo Bibiliya kugira ngo utsimbataze ukuyizera be n’ukwizera imihango yayo bimwe bikomeye. Uzokwiga kwizigira ko ivyo Imana igusaba gukora ari ku bw’ineza yawe. Uzokenera kandi kwemera gukosorwa be no gutozwa indero n’Imana, kanatsinda Bibiliya ibwira abakirisu iti: “Imana iriko ibagirira nk’uko igirira abana. Kuko ni nde mwana se adatoza indero?”.​—Abaheburayo 12:7.

Gutera intambwe mwene izo bizohindura imice yose y’ubuzima bwawe. Bibiliya igira iti: “Mukwiye guhindurwa bashasha mu nguvu zikoresha umuzirikanyi wanyu, mukambara kamere nshasha yaremwe hisunzwe ukugomba kw’Imana mu bugororotsi bw’ukuri no mu kudahemuka kw’ukuri”. (Abanyefeso 4:23, 24) Nushire mu ngiro rero iki kintu intumwa Petero aduhimiriza kugira, ati: “Nk’abana bagamburuka, nimureke gushushanywa nk’uko ivyipfuzo mwari mufise kera mu kutamenya kwanyu vyari”.​—1 Petero 1:14.

Gutora umuryango wawe nyakuri

Igihe Cézar yabonana na nyina yamuvyaye, yarahimbawe cane no kumenya ko yari afise kandi mukuruwe be na mushikiwe. Muri ubwo buryo nyene, niwiyegereza Umuvyeyi wawe wo mw’ijuru, uzobona ko ufise bashikawe na basazawe benshi mw’ishengero rya gikirisu. Niwifatanya na bo, uzoshobora kwumva ko barushirije kuba hafi yawe kuruta abo musangiye ubucuti bw’amaraso.​—Ibikorwa 28:14, 15; Abaheburayo 10:24, 25.

Na wewe uraterwa akamo ko kwunga ubumwe n’Umuvyeyi wawe nyakuri be na bashikawe na basazawe nyakuri. Umunezero uzogira ushobora kuba mwinshi cane, nka wa wundi nyene Cézar be na ba bantu ibihumbi bo muri Koreya bagira igihe basubira kubonana n’imiryango yabo.

[Ifoto ku rup. 8]

Cézar afise imyaka 19, ari kumwe na nyina

[Ifoto ku rup. 10]

Nutere intambwe zo kwiyegereza Imana

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika