ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 2/15 rup. 9
  • Ubukerebutsi budukingira

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ubukerebutsi budukingira
  • Be maso!—2015
  • Ivyo bijanye
  • Ubukerebutsi nyakuri buguma bushira ijwi hejuru
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
  • Ubwo Amatungo Yoshobora Kukuzanira Ubuhirwe?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
  • Intangamarara
    Be maso!—2017
  • Abakene bararushiriza gukena
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
Ibindi
Be maso!—2015
g 2/15 rup. 9
Abagabo babiri bahagaze ahantu hatabona neza, bitegereza umugore yifise arenganye

Ubukerebutsi budukingira

“Incungu y’ubuzima bw’umuntu ni ubutunzi bwiwe, mugabo ntahonikora ntiyumvise uguhambarirwa.”​—IMIGANI 13:8.

NAHO kuba umutunzi birimwo akarusho, gutunga birashobora gukwegera umuntu ingorane, na canecane muri ibi bihe bitoroshe tubayemwo. (2 Timoteyo 3:1-5) Mu bihugu bimwebimwe, abatunzi n’ingenzi ziboneka ko zifise usanga babangamirwa n’ibisuma be n’abanyuruza abantu kugira basabe incungu.

Ku bijanye n’igihugu kimwe kikiri mu nzira y’amajambere, raporo imwe yavuze iti: “Ubwambuzi, forode n’ukunyuruza abantu vyatumye abatunzi baraba ribi abakene. Ku maresitora akomakomeye usanga hari abarinzi bafise inkoho. Inzu z’abatunzi na zo usanga zikikujwe impome ziriko intsinga zihanda, ibitara vyaka cane, amakamera n’abanyezamu.” No mu bindi bihugu vyinshi usanga ari ukwo.

Ariko “ntahonikora” wewe, Bibiliya ivuga yuko ‘adahambarirwa,’ bisobanura ko atagirwako iterabwoba. None ayo majambo y’ubukerebutsi yogufasha gute? Nimba uba mu karere kazwi ko karangwamwo ubugizi bwa nabi n’ubukazi canke ukaba ubwirizwa kujayo, niwirinde ibintu vyose vyotuma uboneka ko wifise. Nurabe neza uko wambara n’ivyo witwaza, na canecane nimba ari ibintu vyoboneka. Mu Migani 22:3 havuga yuko ‘umunyabwenge abona ivyago’ bishobora gushika, “mugabo abantu batazi utuntu n’utundi [bobo] bararengana bakabwirizwa kwibonerako.”

Ubukerebutsi buri muri Bibiliya burerekana ko Umuremyi wacu atubabaye. Yipfuza kudukingira. Mu Musiguzi 7:12 havuga ko ubwo “bukerebutsi bukingira umuntu” kuko “bu[mu]zigamira ubuzima.”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika