Bibiliya—Igitabu c’ubuhanuzi bw’ukuri—Igice ca 8
“Ubwami bwawe nibuze”
Iki ni ikiganiro ca nyuma ca rwa rukurikirane rw’ibiganiro umunani vyo muri “Be maso!” rwihweza umuce uhambaye wa Bibiliya, ni ukuvuga ubuhanuzi bwo muri yo canke ivyo yari yaravuze ko bizoba. Ibi biganiro birakuronsa inyishu z’ibi bibazo: Ubuhanuzi bwo muri Bibiliya bwoba ari ibintu gusa abantu b’incabwenge biremaremeye? Hoba hari icotuma twemera ko bwahumetswe n’Imana? Niwirabire ibimenyamenya.
ABIYITA abakirisu baramaze imyaka nk’ibihumbi bibiri basaba ngo Ubwami bw’Imana buze. Ico kintu bagira gishingiye ku majambo Yezu yavuze. Yigishije abigishwa biwe gusenga bati: “Ubwami bwawe nibuze. Ukugomba kwawe nigukorwe kw’isi nko mw’ijuru.”—Matayo 6:10.
None ubwo Bwami abantu benshi basaba ni iki? Ni intwaro y’Imana yo mw’ijuru, ikaba izosubirira izindi ntwaro zose. Yezu Kristu we Mwami yagenywe w’ubwo Bwami, ararangura ukugomba kw’Imana mw’ijuru no kw’isi. (Daniyeli 2:44; 7:13, 14) Igihe Imana yashinze kigeze, izokwishura iryo sengesho ry’akarorero mu gukuraho ububi n’imibabaro hanyuma ironse ubukiriro “isinzi rinini” ridaharurika ry’abasavyi bayo b’intahemuka. (Ivyahishuwe 7:9, 10, 13-17) Maze, “abagororotsi bazokwigabira isi, kandi bazoyibako ibihe bidahera.”—Zaburi 37:29.
Twoba dushobora kumenya ukuntu ibintu bizoba vyifashe mu gihe c’ingoma ya Kristu? Cane nyene. Igihe Yezu yari kw’isi, yarerekanye ko yipfuza gutorera umuti ingorane z’abantu be n’uko abishoboye. Nimuze twihweze ubuhanuzi bune bwo muri Bibiliya maze turabe ukuntu Yezu yerekanye imbere y’igihe ivyo azokora kw’isi yose igihe azoba ari Umwami w’Ubwami bw’Imana bwo mw’ijuru.
Ubuhanuzi bwa 1: “Yehova . . . ahagarika intambara gushika ku mpera y’isi. Umuheto aravunagura, emwe, icumu agahimbagura; imikogote ayituririra mu muriro.” —Zaburi 46:8, 9.
Iranguka: Yezu Kristu, we “Muganwa w’amahoro,” azozana amahoro aramba kw’isi. Biciye kuri porogarama yo kwigisha irangwa amahoro no ku gukura ibirwanisho kw’isi, Ubwami bw’Imana buzotuma abantu bose bunga ubumwe babe vy’ukuri umuryango umwe w’abavukanyi ukwiye kw’isi yose.—Yesaya 2:2-4; 9:6, 7; 11:9.
Ivyo kahise kerekana:
● Yezu ntiyigishije abayoboke biwe gufata ibirwanisho, ahubwo yabigishije kubana amahoro n’abandi. Igihe umwe mu bigishwa biwe yagerageza kwirwanira afise ikirwanisho mu minwe, Yezu yamubwiye ati: “Subiza inkota yawe mu kibanza cayo, kuko abafata inkota bose bazokwicwa n’inkota.” (Matayo 26:51, 52) Yezu yavuze ko abakirisu b’ukuri boranzwe n’urukundo bafitaniye.—Yohani 13:34, 35.
Ubuhanuzi bwa 2: “Hazoba umukimba w’intete kw’isi; kw’isonga ry’imisozi hazoba umusesekara.”—Zaburi 72:16.
Iranguka: Ubwami bw’Imana buzokuraho ugufungura nabi, ubukene bw’ibifungurwa n’amapfa. Abantu bose bazoronka umukimba w’ibifungurwa vyiza.
Ivyo kahise kerekana:
● Impuhwe Yezu yagirira abantu bashonje zaribonekeza, kandi ubushobozi yari afise bwo kugaburira amasinzi bwari akumiza. Uwavyiboneye yavuze ati: “[Yezu] ategeka nya masinzi kugandagaza ku vyatsi, hanyuma afata ya mikate itanu na za fi zibiri, arangamiza mw’ijuru, arabihezagira, hanyuma amaze kumanyagura ya mikate, ayihereza abigishwa, abigishwa na bo bayigaburira nya masinzi. Bose bararya barahaga, begeranya utumanyu twasigaye, haboneka ibisimbo cumi na bibiri vyuzuye. Yamara abariye bari abagabo nk’ibihumbi bitanu, hatarimwo abagore n’abana batoyi.”—Matayo 14:14, 19-21.
Ubuhanuzi bwa 3: “Nta wuhaba azovuga ngo: ‘Ndarwaye.’ ” (Yesaya 33:24) “Amaso y’impumyi azohumuka, kandi amatwi y’ibipfamatwi azozibuka. Ico gihe uwucumbagira azonanagira nk’ifumbēri, kandi ururimi rw’ikiragi ruzokwiha akamo k’urweze.”—Yesaya 35:5, 6.
Iranguka: Ubwami bw’Imana buzokuraho indwara n’ubumuga vy’ubwoko bwose. Impumyi zizobona, kandi abaragi bazokwumva bongere bavuge. Nta muntu n’umwe azoba agikenera imiti, ibitaro canke abaganga.
Ivyo kahise kerekana:
● Igihe Yezu yaba ariko arigisha abantu ivyerekeye Ubwami bw’Imana, yarahimbarwa no gukiza indwara zose n’ubumuga bwose baba bafise. Muri ubwo buryo, Yezu yarerekanye ku rugero ruto ivyo azokora kw’isi yose igihe azoba ari Umwami w’Ubwami bw’Imana bwo mw’ijuru.—Luka 7:22; 9:11.
Ubuhanuzi bwa 4: Imana “urupfu [i]zorumira miyonzwa gushitsa ibihe bidahera.”—Yesaya 25:8.
Iranguka: Igihe Kristu azoba ari Umwami w’Ubwami bw’Imana, “abari mu mva” bazozurwa babe mw’isi y’iparadizo. (Yohani 5:28, 29) Yezu azotsinda urupfu, ari na rwo mwansi wacu ruburakigongwe, bitume dushobora kubaho ibihe bidahera.—Zaburi 37:29.
Ivyo kahise kerekana:
● N’imiburiburi incuro zitatu, Yezu yarerekanye ububasha bwiwe mu kuzura abapfuye. (Luka 7:11-15; 8:41-55; Yohani 11:38-44) Yezu ubwiwe amaze gupfa, abantu nka 500 bamwiboneye amaze kuzuka barashoboye kubishingira intahe.—1 Abakorinto 15:3-8.
Uru rukurikirane rw’ibiganiro umunani rwaraciye irya n’ino ubuhanuzi bwo muri Bibiliya butari buke bwarangutse. Ubwo buhanuzi bwose, hamwe n’ubundi bwinshi, burerekana ko ibiri muri Bibiliya atari ibintu gusa abantu b’incabwenge biremaremeye. Ahubwo nyabuna, buratuma twemera ko Bibiliya yahumetswe n’Imana. Nta gukeka yuko “ikintu cose co mu Vyanditswe [ari] Ijambo ry’Imana.”—2 Timoteyo 3:16, Contemporary English Version.
Kubera yuko Bibiliya ari igitabu c’ubuhanuzi butagiramwo amakosa, urafise imvo yumvikana yo kwemera ko “hasigaye akanya gatoyi, umubisha ntabe akiriho; kandi uzokwitegereza koko aho yahora, umubure. Mugabo abatekereza bazokwigabira isi, kandi bazokwinovora amahoro menshi.”—Zaburi 37:10, 11.
[Uruzitiro ku rup. 23]
IKIRERE NTIKIZOSUBIRA KUMERA NABI
Ubwami bw’Imana buzokora ikintu ata yindi ntwaro yoshobora gukora: buzocungera inguvu zo mu bidukikije. Yezu yarerekanye ko afise ububasha ku muyaga, ku kiyaga, ku bimera no ku binyabuzima. Ku bw’ivyo, igihe Kristu azoba aganza isi, abantu ntibazosubira gushikirwa n’ivyago vy’ivyaduka.—Mariko 4:36-41; 11:12-14, 20-23; Luka 5:4-11.
[Ifoto ku rup. 23]
[Uruzitiro ku rup. 24, 25]
MU GIHE C’UBWAMI BW’IMANA:
Ibintu bibi vyose bizokurwaho
Nta bwicanyi canke ibiturire
Nta gukorera amabi abana
Nta kwinubana gushingiye kw’ibara ry’urukoba
Isi yose izoba Iparadizo
Nta birwanisho ruhonyanganda
Nta tosekara ry’ibidukikije
Nta vyago vy’ivyaduka
Abantu bazobaho neza
Umuntu wese azoba afise inzu nziza
Abantu bose bazoba bafise igikorwa kimara akanyota
Amagara meza
Amahoro n’agahimbare
Ubuzima budahera
[Ifoto ku rup. 24, 25]
[Ifoto ku rup. 23]