Ku wa gatatu, 15 Ndamukiza
Nimukundane.—Yoh. 15:12.
Abasavyi ba Yehova barakunda gufashanya. (2 Kor. 8:4) Ariko rimwe na rimwe ivyo bisaba umutima rugabo. Nk’akarorero, iyo hadutse intambara abakurambere baca babona ko abavukanyi bo mw’ishengero bakeneye kuremeshwa, gushigikirwa canke kumbure kuronswa ivyo bakeneye mu vy’impwemu no mu vy’umubiri. Kubera ko abakurambere bakunda intama za Yehova, barakora uko bashoboye kwose kugira bazironse ivyo zikeneye, n’igihe mbere kubigira vyoba biteye akaga. Mu bihe nk’ivyo, birahambaye ko tuguma twunze ubumwe. Nukurikize ubuyobozi uhabwa n’ibiro vy’ishami. (Heb. 13:17) Abakurambere barakwiye kwama biyibutsa intunganyo zijanye no kwitegurira ivyago vy’ivyaduka mu karere iwacu be n’ubuyobozi butangwa n’ishirahamwe bwerekana icokorwa igihe icago giteye. (1 Kor. 14:33, 40) Nugaragaze umutima rugabo ariko kandi ube maso. (Imig. 22:3) Nubanze wiyumvire kugira ntiwite mu kaga bidakenewe. Niwiheke kuri Yehova. Arashobora kugufasha ugaseruka ku bavukanyi bawe kandi bikagenda neza. w24.07 4 ing. 8; 5 ing. 11
Ku wa kane, 16 Ndamukiza
Nambaje Yehova mu marushwa yanje, . . . ugutabaza kwanje gushika mu matwi [yiwe].—Zab. 18:6.
Dawidi yari azi Yehova kandi ni we yihekako. Igihe umwami Sawuli hamwe n’abandi bashaka kumwica, yaratakambiye Yehova ngo amufashe. Imana imaze kwishura isengesho ryiwe ikamurokora, Dawidi yaciye avuga ati: «Yehova ni muzima!» (Zab. 18:46) Mu kuvuga ayo majambo, Dawidi ntiyashaka kwerekana ko Imana ibaho gusa. Igitabu kimwe kivuga ko Dawidi yariko yerekana ko Yehova «ari Imana y’ukuri, kandi ko azokwama afasha abasavyi biwe.» Ego cane, Dawidi afatiye ku vyamushikiye yari azi neza ko Imana ibaho, kandi ivyo vyaramufashije kubandanya akorera Yehova no kumushemeza. (Zab. 18:28, 29, 49) Kuba twarajijutse ko Yehova ari Imana nzima biratuma tumukorera n’umwete. Turaronka inkomezi zo kwihanganira ingorane kandi bikatuvyurira umutima wo kubandanya dukora vyinshi mu gikorwa ciwe. Biratuma kandi twiyemeza kuguma twiyegereje Yehova. w24.06 20-21 ing. 3-4
Ku wa gatanu, 17 Ndamukiza
Ntihagire uwubazimiza mu buryo na bumwe.—2 Tes. 2:3.
Ayo majambo intumwa Pawulo yabwiye Abatesalonika atwigisha iki? Igihe twumvise ikintu kidahuye n’ivyo twize muri Bibiliya canke tukumva urukurukuru rudasanzwe, turakwiye kuba maso. Mu bihugu vyahoze bigize Leta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti, abansi bacu barakwiragije ikete vyavugwa ko ryavuye ku cicaro gikuru. Iryo kete ryaremesha abavukanyi bamwebamwe gushinga irindi shirahamwe ryigenga. Wamengo iryo kete ni iry’ukuri. Ariko abavukanyi b’intahemuka ntibajanye na rwo. Barabonye ko ivyo ryavuga bitari bihuye n’ivyo bari barigishijwe. Muri iki gihe, bihora bishika abansi b’ukuri bagakoresha ubuhinga bwa none kugira ngo batuvuruge mu bwenge bongere baducanishemwo. Aho ‘guhungabana ningoga mu vyiyumviro vyacu’, turashobora kwikingira mu kwihweza nimba ivyo twumva canke dusoma bihuye n’ukuri tumaze kwiga.—2 Tes. 2:2; 1 Yoh. 4:1. w24.07 12 ing. 14-15