ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g17 no. 5 rup. 14-15
  • Tuje muri Kazakistani

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Tuje muri Kazakistani
  • Be maso!—2017
Be maso!—2017
g17 no. 5 rup. 14-15
Igisagara ca Astana muri Kazakistani

Igisagara ca Astana

IBIHUGU N’ABABIBAMWO

Tuje muri Kazakistani

Ikarata ya Kazakistani

AHO ha mbere Abanyakazakistani babaho bimukanga. Gushika uyu musi, hari abungere baho baja kugisha ahantu hatandukanye bivanye n’ibiringo vy’umwaka. Mu ci bava mu bushuhe bwo mu biyaya bakaja mu buragiriro bwo mu misozi. Ariko igihe imbeho y’igikonyozi yegereje, baca basubira mu biyaya.

Hari Abanyakazakistani baba mu bisagara biteye imbere. Ariko imigenzo yabo myinshi, ivyo bafungura n’utugenegene twabo, biribukiriza ubuzima bwo kwimukanga bwa ba sekuruza babo. Mu bintu vyinshi bigize akaranga kabo twovuga nk’ukwivuga amazina, indirimbo n’imiziki ivuzwa ku bicurarangisho kavukire.

Utuzu bita yourtes abimukanga babamwo dusigaye tubonwa nk’ikintu cibutsa abantu kubana neza n’ibidukikije. Abungere baho baracadukunda. Abanyakazakistani baba mu bisagara bobo badukoresha mu biringo bidasanzwe. Utwo tuzu kandi ni uburaro bwiza bw’ingenzi. Utwinjiyemwo urabona ubuhinga abakenyezi baho bafise mu kudesa, kujisha no guhingura amatapi.

Umuryango uri mu kazu bita yourte

Indani muri ka kazu

Abanyakazakistani bo mu gihugu hagati barakunda cane amafarasi. Bafise amajambo n’imiburiburi 21 bakoresha mu kuvuga ifarasi, rimwerimwe ryose rikaba rifise insobanuro ryisangije. Bafise n’amajambo arenga 30 adondora ibara ry’ifarasi. Bakugabiye ifarasi nziza baba baguhaye ikintu c’agaciro kanini cane. Abahungu ba ruguru biga kugendera kw’ifarasi bakiri bato.

Indya z’Abanyakazakistani ntiziburamwo inyama kandi kenshi nta birungo vyinshi bashiramwo. Kimwe mu binyobwa bakunda cane ni amata y’ifarasi bivugwa ko afise akamaro kanini ku magara y’umuntu, n’amata y’ingamiya arimwo ivya nkenerwa vyinshi kandi ameze nk’ayakarishe.

Ibiro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova biri i Almaty birakira uwo wese yipfuza kuhagendera.

Ingwe

Iyi ngwe y’imbonekarimwe imara ici mu misozi yo muri Kazakistani

WARI UBIZI?

Muri Kazakistani hari ubwoko n’imiburiburi 36 bw’ishurwe ryo mw’ishamba ryitwa tulipe (mu gifaransa), ishusho yaryo ikaba iboneka cane ku tugenegene twaho.

Igice co mu buseruko c’amazi y’ikiyaga Balkhach kirimwo umunyu, ico mu burengero kikagira umunyu muke cane.

Abanyakazakistani barakunda cane guhiga bakoresheje inkona n’izindi nyoni zamenyerejwe. Ni abahinga mu vyo kumenyereza inkona y’inginagina, ikaba ari yo nkona bakunda cane.

Inkona ihagaze ku kuboko kw’umuntu ifise akantu ku mutwe gatuma idatinya abantu

Inkona barayambika akantu ku mutwe gatuma idatinya abantu

  • INDIMI NYAMUKURU: IGIKAZAKI N’IKIRUSIYA

  • ABANYAGIHUGU: 17.563.000

  • UMURWA MUKURU: ASTANA

  • IKIRERE: MU CI HARASHUHA, HAKUMA. MU RUSHANA HARAKANYA CANE, HAKAGWA N’URUBURA

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika