ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 2/15 rup. 8
  • Uko ivy’amagara vyifashe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Uko ivy’amagara vyifashe
  • Be maso!—2015
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Kw’isi yose
  • Mu Bwongereza
  • Muri Norveje
  • Muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika
  • Nkwiye kumenya iki ku bijanye n’ukunywa itabi?
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 1
  • Kunywa itabi, vyoba vy’ukuri hari ico bitwaye ku Mana?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
Be maso!—2015
g 2/15 rup. 8
Umugabo atuntuye

UDUKURU TW’IRYA N’INO

Uko ivy’amagara vyifashe

Naho ubuvuzi bwateye imbere, indwara ziracabangamiye abantu. Ariko ibimenyamenya vyerekana ko nyinshi mu ngorane z’amagara, umuntu ashobora kuzikingira.

Kw’isi yose

Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu ryavuze ko guhera ubu gushika mu 2035, igitigiri c’abarwara kanseri ku mwaka ku mwaka kizoshika ku bantu imiliyoni 24. Iryo rizoba ari iyongerekana ry’ibice nka 70 kw’ijana tugereranije n’abayirwara ubu, bikaba vyiyumvirwa ko barenga imiliyoni 14. Hafi ica kabiri c’abazoyirwara, bizoba bitewe n’ukuntu babayeho. Nk’akarorero, hari abazoyirwara kubera inzoga zirenze urugero, ukumara umwanya munini bicaye, ukuvyibuha birenze, imishwarara mibi canke itabi.

Mu Bwongereza

Hamaze gushikirizwa ibimenyamenya bijanye n’indwara y’ibisazi ifata inka, Leta yo mu Bwongereza yarasavye ko hagirwa ayandi matohoza kugira barabe ko iyo ndwara yoba ishobora gukwiragira mu bantu biciye ku guterwa amaraso. Umushingamateka yitwa Andrew Miller yavuze ati: “Twarahagaritse umutima cane twumvise ibimenyamenya vyerekana ko iyo ndwara idakira ikigeramiye cane amagara y’abantu.” Yongeyeko yuko iyo ndwara ishobora gukwiragira “hamwe mu bubiko bwinshi hoba hari ibihimba vy’umubiri be n’amaraso bigenewe abarwayi vyamaze kwandura.”

Muri Norveje

Hari itohoza ryagizwe ku Banyanorveje hafi 63.000, rikaba ryamaze imyaka 11. Ryerekanye ko intuntu n’akabonge bishobora kwongereza ku rugero rw’ibice bishika 40 kw’ijana ingeramizi yo kurwara umutima. Ishirahamwe ry’i Buraya ryitaho indwara y’umutima ryarasubiyemwo amajambo y’umwe mu bagize iryo tohoza. Uno yavuze ko intuntu n’akabonge bidatuma gusa umubiri uhingura inkabuzo zishobora gutuma umuntu arwara umutima, ariko kandi ko bituma umuntu bimugora gukurikiza impanuro zomufasha kugira amagara meza.

Muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika

Umuntu azimije itabi

Abahinga bariko baragira ubushakashatsi kugira bamenye niba amagara ashobora kugeramirwa n’umwotsi w’itabi usigara ku bintu vyo mu nzu no mu mukungugu waho, mu vyumba vy’amahoteli no mu miduga. Uko imisi ihaca, ni ko uwo mwotsi usigara ku bintu urushiriza kuba mubi.

ICO BIBILIYA IBIVUGAKO:

  • “Umutima unezerewe ugira neza nk’umuti uvūra, mugabo umutima ukubititse wumisha amagufa.”​—Imigani 17:22.

  • “Twiyuhagire ubuhumane bwose bw’umubiri.”​—2 Abakorinto 7:1.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika