Ndamukiza
Ku wa gatatu, 1 Ndamukiza
Iki ni co Data agomba: ni uko umuntu wese yemera Umwana kandi akamwizera aronka ubuzima budahera.—Yoh. 6:40.
Kugira ngo twungukire ku mubiri wa Yezu no ku maraso yiwe, turakeneye kwizera incungu. (Ef. 1:7) Abo Yezu yise «izindi ntama» ntibakwiye kwihereza ku mukate no ku muvinyu mu gihe c’Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba zihimbazwa buri mwaka. (Yoh. 10:16) Naho ari ukwo, iyo bizeye agaciro k’incungu Yezu Kristu yatanze, barungukira ku mubiri wiwe no ku maraso yiwe. (Yoh. 6:53) Abakwiye kwihereza ku bimenyetso barerekana ko bari mw’isezerano rishasha, ko bafise icizigiro co kuzoganza mu Bwami bwo mw’ijuru. Ku bw’ivyo rero, twaba turi mu barobanuwe canke mu zindi ntama, birahambaye yuko tugaragaza ukwizera kugira dushobore kuronka ubuzima budahera. w24.12 13 ing. 14, 16
Ugusoma Bibiliya kw’Icibutso: (Ivyabaye kw’igenekerezo rya 12 Nisani ku murango) Matayo 26:1-5, 14-16; Luka 22:1-6
IGENEKEREZO RY’ICIBUTSO
Izuba rirenze
Ku wa kane, 2 Ndamukiza
Ntimutinye mwa busho buto, kuko So yashimye kubaha Ubwami.—Luka 12:32.
Mu gihe c’Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba, Yezu yarahaye intumwa ziwe umukate utarimwo umwambiro, azibwira yuko ugereranya umubiri wiwe. Yaciye aziha n’umuvinyu azibwira ko ugereranya «amaraso y’isezerano.» (Mrk. 14:22-25; Luka 22:20; 1 Kor. 11:24) Iryo sezerano rishasha ririmwo ‘Abisirayeli bo mu buryo bw’impwemu’ bazoba «mu Bwami bw’Imana.» (Heb. 8:6, 10; 9:15) Ivyo Yezu yavuze mu gihe c’Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba vyari vyerekeye abagize «ubusho buto.» Uwo mugwi mutoyi watanguranye n’intumwa ziwe z’intahemuka zari kumwe na we mu gihe c’izo mfungurwa. Abo ni bo bobanye na Yezu mw’ijuru. w24.12 11 ing. 9-10
Ugusoma Bibiliya kw’Icibutso: (Ivyabaye kw’igenekerezo rya 13 Nisani ku murango) Matayo 26:17-19; Mariko 14:12-16; Luka 22:7-13 (Ivyabaye kw’igenekerezo rya 14 Nisani izuba rirenze) Yohani 13:1-5; 14:1-3
Ku wa gatanu, 3 Ndamukiza
Imana ya[ra]kunze isi cane ku buryo itanga Umwana wayo w’ikinege, kugira ngo umuntu wese amwizera ntarandurwe, ahubwo aronke ubuzima budahera.—Yoh. 3:16.
Yezu yaratanzwe ku bansi biwe, arafatwa, aratukwa, arabesherwa, aracirwa urubanza, aranasinzikarizwa ubuzima. Abasoda baciye bamutwara aho yari kwicirwa maze bamumanika ku giti. Igihe yariko arihanganira iyo mibabaro yose, Yehova wewe yari atuntuye cane. Naho yari afise ububasha bwo kubihagarika, yarifashe. Kubera iki? Muri make yabitumwe n’urukundo. Incungu ya Yezu ni ikimenyamenya gikomeye cerekana ko Yehova agukunda cane. Yaremeye gutuntura bimwe bidasanzwe kugira ngo agukize icaha n’urupfu. (1 Yoh. 4:9, 10) Emwe, yipfuza gufasha umwe wese muri twebwe kurwanya igicumuro no kugitsinda! w24.08 6 ing. 13-14
Ugusoma Bibiliya kw’Icibutso: (Ivyabaye kw’igenekerezo rya 14 Nisani ku murango) Yohani 19:1-42
Ku wa gatandatu, 4 Ndamukiza
Kristu yababajwe ku bwanyu.—1 Pet. 2:21.
Turashobora gutahura neza uko urwo Yehova adukunda rungana, turavye ico vyamusavye kugira incungu itangwe. Shetani avuga ko ata musavyi w’Imana n’umwe ashobora kuguma ari intahemuka kuri yo igihe ari mu ngorane. Kugira ngo Yehova abeshuze ico kinyoma, yaremeye ko Yezu ababazwa imbere y’uko apfa. (Yobu 2:1-5) Yehova yarabonye ingene Yezu acokorwa n’abanyamadini bamurwanya, arakubitwa ibimoko n’abasoda, yongera aramanikwa ku giti. Yarabonye kandi ingene uwo Mwana wiwe akunda cane apfa urupfu rubabaje. (Mat. 27:28-31, 39) Yehova yari afise ububasha bwo guhagarika ivyo bintu umwanya wose ashakiye. (Mat. 27:42, 43) Ariko iyo ahaseruka, nta ncungu yotanzwe kandi nta cizigiro twogize. Yehova rero yaremeye ko Umwana wiwe ababazwa gushika acikanye. w25.01 22 ing. 7
Ugusoma Bibiliya kw’Icibutso1: (Ivyabaye kw’igenekerezo rya 15 Nisani ku murango) Matayo 27:62-66 (Ivyabaye kw’igenekerezo rya 16 Nisani izuba rirenze) Yohani 20:1
Ku wa mungu, 5 Ndamukiza
Yamaze imisi 40 abiyereka.—Ivyak. 1:3.
Ni ku wa 16 Nisani 33. Abigishwa ba Yezu baratuntuye kandi batekewe n’ubwoba. Babiri muri bo, barava i Yeruzalemu bakaja mu gasagara kitwa Emawusi. Umugabo umwe batazi, arabegera maze bagafatana urugendo. Abo bigishwa baramwiganira ibintu bibabaje vyashikiye Yezu. Uwo mugabo aca atangura kubabwira ibintu batopfuye bibagiye. «Ahera ku vyo Musa yanditse no ku vyo abahanuzi bose banditse», akabasigurira igituma Mesiya yari gushikirwa n’ivyo bintu vyose hanyuma akicwa. Abo bagabo batatu bashitse i Emawusi, umwe batari bazi aca abibwira, ko ari Yezu yari yazutse. (Luka 24:13-35) Yezu yariyeretse abigishwa biwe incuro zitandukanye mu kiringo c’imisi 40 ya nyuma yamaze ng’aha kw’isi. Ico gihe abayoboke ba Yezu bari bishwe n’intuntu be n’ubwoba, barasubiriye kugira umunezero, bararema, bagira n’umutima rugabo wo kwamamaza no kwigisha inkuru nziza yerekeye Ubwami. w24.10 12 ing. 1-3
Ugusoma Bibiliya kw’Icibutso: (Ivyabaye kw’igenekerezo rya 16 Nisani ku murango) Yohani 20:2-18
Ku wa mbere, 6 Ndamukiza
Nimwikomeze biciye ku kwizera kwanyu kweranda cane.—Yuda 20.
Uko haca igihe, umwana arashobora gusanga yakuze. Ariko si ko bigenda kw’ikura ryo mu vy’impwemu, kuko ritizana. Nk’akarorero, abavukanyi na bashiki bacu b’i Korinto barakiriye inkuru nziza, barabatizwa, bararonka impwemu nyeranda bongera barigishwa n’intumwa Pawulo. (Ivyak. 18:8-11) Ariko haciye imyaka itari mike babatijwe, benshi muri bo ntibari bwabe abakirisu bahumuye. (1 Kor. 3:2) Kugira ngo tube abakirisu bahumuye dutegerezwa kubanza kuvyipfuza. «[Aba]kunda ubujuju» bagashima kuguma ari abana mu vy’impwemu, ntibazokwigera batera imbere. (Imig. 1:22) Ntitwipfuza kumera nk’abantu bakuze mugabo baguma barondera ko abavyeyi babo ari bo babafatira ingingo. Ahubwo twipfuza kwifatira ingingo zituma tuba abantu bahumuye mu vy’impwemu. Nimba uriko urihatira kuba umukirisu ahumuye, nusenge Imana uyisaba «icipfuzo co gukora ivyo igomba n’ububasha bwo kubikora.»—Flp. 2:13. w24.04 4 ing. 9-10
Ku wa kabiri, 7 Ndamukiza
Yehova . . . [ntashaka] yuko hagira n’umwe ahona.—2 Pet. 3:9.
Yehova araduhishurira ingene abona ibijanye no gucira imanza abantu. (Ezk. 33:11) Yehova ntiyihutira gufata ingingo yo guhonya abantu burundu. Kubera ko yuzuye imbabazi, arazigaragaza igihe cose bishoboka. Ni ibiki tuzi ku bijanye n’abatazozuka? Bibiliya ivuga bakeyi gusa muri bo. Nk’akarorero, Yezu yaravuze ko Yuda Isikariyoti atazozuka. (Mrk. 14:21; raba kandi Yohani 17:12.) Yuda yari azi neza ko ivyo yakoze vyari biteye kubiri n’ivyo Yehova agomba be n’Umwana wiwe, ariko ararengako arabikora. (Raba Mariko 3:29 be n’ikiganiro co kuri jw.org kivuga ngo «Icaha kidaharirwa ni iki?») Yezu yaravuze kandi ko bamwebamwe mu ndongozi z’idini bamurwanya, bopfuye ubutagisubira kubaho. (Mat. 23:33) Intumwa Pawulo na we nyene, yaraburiye abahuni batigaya ko batazozuka.—Heb. 6:4-8; 10:29. w24.05 4 ing. 10-11
Ku wa gatatu, 8 Ndamukiza
Yehova akingira abizigirwa.—Zab. 31:23.
Igihe tugumye twiyegereje Yehova, nta kintu na kimwe Shetani yokora cotugirira nabi ibihe vyose. (1 Yoh. 3:8) Mw’isi nshasha, Yehova azobandanya gukingira abagenzi biwe b’intahemuka icokwonona ubucuti bafitaniye na we, abakingire n’urupfu. (Ivyah. 21:4) Mu vy’ukuri, ni agateka kadasanzwe kuba umushitsi mw’ihema rya Yehova. Turashobora kuba abagenzi biwe ibihe vyose. (Ezk. 37:27) None twokora iki kugira tugume turi abashitsi biwe? Iyo watumiwe n’umuntu, urakenera kumenya ivyo wokora kugira umunezereze. Na twebwe turakeneye kumenya ivyo Yehova asaba abipfuza kuguma ari abashitsi mw’ihema ryiwe. Urukundo dukunda Yehova ruratuma dukora ivyo dushoboye vyose kugira ‘tumushimishe bimwe bishitse.’ (Kol. 1:10) Dukwiye kwama tumwubaha cane kandi ntidukwiye kwigera twibagira ico ari. Ico cubahiro kizotuma twirinda kwigenza mu buryo bumubabaza. Twipfuza kwama ‘tugendana n’Imana yacu twifashe ruto.’—Mika 6:8. w24.06 4 ing. 8-9
Ku wa kane, 9 Ndamukiza
[Yaburaniye] abacumuzi.—Yes. 53:12.
Yehova yasavye Aburahamu gutanga umwana wiwe w’ikinege Izahaki ngo abe ikimazi. Ico kintu Aburahamu yari asabwe gitegerezwa kuba caramubabaje cane. Naho ari ukwo, yaragamburutse. Ariko igihe Aburahamu yagira yice uwo mwana wiwe, Imana yaciye imubuza. Naho atabaye akimutangako ikimazi, ako karorero karatwigisha ikintu gihambaye: Yehova yotanze n’umutima ukunze Umwana wiwe w’ikinege akunda cane, kugira ngo apfire abantu. Iyumvire nawe urwo rukundo Yehova akunda abantu! (Ita. 22:1-18) Inyuma y’imyaka amajana, Imana yarahaye Abisirayeli amategeko yabasaba gutanga ibimazi kugira ngo bababarirwe ibicumuro. (Lew. 4:27-29; 17:11) Ivyo bimazi vyagereranya ikimazi gihambaye kuruta, cokijije abantu icaha burundu. Abahanuzi b’Imana baramenyesheje ko Umwana wayo adasanzwe, ari we rwa ruvyaro rwari rwarasezeranywe, yoshikiwe n’imibabaro hanyuma akicwa kugira ngo akize abantu icaha n’urupfu, na wewe urimwo!—Yes. 53:1-12. w24.08 4 ing. 7-8
Ku wa gatanu, 10 Ndamukiza
Ewe kuntu nkunda itegeko ryawe! Ni ryo nzirikana bukarinda bwira.—Zab. 119:97.
Igihe usoma Bibiliya, niwiyemeze ko uronka umwanya wo kwiyumvira ingene woshira mu ngiro ivyo wasomye. Igihe uriko urasoma igice kanaka co mw’Ijambo ry’Imana niwibaze uti: “Ibi nsomye nobishira mu ngiro gute uno musi canke muri kazoza?” Tubitangire akarorero: Dufate ko uriko urasoma mu 1 Abatesalonika 5:17, 18. Umaze gusoma iyo mirongo ibiri, nuce uhagarika maze wiyumvire incuro usenga n’ivyo ushira mw’isengesho. Vyongeye woshobora kwiyumvira ibintu woshimira Yehova. Kumbure woshobora kwiyumvira ibintu bitatu womukengurukira udomako. Naho wofata iminota mikeyi yo kuzirikana ku vyigwa wakuye muri Bibiliya, vyoshobora kugufasha gutahura Ijambo ry’Imana no gushira mu ngiro ivyo rivuga. Vyongeye, niwashira mu ngiro ivyo usoma muri Bibiliya buri musi, uzorushiriza kuba umusavyi wa Yehova ameze neza. w24.09 4-5 ing. 9-10
Ku wa gatandatu, 11 Ndamukiza
Mwiyubare rero kugira ntimutakaze ibintu twabiriye akuya, ahubwo muronke impembo yuzuye.—2 Yoh. 8.
Yehova yaturemanye ubushobozi budasanzwe. Turahimbarwa cane igihe dutanze kuruta iyo duhawe. Biratunezereza igihe dushoboye gufasha abavukanyi bacu. Kandi turahimbarwa igihe badukengurukiye. Ariko naho abo twakoreye iciza batodushimira, turagira umunezero kubera ko tuba twakoze ikibereye. Naho uba watanze ibingana gute, ntiwibagire ko «Yehova [ashoboye] kuguha vyinshi cane kuruta ivyo» uba watanze. (2 Ngo. 25:9) Rero, Yehova azokwama aguhemba ibiruta ivyo uba watanze. Kandi nta coza kidutera umunezero nko kuronka impembo Yehova atanga. Ku bw’ivyo, nimuze twiyemeze kubandanya twigana Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru atanga cane. w24.09 30-31 ing. 20-21
Ku wa mungu, 12 Ndamukiza
Ewe Yehova Mana yanje, ndagushemeza n’umutima wanje wose, kandi nzoninahaza izina ryawe ibihe vyose.—Zab. 86:12.
Yehova ni umunyembabazi akaba n’umunyakigongwe. (Zab. 103:13; Yes. 49:15) Iyo tubabaye, ababarana natwe. (Zak. 2:8) Aratuma bitworohera kumwiyegereza, tukaba abagenzi biwe. (Zab. 25:14; Ivyak. 17:27) Aricisha bugufi. «Arunama kugira arabe ijuru n’isi, akaduza umuntu mutoyi amukuye mu mukungugu.» (Zab. 113:6, 7) Ni nde ga yemwe atoninahaza iyo Mana yacu ihambaye? Turaninahaza Yehova kubera ko twipfuza ko abandi bamumenya. Benshi ntibazi ukuri ku vyerekeye Yehova. Kubera iki? Kubera ko Shetani yahumye ubwenge bwabo biciye ku binyoma bikomeye yakwiragije ku vyerekeye Yehova. (2 Kor. 4:4) Shetani yaratumye abantu bemera ko Yehova ari Imana yihora, itatwitwararika, kandi ko ari yo iteza ingorane nyinshi tubona kw’isi. Ariko twebwe turazi ukuri ku vyerekeye Imana yacu. Turafise akaryo rero ko gufasha abandi kumenya ivyerekeye iyo Mana maze bakayininahaza.
Ku wa mbere, 13 Ndamukiza
Shetani . . . azimiza isi yose.— Ivyah. 12:9.
Naho Yezu yari Umwana w’Imana atunganye kandi yakora ibitangaro, nticabujije ko mu kinjana ca mbere abanywanyi ba Shetani bamutyoza bivuye inyuma. Nk’akarorero, indongozi z’amadini zabwira abantu ko ububasha Yezu yari afise bwo kwirukana amadayimoni yabuhabwa «n’umutware w’amadayimoni.» (Mrk. 3:22) Igihe Yezu yarengutswa imbere y’intahe, indongozi z’amadini zamwagirije ko yatutse Imana zica zosha abantu ngo basabe ko yokwicwa. (Mat. 27:20) Mu nyuma, igihe abigishwa ba Kristu bariko baramamaza inkuru nziza, ababarwanya ‘baragumuye abanyamahanga’ kugira ngo babatoteze. (Ivyak. 14:2, 19) Ku bijanye n’ibivugwa mu Vyakozwe 14:2, Umunara wo ku wa 1 Kigarama 1998 wavuze uti: «Abayuda babona ko kurwanya ubutumwa abakirisu bashikiriza bidahagije. Ni co gituma baciye batanguza n’isekeza ryo kubatyoza, mu kwosha n’abanyamahanga ngo babinube.» No muri iki gihe, Shetani aracabandanya ‘kuzimiza isi yose.’ w24.04 11 ing. 15-16
Ku wa kabiri, 14 Ndamukiza
Mbega Umucamanza w’isi yose ntazokora ibigororotse?—Ita. 18:25.
Kugira ngo umuntu azoronke ubuzima budahera, ntibivana n’igihe aba apfiriyeko. Yehova ni Umucamanza atunganye, akaba ari co gituma imanza ziwe zigororotse kandi zitarenganya. (Zab. 33:4, 5) Turizigira tudakeka ko «Umucamanza w’isi yose» azokora ibigororotse. Birumvikana kandi yuko kugira ngo umuntu azoronke ubuzima budahera bitazovana n’aho aba. Abantu amamiliyoni bataronse akaryo ko kwumva inkuru nziza kubera ibihugu babamwo, Yehova ntiyoca abita «impene» kubera gusa babayo. (Mat. 25:46) Wa Mucamanza w’isi yose agororotse, azokwitwararika abo bantu kuruta uko twobigira. Ntituzi ingene Yehova azoyobora ibintu mu kiringo ca ya makuba akomeye. Hari igihe bamwe muri abo bantu boronka akaryo ko kwiga ivyerekeye Yehova, bakamwizera maze bakaja ku ruhande rwiwe, igihe azokweza izina ryiwe mu mahanga yose.—Ezk. 38:16. w24.05 12 ing. 14-15
Ku wa gatatu, 15 Ndamukiza
Nimukundane.—Yoh. 15:12.
Abasavyi ba Yehova barakunda gufashanya. (2 Kor. 8:4) Ariko rimwe na rimwe ivyo bisaba umutima rugabo. Nk’akarorero, iyo hadutse intambara abakurambere baca babona ko abavukanyi bo mw’ishengero bakeneye kuremeshwa, gushigikirwa canke kumbure kuronswa ivyo bakeneye mu vy’impwemu no mu vy’umubiri. Kubera ko abakurambere bakunda intama za Yehova, barakora uko bashoboye kwose kugira bazironse ivyo zikeneye, n’igihe mbere kubigira vyoba biteye akaga. Mu bihe nk’ivyo, birahambaye ko tuguma twunze ubumwe. Nukurikize ubuyobozi uhabwa n’ibiro vy’ishami. (Heb. 13:17) Abakurambere barakwiye kwama biyibutsa intunganyo zijanye no kwitegurira ivyago vy’ivyaduka mu karere iwacu be n’ubuyobozi butangwa n’ishirahamwe bwerekana icokorwa igihe icago giteye. (1 Kor. 14:33, 40) Nugaragaze umutima rugabo ariko kandi ube maso. (Imig. 22:3) Nubanze wiyumvire kugira ntiwite mu kaga bidakenewe. Niwiheke kuri Yehova. Arashobora kugufasha ugaseruka ku bavukanyi bawe kandi bikagenda neza. w24.07 4 ing. 8; 5 ing. 11
Ku wa kane, 16 Ndamukiza
Nambaje Yehova mu marushwa yanje, . . . ugutabaza kwanje gushika mu matwi [yiwe].—Zab. 18:6.
Dawidi yari azi Yehova kandi ni we yihekako. Igihe umwami Sawuli hamwe n’abandi bashaka kumwica, yaratakambiye Yehova ngo amufashe. Imana imaze kwishura isengesho ryiwe ikamurokora, Dawidi yaciye avuga ati: «Yehova ni muzima!» (Zab. 18:46) Mu kuvuga ayo majambo, Dawidi ntiyashaka kwerekana ko Imana ibaho gusa. Igitabu kimwe kivuga ko Dawidi yariko yerekana ko Yehova «ari Imana y’ukuri, kandi ko azokwama afasha abasavyi biwe.» Ego cane, Dawidi afatiye ku vyamushikiye yari azi neza ko Imana ibaho, kandi ivyo vyaramufashije kubandanya akorera Yehova no kumushemeza. (Zab. 18:28, 29, 49) Kuba twarajijutse ko Yehova ari Imana nzima biratuma tumukorera n’umwete. Turaronka inkomezi zo kwihanganira ingorane kandi bikatuvyurira umutima wo kubandanya dukora vyinshi mu gikorwa ciwe. Biratuma kandi twiyemeza kuguma twiyegereje Yehova. w24.06 20-21 ing. 3-4
Ku wa gatanu, 17 Ndamukiza
Ntihagire uwubazimiza mu buryo na bumwe.—2 Tes. 2:3.
Ayo majambo intumwa Pawulo yabwiye Abatesalonika atwigisha iki? Igihe twumvise ikintu kidahuye n’ivyo twize muri Bibiliya canke tukumva urukurukuru rudasanzwe, turakwiye kuba maso. Mu bihugu vyahoze bigize Leta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti, abansi bacu barakwiragije ikete vyavugwa ko ryavuye ku cicaro gikuru. Iryo kete ryaremesha abavukanyi bamwebamwe gushinga irindi shirahamwe ryigenga. Wamengo iryo kete ni iry’ukuri. Ariko abavukanyi b’intahemuka ntibajanye na rwo. Barabonye ko ivyo ryavuga bitari bihuye n’ivyo bari barigishijwe. Muri iki gihe, bihora bishika abansi b’ukuri bagakoresha ubuhinga bwa none kugira ngo batuvuruge mu bwenge bongere baducanishemwo. Aho ‘guhungabana ningoga mu vyiyumviro vyacu’, turashobora kwikingira mu kwihweza nimba ivyo twumva canke dusoma bihuye n’ukuri tumaze kwiga.—2 Tes. 2:2; 1 Yoh. 4:1. w24.07 12 ing. 14-15
Ku wa gatandatu, 18 Ndamukiza
Hagize uwucumura, turafise umufasha.—1 Yoh. 2:1.
Ingingo ihambaye kuruta izindi zose umuntu yofata, ni ukwiyegurira Yehova akaba umwe mu bagize umuryango wiwe. Ico ni co Yehova yipfuza ko abantu bose bokora. Uti kubera iki? Yipfuza ko bagiranira na we ubucuti bwiza maze bakazobaho ibihe bidahera. (Gus. 30:19, 20; Gal. 6:7, 8) Naho ari ukwo, Yehova nta n’umwe ahatira kumukorera. Arareka umwe wese akihitiramwo ico yokora. Bite none nka hamwe umukirisu yabatijwe ahisemwo kurenga itegeko ry’Imana, agakora igicumuro gikomeye? Iyo atigaye, arakurwa mw’ishengero. (1 Kor. 5:13) Ariko n’ico gihe nyene, Yehova aguma yiteze ko uwo mucumuzi azomugarukako. Kanatsinda, ikintu nyamukuru catumye atanga incungu, ni ukugira ngo abacumuzi bigaya bashobore kubabarirwa. Imana yacu y’urukundo irahimiriza abacumuzi ibigiranye umutima mwiza ngo bigaye.—Zak. 1:3; Rom. 2:4; Yak. 4:8. w24.08 14 ing. 1-2
Ku wa mungu, 19 Ndamukiza
Niwaba inkerebutsi, umutima wanje uzonezerwa.—Imig. 23:15.
Igihe Yohani yandika ikete ryiwe rya gatatu, hari abantu bakwiragiza inyigisho z’ikinyoma bigatuma ishengero ryicamwo imice. Ariko hari abandi «[babandanije] kugendera mu kuri.» Baragamburukiye Yehova, ‘barabandanya kubaho bisunga amabwirizwa yiwe.’ (2 Yoh. 4, 6) Abo bakirisu b’intahemuka baratumye Yohani na Yehova banezerwa. (Imig. 27:11) Twohakura icigwa ikihe? Nitwaguma turi intahemuka, tuzogira umunezero. (1 Yoh. 5:3) Nk’akarorero, turagira umunezero kubera ko twatumye Yehova ahimbarwa. Aranezerwa igihe abonye ko twatsinze ibigeragezo vyo muri iyi si tukongera tukagamburuka ivyo adusaba. Hari n’abandi banezerwa mw’ijuru. (Luka 15:10) Na twebwe nyene turanezerwa igihe tubonye abandi bagumye ari intahemuka. (2 Tes. 1:4) Iyi si mbi niyavaho, tuzohimbarwa kubona twarashoboye kuguma turi intahemuka mw’isi itwarwa na Shetani. w24.11 12 ing. 17-18
Ku wa mbere, 20 Ndamukiza
Umuntu wese ntagume arondera akarusho kiwe bwite, ahubwo arondere ak’uwundi.—1 Kor. 10:24.
Ukwiye kwihweza umuntu igihe kingana gute imbere y’uko umubwira ko umwiyumvamwo? Wihutiye kubimubwira, yoshobora kwibaza ko uri umuntu atwarwa n’ibishobisho. (Imig. 29:20) Hamwe na ho woteba kubimubwira kandi amaze kubona ibimenyetso bimwereka ko umwiyumvamwo, yoshobora kwiyumvira ko uri umuntu adafata ingingo. (Umus. 11:4) Niwibuke ko imbere y’uko ubwira umuntu iciyumviro umufiseko, atari ngombwa ngo ube umaze guhera amazinda ko ari we nyene muzokwubakana. Ariko rero, ukwiye kuba uzi neza ko witeguriye kwubaka be n’uko uwo muntu abereye. Bite hoho hamwe wobona ko umuntu kanaka akwiyumvamwo? Nimba nawe utamwiyumvamwo, nugerageze kuvyerekana mu vyo ukora. Ntivyoba biranga umutima mwiza utumye agira icizigiro kandi uzi ko bitazoshoboka.—Ef. 4:25. w24.05 22-23 ing. 9-10
Ku wa kabiri, 21 Ndamukiza
Nzogaruka ndabatware iwanje.—Yoh. 14:3.
Abarobanuwe vy’ukuri ni bo gusa Yezu azokwakira mu Bwami bwo mw’ijuru. Abarobanuwe bataguma bari maso ntibazokoranirizwa hamwe n’«abatowe.» (Mat. 24:31) Vyongeye abo bose bafise icizigiro co kubaho ibihe bidahera kw’isi, na bo nyene bakwiye kubona ko amajambo ya Yezu ari ingabisho ibafasha kuguma bari maso kandi ari abizigirwa. Turazi neza Yehova. Rero, turizigira ko ivyo akora vyose vyama bigororotse. Ntiduhagarika umutima igihe Yehova arobanuje impwemu umuntu muri iki gihe cacu. Turibuka ivyo Yezu yavuze ku bijanye na ba bakozi baronka akazi mu murima w’imizabibu sakumi n’imwe. (Mat. 20:1-16) Abaronse akazi amasaha yitereye, baronse impembo ingana n’abatanguye akazi kuva mu gitondo. Muri ubwo buryo nyene, aho umuntu yoberako uwarobanuwe hose, azoronka impera yiwe yo mw’ijuru niyaguma ari umwizigirwa. w24.09 24 ing. 15-17
Ku wa gatatu, 22 Ndamukiza
Kristu yababajwe ku bwanyu, aba abasigiye akarorero kugira mukurikire neza intambuko ziwe.—1 Pet. 2:21.
Yezu yaradusigiye akarorero keza mu bijanye n’ukuntu twovyifatamwo igihe turenganijwe. Rimbura ingene yarenganijwe n’abantu benshi ushizemwo n’abo mu muryango wiwe. Abo mu muryango wiwe bavuze ko yasaze, abakuru b’amadini bavuga ko akorana n’amadayimoni, abasoda b’Abaroma na bo baramutwenze, baramukubita, amaherezo baramwica. (Mrk. 3:21, 22; 14:55; 15:16-20, 35-37) Ariko Yezu yarihanganiye ako karenganyo kose kandi ntiyigeze abihora. Ni ibiki twigira kuri ako karorero? (1 Pet. 2:21-23) Yezu yaradusigiye akarorero keza ku bijanye n’ingene twovyifatamwo igihe abandi baturenganije. Yari azi igihe co kunuma n’igihe co kuvuga. (Mat. 26:62-64) Hari n’igihe bamubeshera agahitamwo kuguma yinumiye. (Mat. 11:19) Ariko n’igihe yahitamwo kuvuga, ntiyatuka ababa bariko baramuhama canke ngo abatere ubwoba. w24.11 4-5 ing. 9-10
Ku wa kane, 23 Ndamukiza
Kristu Yezu yaje mw’isi gukiza abacumuzi.—1 Tim. 1:15.
Dufate ko uhaye umugenzi wawe ingabire nziza cane kandi izomugirira akamaro. Iyumvire ingene vyokubabaza nka hamwe yoca ayibika ahantu ntasubire no kuyiyumvira. Ariko niwihe ishusho umunezero wogira nka hamwe yokoresha neza iyo ngabire kandi akagukengurukira. None ako karorero katwereka iki? Na Yehova yaratanze Umwana wiwe ku bwacu. Iyumvire ingene ategerezwa kuba ahimbarwa iyo dukengurutse iyo ngabire y’agaciro yaduhaye abitumwe n’urukundo! (Yoh. 3:16; Rom. 5:7, 8) Ariko rero, uko haca igihe twoshobora gusanga dusigaye dufata minenerwe ingabire y’incungu. Ivyo nta ho vyoba bitaniye no gushira mu bubiko iyo ngabire Imana yaduhaye. Tuba twararyohewe no kuyironka, ariko tugaca turaba aho tuyishira ntidusubire no kuyiyumvira. Kugira twirinde ico kintu, dutegerezwa kwama twiyibutsa ivyiza Imana na Kristu badukoreye. w25.01 26 ing. 1-2
Ku wa gatanu, 24 Ndamukiza
Zirikana ivyo bintu, ubicokeremwo, kugira iterambere ryawe ryibonekeze neza ku bantu bose.—1 Tim. 4:15.
Umuvukanyi yipfuza kuba umukurambere, ntakwiye kuba umuntu yizeye vuba. Naho utoba umaze imyaka myinshi ubatijwe, urakeneye umwanya kugira ube umukirisu ahumuye. Imbere y’uko uba umukurambere, ukwiye kwerekana ko wicisha bugufi nka Yezu kandi ko uhimbarwa no gukorera Yehova mu buryo ubwo ari bwo bwose. Uzokwihangana maze urindire ko Yehova aguha amabanga yiyongereye mw’ishengero. (Mat. 20:23; Flp. 2:5-8) Uzokwerekana ko udahemuka mu kwumira kuri Yehova no ku ngingo ngenderwako ziwe no mu gukurikiza ubuyobozi atanga biciye kw’ishirahamwe ryiwe. Ivyanditswe birerekana neza ko abahagarikizi bakwiye kuba ari abantu bashoboye kwigisha. Ivyo vyoba bisobanura ko ukwiye kuba umushikirizansiguro w’umuhanga? Oya. Si abakurambere bose usanga ari abashikirizansiguro b’abahanga. Ariko rero, igihe bamamaza canke bagendera cungere bakwiye kuba bashoboye gukoresha neza Bibiliya mu kwigisha no mu kuremesha abavukanyi na bashiki bacu. w24.11 23-24 ing. 14-15
Ku wa gatandatu, 25 Ndamukiza
[Nda]kunda amabwirizwa yawe kuruta inzahabu, mbere kuruta inzahabu nzizanziza.—Zab. 119:127.
Bishitse ugasoma umurongo udatahura neza muri Bibiliya, gira ubushakashatsi. Nuce uguma uzirikana kuri ivyo bintu wubuye be n’ico bikwigisha ku vyerekeye Yehova, Umwana wiwe be n’urukundo badukunda. (Zab. 119:97, akajambo k’epfo.) Ntuze ucike intege nivyashika ukabura ikintu gishasha canke gishimishije wubura, igihe cose uzoba uriko urasoma canke ugira ubushakashatsi. Hari ukuntu umeze nk’umuntu yimba inzahabu. Akenshi abantu bimba inzahabu baramara amasaha atari make canke mbere imisi batararonka n’akamanyu. Naho ari ukwo, barumirako kubera bazi ko n’akamanyu gatoyi k’inzahabu ari ak’agaciro. Iyumvire rero ukuntu ikintu gishasha twubuye muri Bibiliya ari ic’agaciro kuruta! (Imig. 8:10) Nubandanye rero kwumira ku rutonde rwawe rwo gusoma Bibiliya.—Zab. 1:2. w25.01 24-25 ing. 14-15
Ku wa mungu, 26 Ndamukiza
Nk’uko Yehova yabababariye ata gahigihigi, namwe nyene mutegerezwa kugenza ukwo nyene.—Kol. 3:13.
Yehova ashaka ko twama twiteguriye kubabarira abatubabaza. (Zab. 86:5; Luka 17:4; Ef. 4:32) Twoshobora kubabazwa n’ivyo umuntu atubwiye canke adukoreye, na canecane igihe aba ari uwo mu muryango canke ari umugenzi somambike. (Zab. 55:12-14) Rimwe na rimwe, twoshobora kugira umubabaro twogereranya no gucumita inkota. (Imig. 12:18) Twoshobora kugerageza kuwikuramwo canke kuwirengagiza. Ariko kubigenza gutyo, kwoba ari nko kugumiza imbugita mu gikomere. Na twebwe rero, ntitwokwitega ko kwirengagiza gusa umubabaro, bica bituma uhera. Igihe umuntu atubabaje, akenshi usanga duca dushavura. Na Bibiliya iravuga ko vyoshobora gushika tukaraka. Ariko rero, Bibiliya iratugabisha kutaguma dushavuye. (Zab. 4:4; Ef. 4:26) Uti kubera iki? Kubera ko kenshi ishavu rikoresha umuntu amakosa. (Yak. 1:20) Niwibuke ko iyo umuntu akubabaje, guca ushavura ari ibisanzwe. Ariko rero, kuguma ushavuye canke gutsinda ishavu ni we uvyihitiramwo. w25.02 15 ing. 4-6
Ku wa mbere, 27 Ndamukiza
Ubukerebutsi burazigama ubuzima bw’ababufise.—Umus. 7:12.
Yezu yaratanze akarorero kerekana ko kwirundaniriza amahera ariko utari «umutunzi ku Mana», ari ubujuju. (Luka 12:16-21) Nta wuzi ico buca bucana. (Imig. 23:4, 5; Yak. 4:13-15) Vyongeye, Yezu yavuze yuko uwo wese yipfuza kuba umwigishwa wiwe akwiye kuba yiteguriye ‘guheba’ ivyo atunze vyose. (Luka 14:33) Ivyo nyene ni vyo vyashikiye abakirisu b’i Yudaya mu kinjana ca mbere, kuko bemeye guheba ivyo bari batunze banezerewe. (Heb. 10:34) No muri iki gihe, abavukanyi benshi baremeye guheba ubuzi be n’ibindi bintu vyobabeshejeho, kubera ko banse kugira aho bahengamiye mu vya politike. (Ivyah. 13:16, 17) Ni igiki none catumye bafata iyo ngingo? Barizigira badakeka uwu muhango Yehova yatanze ugira uti: «Sinzokwigera ndaguta, kandi sinzokwigera ndaguheba.» (Heb. 13:5) Ku bw’ivyo rero, turagerageza gutegekanya kazoza uko bishoboka, ariko kandi tukizigira ko Yehova azotwitwararika nitwashikirwa n’ibintu tutari twiteze. w25.03 29 ing. 13-14
Ku wa kabiri, 28 Ndamukiza
Ko . . . twarenganye inyigisho z’intango zerekeye Kristu, dutere tuja imbere tugana ku buhumure, tutongera gushinga umushinge.—Heb. 6:1.
Yehova ntareka ngo twirwaneko kugira tube abakirisu bahumuye. Yaraturonkeje abungere n’abigisha mw’ishengero kugira ngo badufashe ‘gukura’ mu vy’impwemu, ngo «[tube] abantu bahumuye mu buryo bwuzuye nka Kristu.» (Ef. 4:11-13) Yehova araturonsa kandi impwemu yiwe nyeranda kugira ngo idufashe kugira «ivyiyumviro vya Kristu.» (1 Kor. 2:14-16) Vyongeye, Yehova yaraturonkeje za Njili zine zo muri Bibiliya, zitwereka ivyo Yezu yavuze, ivyo yiyumvira be n’ivyo yakoze igihe yari ng’aha kw’isi. Wiyumviriye nk’uko Yezu yiyumvira kandi ugakora nk’uko yakora, birashobora kugufasha kuba umukirisu ahumuye. Ariko kugira ngo dushike ku kuba abakirisu bahumuye dutegerezwa kandi «[kurengana] inyigisho z’intango zerekeye Kristu», ni ukuvuga inyigisho z’ishimikiro zo muri Bibiliya. w24.04 4 ing. 11-12
Ku wa gatatu, 29 Ndamukiza
Ubushobozi bwo kwiyumvira buzogukingira, ugutahura na kwo kukuzigame.—Imig. 2:11.
Buri musi turafata ingingo. Zimwe muri zo usanga zoroshe gufata, nk’izijanye n’ivyo twofungura canke isaha tworyamirako. Izindi na zo usanga zigoye gufata kubera ko zishobora kugira ingaruka ku magara yacu, ku munezero wacu, ku bacu canke ku murimo turangurira Yehova. Twipfuza ko ingingo dufata zitugirira akamaro twe n’umuryango wacu. N’ikiruta vyose, twipfuza ko zohimbara Yehova. (Rom. 12:1, 2) Ikintu gihambaye codufasha gufata ingingo nziza ni ukubanza kurondera amakuru akwiye. Kubera iki bihambaye? Iyumvire umurwayi yagiye kwitura umuganga kugira amufashe ku kibazo gikomeye afise c’amagara. Uwo muganga yoba yofata ingingo y’ukuntu amuvura atabanje kumusuzuma canke kumubaza utubazo tumwetumwe? Oya nawe nu! Na wewe uzofata ingingo nziza niwabanza kurondera amakuru akwiye ajanye n’ikibazo ufise. w25.01 14 ing. 1-3
Ku wa kane, 30 Ndamukiza
Yehova . . . arakubabariye, ntugipfuye.—2 Sam. 12:13.
Ni ibiki tuzi ku bijanye n’imbabazi za Yehova? Yerekanye gute ko «adashaka ko hagira n’umwe ahona»? (2 Pet. 3:9) Raba uburorero bw’abantu bamwebamwe bakoze ibicumuro bikomeye, mugabo akababarira. Umwami Dawidi yarakoze ibicumuro bikomeye, ushizemwo ukurenga ibigo be n’ukwica. Ariko yarigaye Yehova na we aramubabarira. (2 Sam. 12:1-12) Umwami Manase yarakoze ibibi vy’agahomerabunwa hafi ubuzima bwiwe bwose. Ariko naho yakoze ibibi gushika kuri urwo rugero, igihe yigaya Yehova yaramubabariye. (2 Ngo. 33:9-16) Ubwo burorero, buratwereka ko Yehova atanga imbabazi igihe cose abona ko bikenewe. Abantu nk’abo bemanze ko bakoze ibicumuro bikomeye maze bakigaya, Yehova azobazura. w24.05 4 ing. 12