ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 12/12 rup. 26-27
  • “Ntureke ngo ibihere bikurye!”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Ntureke ngo ibihere bikurye!”
  • Be maso!—2012
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Naho bingana n’urwara ntibipfa guhona
  • Nurwanye ibihere
  • Igihe ibihere biteye aho uba
  • Ibirimwo
    Be maso!—2012
  • Haheze imyaka mirongo icenda ntanguye ‘kwibuka Umuremyi wanje Ahambaye’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • “[Ni]mwame Mukurikira Iciza”
    Igikorwa dukorera Ubwami—2002
Be maso!—2012
g 12/12 rup. 26-27

“Ntureke ngo ibihere bikurye!”

NKO hagati mu kinjana ca 20, abantu basa n’abashoboye kurwanya ibihere. Abantu bamwebamwe bari bamenyereye ibihere kubera gusa akaririmbo ka kera k’abana kigisha ngo: “Ntureke ngo ibihere bikurye.” Ariko rero, mu myaka ya 1970 ibihugu vyinshi vyarafashe ingingo yo kubuza ikoreshwa ry’umuti witwa DDT, ukaba ari wo canecane wakoreshwa mu kurwanya ibihere, kubera ko warimwo ubumara ukaba kandi warabangamira ibidukikije.

Iyindi miti yagiye irananirwa kwica ibihere. Vyongeye, abantu baratanguye kuza baragira ingendo nyinshi maze bagatwara ibihere batabizi. None ivyo vyavuyemwo iki? Raporo imwe yagizwe mu 2012 ku bijanye no gutuza ibihere, igira iti: “Muri iyi myaka 12 iheze, vyaravuzwe ko ibihere vyasubiye kwibonekeza muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, muri Kanada, mu Karere k’ibihugu vy’Abarabu, mu bihugu bitari bike vya Buraya, muri Ostraliya no mu bice bimwebimwe vya Afrika.”

I Moscou mu Burusiya, ukwidoga ku bijanye n’ibihere kwarongerekanye incuro cumi mu mwaka umwe wa vuba. Muri ico gihe nyene, mu kandi karere k’isi ari ko Ostraliya ibihere vyarongerekanye bishika ku bice nka 5.000 kw’ijana kuva mu 1999!

Abantu bamwebamwe batabiciye n’ikanda barakura ibihere mu mamangazini, mu nyubakwa zigirirwamwo ibikino canke mu mahoteli. Umuyobozi umwe w’ihoteli yo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika agira ati: “Muraterwa n’ibihere. Mu rudandaza rwa none tubwirizwa guhangana n’ibihere.” Kubera iki none ibihere bigoye cane gutuza? Wovyikingira gute? Mu gihe ibihere biteye i muhira iwawe, ni ibintu ngirakamaro ibihe wokora kugira ngo ubituze ubutakigaruka?

Naho bingana n’urwara ntibipfa guhona

Kubera ko ibihere usanga bigomba kungana n’akabuto k’ipapayi bikaba kandi bifise umubiri ubase, birashobora kwinyegeza ahantu nka hose. Vyoshobora kwibera mu matela yawe, mu bikoresho vyawe vyo mu nzu, muri bene ka kantu bacomekamwo urutsinga rw’umuyagankuba (prise), canke mbere muri telefone. Ibihere birakunda kuba biri ku metero zitatu gushika kuri zitandatu uvuye aho umuntu aryama be n’aho yicara. Kubera iki? Kugira ngo bigume hafi y’indya zavyo, ni ukuvuga wewe.a

Ibihere akenshi birya abantu igihe basinziriye. Ariko rero, abantu benshi ntibigera bumva ko biriko birabarya kubera ko bibanza kubinjizamwo ibintu bituma bimara iminuta ishika kw’icumi biriko birabarya batavyumva. Vyongeye, naho ata ndwi yokwijana igihere kitariye umuntu, birazwi yuko gishobora kumara amezi menshi ata we kiriye kandi ntihagire ico kiba.

Ego ni ko, ibihere nta ndwara biteza nka kurya kw’imibu n’utundi dukoko. Naho ari ukwo, igihe biriye umuntu arasasatwa akongera agafurutirwa, kandi abantu benshi birabagirako ingaruka mbi mu nyiyumvo. Abantu bariwe n’ibihere boshobora kudatora agatiro, kumaramara, mbere bakaza bariyumvamwo ko hariho ibiriko birabarya, naho hoba haciye igihe kirekire bibariye. Raporo imwe yavuye muri Sierra Léone ivuga ko ibihere “bituma umuntu ashavura cane kandi akamara amajoro adatoye agatiro,” ikongera ikagabisha ku bijanye “n’ukumaramara guterwa n’ibihere.”

Nurwanye ibihere

Ibihere birashobora gutera uwo ari we wese. Biroroshe kurwanya igihe ubibonye hakiri kare. Ku bw’ivyo, nugerageze kumenya ibimenyetso vy’ibihere i muhira be n’igihe ufashe urugendo. Nusuzume mu bikoresho vyawe vyo mu nzu, ku mikaba y’inzu no mw’ivalisi urabe ko hoba harimwo utugi tw’ibihere tumeze nk’udutete tw’uburo wongere urabe ibirabagu vy’amaraso yavyo. Nukoreshe itoroshi kugira ngo urushirize kubona aho biri.

Nukore uko ushoboye kwose kugira ngo ibihere ntibironke aho vyinyegeza. Nuhome imigaga n’udutoboro biri ku mpome no ku mpande z’imiryango. Naho umwanda udateza ibihere, bizorushiriza kukworohera kubibona no kubirwanya niwaza uragira isuku ukongera ukareka gusanzaza ibintu. Mw’ihoteli, vyoshoboka rwose ko ugenda udatwaye ibihere mu gihe isakoshi yawe utayishize hasi canke ku buriri.

Igihe ibihere biteye aho uba

Mu gihe ubonye ibihere mu nzu yawe canke mw’ihoteli, woshobora guhagarika umutima eka mbere ukamaramara. Igihe uwitwa Dave n’umukenyezi wiwe bari mu karuhuko, barariwe n’ibihere. Dave avuga ati: “Twarishwe n’isoni. Twobwiye iki abagenzi n’umuryango dushitse i muhira? Biramutse bishitse bagasasatwa canke bagafurutirwa, boba bokwiyumviriye ko vyatumwe n’uko batugendeye?” Naho ari ibisanzwe kwiyumvira gutyo, ntureke ngo isoni zikubuze kurondera gufashwa mu gihe ubonye ibihere mu nzu yawe. Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwo mu gisagara ca New York budusubiriza umutima mu nda buti: “Biragoye gutuza ibihere, mugabo birashoboka.”

Ariko rero, ntufatire mu rwara urugamba rujanye no gutuza ibihere. Nimba ubonye ibihere mu nzu yawe, umwe mu bajejwe kurwanya udukoko arashobora kugufasha. Naho ya miti twavuga mu ntango itagikoreshwa, abajejwe kurwanya udukoko ubu barakoresha ubundi buryo ngirakamaro butari buke mu kurwanya ibihere. Umuhinga mu bijanye n’udukoko yitwa Dini M. Miller na we nyene avuga ati: “Kurwanya ibihere bisaba ko ababa mu nyubakwa, bene yo hamwe n’ishirahamwe rijejwe kurwanya udukoko basenyera ku mugozi umwe.” Ukurikije ubuyobozi uhabwa n’abahinga ukongera ugakora uko ushoboye kwose kugira ngo wikingire, urashobora kurangura uruhara rukwega maze “ntureke ngo ibihere bikurye”!

[Akajambo k’epfo]

a Abahinga mu bijanye n’udukoko bavuga ko ibihere binunuza amaraso y’abantu n’ibikoko, harimwo n’ibikoko abantu batunga.

[Ifoto ku rup. 26]

[Ifoto ku rup. 26]

Igihere gikuze kireha n’imilimetero nka zitanu gusa

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 27]

Nurabe ivyerekana ko hari ibihere, maze ugire ico ukoze kugira ngo ubibuze kwinyegeza mu nzu yawe

[Ifoto ku rup. 27]

Nusuzume ivalisi yawe

[Ifoto ku rup. 27]

Nuhome udutoboro n’imigaga

[Ifoto ku rup. 27]

Nuze uragira isuku

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika