ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwia ikiganiro 6
  • «Nabonye Umukama!»

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • «Nabonye Umukama!»
  • Niwigane ukwizera kwabo
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • «Babitwararika bakoresheje ivyo batunze»
  • «Hafi y’igiti co kubabarizwako ca Yezu»
  • «Ndamukureyo»
  • «Nabonye Umukama!»
  • «Ntizemera ivyo abo bagore bazibwiye»
  • «Nabonye Umukama!»
    Gendana n’Imana n’umutima rugabo
  • Yarihanganiye intuntu isogota nk’inkota
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Mariya Magadalena yari nde?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • “Ehe ndi umushumbakazi wa Yehova!”
    Niwigane ukwizera kwabo
Ibindi
Niwigane ukwizera kwabo
ijwia ikiganiro 6
Mariya Magadalena.

NIWIGANE UKWIZERA KWABO | MARIYA MAGADALENA

«Nabonye Umukama!»

Mariya Magadalena yariko araba hejuru yihanagura amosozi. Umukama wiwe yikundira yari amanitswe ku giti. Hari mu mpeshi, nko mu ma sasita, ‘ariko umwiza wari utwikiriye igihugu cose.’ (Luka 23:44, 45) Mariya yarashize umutamana wiwe ku rutugu maze yegera abandi bagore bari hafi yiwe. Ubwirakabiri, ubusanzwe bumara iminuta mikeyi gusa, si bwo bushobora kuba bwaratumye haba umwiza amasaha atatu yose. Kumbure Mariya n’abandi bari bahagaze hafi y’aho Yezu ari barumvise amajwi y’ibikoko vyo mw’ijoro bitari bimenyerewe ku murango. Abariko baravyitegereza «[baratekewe] n’ubwoba, bavuga bati: “Ni ukuri, uyu yari Umwana w’Imana.”» (Matayo 27:54) Abigishwa ba Yezu hamwe n’abandi bantu bashobora kuba bariyumviriye ko Yehova ariko agaragaza umubabaro afise kubera ibintu vy’ubunyamaswa bakoreye umwana wiwe.

Naho Mariya Magadalena yabona atobandanya kwitegereza Yezu ariko arababara, yarumva kandi ko atoshobora no kuva iruhande yiwe. (Yohani 19:25, 26) Emwe, Yezu ategerezwa kuba yari afise ububabare butovugwa! Na nyina wiwe yari akeneye guhozwa no kuremeshwa.

Yezu yari yarakoreye ivyiza vyinshi Mariya. Rero uwo mugore yarumva ko yokora ivyo ashoboye vyose kugira afashe Yezu. Mariya yari yarigeze kuba afise ingorane ikomeye kandi iteye akagongwe. Ariko Yezu yari yaramufashije bituma asubira kuba umuntu yiyubashe kandi ubuzima bwiwe buragira intumbero. Mariya yari asigaye afise ukwizera gukomeye. Uti gute? Kandi ukwizera kwiwe kutwigisha iki muri iki gihe?

«Babitwararika bakoresheje ivyo batunze»

Muri Bibiliya, inkuru ya Mariya Magadalena itangura Yezu amukijije amadayimoni. Muri iyo misi, amadayimoni yarakunda gutera abantu benshi, akabagirira nabi, mbere akanabiganzira. Ntituzi ingorane ayo madayimoni yari yarateje Mariya Magadalena, ariko ico tuzi co ni uko amadayimoni indwi ari yo yari yaramwiganziye. Yezu Kristu yarayamukuyemwo yose!​—Luka 8:2.

Yezu amaze kwirukana amadayimoni yari muri Mariya Magadalena, Mariya yararyohewe yongera arakenguruka. None yerekanye gute ko akenguruka? Yaciye aba umwigishwa wa Yezu. Yarabonye kandi ko hari n’ibindi yofasha. Yezu n’intumwa ziwe barakenera ibifungurwa, ivyambarwa n’aho kurara. Ntibari batunze kandi ico gihe nta kazi k’umubiri bakora. Kugira bashobore kwitunira ku gikorwa co kwamamaza no kwigisha, bari bakeneye ababafasha mu vyo bakenera.

Mariya n’abandi bagore barabafasha kuronka ivyo bakenera. Abo bagore «[barabitwararika] bakoresheje ivyo batunze.» (Luka 8:1, 3) Bamwe muri abo bagore bashobora kuba bari batunze. Bibiliya ntivuga nimba barabategurira ibifungurwa, bakabamesera canke bakabaronderera aho barara uko bava mu kigwati baja mu kindi. Ariko barahimbarwa no gufasha Yezu n’abigishwa biwe, abashobora kuba barashika 20. Nta gukeka ko igikorwa abo bagore bakora catumye Yezu n’intumwa ziwe bitunira ku gikorwa co kwamamaza. Mariya yari azi neza ko adashobora kwishura Yezu ivyo yamukoreye, ariko yarahimbarwa no gukora ivyo ashoboye.

Abantu benshi muri iki gihe barasuzugura abakorera abandi ibikorwa biciye bugufi. Ariko ukwo si ko Imana ibabona. Iyumvire umunezero Imana yagize iriko irabona ukuntu Mariya yitanga, agashigikira Yezu n’intumwa ziwe mu vyo ashoboye vyose! No muri iki gihe, abakirisu benshi b’intahemuka barakorera abandi ibikorwa biciye bugufi, bakabikorana umunezero. Rimwe na rimwe guha abandi akantu canke mbere kubakeza vyoshobora kubakomeza. Yehova arashima ibintu nk’ivyo.​—Imigani 19:17; Abaheburayo 13:16.

«Hafi y’igiti co kubabarizwako ca Yezu»

Mariya Magadalena ni umwe mu bagore benshi bajanye na Yezu i Yeruzalemu kuri Pasika yo mu 33 inyuma ya Kristu. (Matayo 27:55, 56) Nta gukeka ko yagize ubwoba bwinshi igihe yumva ko Yezu yafashwe maze agasambishwa. Ibintu vyarushirije kwunyuka. Buramatari Ponsiyo Pilato, aremerewe n’indongozi z’idini ry’Abayuda hamwe n’isinzi ry’abantu boshwa n’izo ndongozi, yaraciriye Yezu urubanza rwo kwicwa amanitswe ku giti. Mariya ashobora kuba yariboneye neza Shebuja yuzuyeko amaraso kandi yarushe cane, ariko aburuta igiti kirekire yari agiye kwicirwako.​—Yohani 19:6, 12, 15-17.

Igihe bamanika Yezu hari nka sasita, ariko umwiza waratwikiriye igihugu cose. Mariya Magadalena n’abandi bagore bari bahagaze «hafi y’igiti co kubabarizwako ca Yezu.» (Yohani 19:25) Mariya yagumye ng’aho kandi yarumvise ingene Yezu ashinga intumwa Yohani igikorwa co kwitwararika nyina wiwe. Yarumvise ingene Yezu atakambira Se wiwe ari ku mpfiro. Yarumvise n’amajambo y’intsinzi Yezu yavuze imbere y’uko apfa, ati: «Birarangutse.» Mariya yaratuntuye cane. Naho vyari ukwo, biboneka ko yagumye ng’aho n’igihe Yezu yari amaze gucikana. Mu nyuma, yagumye iruhande y’imva nshasha umugabo umwe w’umutunzi yitwa Yozefu w’i Arimateya yashizemwo ikiziga ca Yezu.​—Yohani 19:30; Matayo 27:45, 46, 57-61.

Ivyo Mariya yakoze biratwereka ivyo twokora igihe uwo dusangiye ukwemera ari mu ngorane zikomeye. Hari igihe tutoshobora kubuza ko izo ngorane zimushikira canke ngo tuzimukureko. Ariko turashobora kumugaragariza impuhwe kandi tukamuremesha. Iyo umuntu ari mu ngorane umugenzi akamuserukako, birashobora kumuremesha. Gushigikira umugenzi ari mu ngorane birerekana ko turi intahemuka ku Mana no ku bavukanyi bacu, kandi ivyo birashobora kumukomeza cane.​—Imigani 17:17.

Mariya Magadalena ariko araremesha Mariya nyina wa Yezu, Yezu na we amanitse ku giti. Hafi yabo hahagaze abagabo, abagore, n’umusoda w’Umuroma.

Nta gukeka ko nyina wa Yezu yaremeshejwe no kuba yari kumwe na Mariya Magadalena

«Ndamukureyo»

Yezu amaze gushirwa mu mva, Mariya yari muri ba bagore baja kurondera ibimota kugira bazobisige ikiziga ciwe. (Mariko 16:1, 2; Luka 23:54-56) Inyuma y’isabato, Mariya yavyutse mu gatondo ka kare. Niwihe ishusho ariko ajana n’abandi bagore ku mva ya Yezu butaraca neza. Bari mu nzira, baribajije ukuntu baza gutembagaza ikibuye kinini cari cugaje iyo mva. (Matayo 28:1; Mariko 16:1-3) Ariko ntibaciye basubira inyuma. Kubera ukwizera, bari biyemeje gukora ivyo bashoboye vyose ibindi bakabirekera mu maboko ya Yehova.

Igihe bashika ku mva, Mariya ashobora kuba ari we yari imbere. Yarahagaze atangaye cane kuko yabonye rwa rubuye rwavuye ku mva, imva na yo igaragara. Uwo mugore w’umunyamwete yaciye asubira inyuma yiruka, aja kubwira Petero na Yohani ivyo yabonye. Niwihe ishusho ariko ababwira ahemagirika ati: «Bakuye Umukama mu mva, kandi ntituzi aho bamushize.» Petero na Yohani baciye baja ku mva bihuta, bashitseho basanga iragaragara baca bisubirira muhira iwabo.a​—Yohani 20:1-10.

Igihe Mariya yasubira ku mva, yaciye aguma ng’aho ari wenyene. Yagumye iruhande y’iyo mva igaragara ariko ararira. Hari mu gatondo ka kare ata gakacira. Yarunamye araraba mu mva, kuko atatahura ko Umukama wiwe yoba atakiri ng’aho. Yaciye abona ikintu gitangaje. Hari abamarayika babiri bambaye impuzu zera bari bicaye muri iyo mva! Bamubajije bati: «Urizwa n’iki?» Yaciye abasubiriramwo bimwe yabwira intumwa ati: «Batwaye Umukama wanje, kandi sinzi aho bamushize.»​—Yohani 20:11-13.

Ahindukiye, yagiye abona umugabo ahagaze iruhande yiwe. Ntiyamumenye, aca yibaza ko ari umukozi wo mu murima yitwararika ico kibanza. Uwo mugabo yamubajije n’umutima mwiza ati: «Wa mugore we, urizwa n’iki? Urondera nde?» Mariya yamwishuye ati: «Mushinganta, nimba ari wewe wamutwaye, mbwira aho wamushize ndamukureyo.» (Yohani 20:14, 15) Iyumvire na we! Uwo mugore yoba yari gushobora guterura ikiziga ca Yezu n’ingene yari umugabo w’indyamunyu? Ivyo nta n’ivyo yiyumviriye. Yumva gusa yokora ivyo ashoboye vyose.

Mariya Magadalena ari ku muryango w’imva yarimwo ikiziga ca Yezu, hakaba hari umugabo ahagaze iruhande yiwe.

«Ndamukureyo»

Igihe dushikiwe n’ibintu bituntuje canke ingorane zikomeye cane, turakwiye kwigana Mariya Magadalena. Hamwe twoshira umutima ku bugoyagoye bwacu canke ku vyo tudashoboye, twoshobora gutekerwa n’ubwoba ku buryo ata na kimwe dukora. Ariko iyo twiyemeje gukora ivyo dushoboye vyose ibindi tukabirekera mu maboko y’Imana, turashobora gukora n’ivyo tutari twibaza ko twoshobora. (2 Abakorinto 12:10; Abafilipi 4:13) N’ikiruta vyose, turahimbara Yehova. Nta gukeka ko Mariya yahimbaye Yehova kandi yaramuhezagiye mu buryo budasanzwe.

«Nabonye Umukama!»

Umugabo yari ahagaze imbere ya Mariya ntiyari umurimyi. Yahoze ari umubaji, mu nyuma aba umwigisha, akaba yari asigaye ari Umukama, uwo Mariya yakunda cane. Ariko Mariya ntiyamumenye. Mariya ntiyari azi ko Yezu yazutse, ko asigaye ari ikiremwa c’impwemu gifise ububasha. Yezu yiyeretse Mariya afise umubiri w’umuntu, ariko utandukanye n’uwo yari afise imbere y’uko apfa. Mu misi yakurikiye izuka ryiwe, n’abari bamuzi neza akenshi baramuyoberwa.​—Luka 24:13-16; Yohani 21:4.

None Yezu yakoze iki kugira Mariya amumenye? Yavuze ijambo rimwe gusa mu buryo Mariya yari asanzwe amenyereye ati: «Mariya!» Yaciye ahindukira arasemerera ati: «Rabuni!» Iryo ni ijambo ry’igiheburayo Mariya yama akoresha mu kumuhamagara. Yari wa Mwigisha wiwe yakunda cane! Mariya yaranezerewe cane. Yaciye amufata aramugumya.​—Yohani 20:16.

Yezu yarabonye ko Mariya atashaka kumurekura, aca amubwira ati: «Reka kunyumirako.» Niwihe ishusho Yezu ariko aramubwira ayo majambo n’umutima mwiza, kumbure amwenyura, akamwikura bukebuke, mugabo agaca amusubiriza umutima mu nda ati: ‘Sindaduga kwa Dawe.’ Ntihari bwagere ko Yezu asubira mw’ijuru. Yari agifise ibikorwa ng’aha kw’isi, kandi yashaka ko Mariya amufasha. Mariya na we yaramuteze yompi yitonze. Yezu yamubwiye ati: «Genda kwa benewacu ubabwire ko ngira nduge kwa Dawe ari we So, Imana yanje ari yo Mana yanyu.»​—Yohani 20:17.

Mbega ukuntu Shebuja yari amuhaye igikorwa kidasanzwe! Mariya ni umwe mu bigishwa ba mbere batewe agateka ko kubona Yezu yazutse, none raba Yezu aciye amutera agateka kadasanzwe ko kuja kumenyesha abandi ako gakuru keza. Iyumvire ingene yagiye kurondera abigishwa anezerewe kandi abishashaye. Niwihe ishusho Mariya ariko ababwira ahezagirika ati: «Nabonye Umukama!» Ayo majambo ashobora kuba yaramaze igihe abagaruka mu bwenge. Yarababwiye ibintu vyose Yezu yamubwiye, kandi yabibabwira anyaraguritsa kubera umunezero. (Yohani 20:18) Na ba bandi bagore bari bagiye ku mva ya Yezu bari babwiye abigishwa ako gakuru.​—Luka 24:1-3, 10.

Mariya Magadalena ashitse aho intumwa n’abandi bigishwa bakoraniye, akaba ariko ababwira aryohewe ati: ‘Nabonye Umukama!’

«Nabonye Umukama!»

«Ntizemera ivyo abo bagore bazibwiye»

None abo bagabo bakiriye gute iyo nkuru? Mu ntango ntibayemeye. Bibiliya ivuga iti: «Izo ntumwa zibona ko ivyo bintu bitagira umutwe n’amaguru, ntizemera ivyo abo bagore bazibwiye.» (Luka 24:11) Abo bagabo bari bakuriye mu bantu bafata nabi abagore. Hari umugenzo w’Abarabi wavuga ko umugore adakwiye kuba icabona muri sentare. Kumbure izo ntumwa ntizari zizi ko zatwawe n’iyo migenzo yabo. Ariko Yehova na Yezu bobo ntibinuba abantu gutyo. Barateye iteka ridasanzwe uwo mugore w’umwizigirwa.

Nta gukeka ko Mariya atashavujwe no kuba intumwa zitemeye ivyo ababwiye. Yari azi neza ko Shebuja amwizigira kandi ivyo vyari bihagije. N’abigishwa ba Yezu bose bo muri iki gihe barahawe ubutumwa bashikiriza. Bibiliya ibwita «inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana.» (Luka 8:1) Yezu ntiyasezeraniye abigishwa biwe yuko abantu bose bokwumvirije ubwo butumwa canke bagaha agaciro ico gikorwa. Ahubwo yavuze ko benshi batazobumviriza. (Yohani 15:20, 21) Ni vyiza rero ko abakirisu baguma bibuka akarorero ka Mariya Magadalena. Naho abigishwa bagenziwe batemeye ivyo ababwiye, ntiyaciye atakaza umunezero ngo areke kumenyesha abandi yuko Yezu yazutse.

Yezu yahavuye yiyereka intumwa ziwe, mu nyuma ariyereka n’abandi bigishwa benshi. Igihe kimwe yariyeretse abigishwa barenga 500 icarimwe! (1 Abakorinto 15:3-8) Nta gukeka ko ivyo vyatumye ukwizera kwa Mariya kurushiriza gukomera, yaba yaravyibonera canke yaravyumva. Mariya Magadalena ashobora kuba ari muri ba bagore bavugwa ko bari kumwe n’abandi bigishwa kuri Pentekoti, igihe impwemu nyeranda yasukwa ku bigishwa bari bakoraniye ng’aho.​—Ivyakozwe 1:14, 15; 2:1-4.

Yaba yarimwo canke atarimwo, ico tuzi tudakeka coco ni iki: Mariya Magadalena yagumye ari umwizigirwa gushika apfuye. Ese twese twomwigana! Tuzomwigana nitwakenguruka ivyo Yezu yadukoreye vyose kandi tugakorera abandi twicishije bugufi, twizigiye ko Imana idufasha.

a Biboneka ko Mariya yari yamaze kugenda igihe umumarayika yabwira ba bandi bagore ko Yezu yazutse. Iyaba yari ahari, nta gukeka ko yari kubwira Petero na Yohani ko hari umumarayika yababwiye igituma ikiziga ca Yezu kitakiri mu mva.​—Matayo 28:2-4; Mariko 16:1-8.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika