ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwbq ikiganiro 172
  • Mariya Magadalena yari nde?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Mariya Magadalena yari nde?
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Inyishu Bibiliya itanga
  • Mariya Magadalena yoba yari umumaraya?
  • Mariya Magadalena yoba yari “intumwa ku zindi ntumwa”?
  • Mariya Magadalena yoba yari umugore wa Yezu Kristu?
  • «Nabonye Umukama!»
    Gendana n’Imana n’umutima rugabo
  • «Nabonye Umukama!»
    Niwigane ukwizera kwabo
  • Ibibazo vy’abasomyi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Ico dushobora kwigira ku karorero ka Mariya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
Ibindi
Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
ijwbq ikiganiro 172
Mariya Magadalena ahuriye na Yezu iruhande y’imva igaragara inyuma y’aho azukiye.

Mariya Magadalena yari nde?

Inyishu Bibiliya itanga

Mariya Magadalena yari umwigishwa wa Yezu Kristu w’intahemuka. Izina ryiwe Magadalena rishobora kuba ryerekeza ku gisagara citwa Magadala (igishobora kuba ari co Magadani), cari hafi y’ikiyaga ca Galilaya. Mariya ashobora kuba yarigeze kuba muri ico gisagara.

Mariya Magadalena yari umwe mu bagore batari bake bagendana na Yezu n’abigishwa biwe, bakabafasha mu vyo bakenera. (Luka 8:1-3) Yariboneye ingene Yezu yicwa, kandi ari mu ba mbere bamubonye amaze kuzuka.​—Mariko 15:40; Yohani 20:11-18.

  • Mariya Magadalena yoba yari umumaraya?

  • Mariya Magadalena yoba yari “intumwa ku zindi ntumwa”??

  • Mariya Magadalena yoba yari umugore wa Yezu Kristu?

  • Muri Bibiliya havugwa ba Mariya bangahe?

Mariya Magadalena yoba yari umumaraya?

Bibiliya ntivuga ko Mariya Magadalena yari umumaraya. Ikintu conyene ivuga kuri kahise kiwe ni uko Yezu yamukuyemwo amadayimoni indwi.​—Luka 8:2.

None iciyumviro c’uko yahoze ari umumaraya cavuye he? Haheze imyaka amajana apfuye, haradutse iciyumviro c’uko ari we yari wa mugore atavugwa izina (uwushobora kuba yari umumaraya) yoza ibirenge vya Yezu akoresheje amosozi yiwe akabihanaguza umushatsi wiwe. (Luka 7:36-38) Ariko nta mvo n’imwe ishingiye ku Vyanditswe yotuma twemera ico ciyumviro.

Mariya Magadalena yoba yari “intumwa ku zindi ntumwa”?

Oya. Idini rya Gatolika ryita Mariya ngo “Mariya Magadalena mweranda” canke ngo “intumwa ku zindi ntumwa” kubera yari mu ba mbere bazaniye intumwa inkuru y’uko Yezu yazutse. (Yohani 20:18) Ariko ico ntigica gituma aba intumwa. Kandi nta na hamwe Bibiliya ivuga ko yari intumwa.​—Luka 6:12-16.

Bibiliya yahejeje kwandikwa amaja mu mpera z’ikinjana ca mbere inyuma ya Kristu. Ariko mu kinjana ca gatandatu ni ho abakuru b’idini bafata ingingo yo guha Mariya Magadalena ikibanza kidasanzwe. Hari ivyandiko vyo mu kinjana ca kabiri n’ica gatatu bitari mu bitabu bigize Bibiliya bivuga ko intumwa zimwezimwe za Yezu zari zifitiye ishari Mariya. Izo nkuru abantu baremaremye ntizishingiye kuri Bibiliya.

Mariya Magadalena yoba yari umugore wa Yezu Kristu?

Oya. Bibiliya iratomora neza ko Yezu atigeze yubaka urwiwe.a

a Raba ikiganiro kivuga ngo “Yezu yoba yarubatse urwiwe? Yoba yari afise abo bavukana?”

Muri Bibiliya havugwa ba Mariya bangahe?

Muri Bibiliya haravugwa abagore batandatu bitwa Mariya.b

  1. 1. Nyina wa Yezu.​—Matayo 1:18.

  2. 2. Mushiki wa Lazaro akaba na mwenewabo na Marita.​—Yohani 11:1, 2.

  3. 3. Mariya Magadalena.​—Luka 8:2.

  4. 4. Nyina wa Yakobo na Yoze.​—Matayo 27:56.

  5. 5. Nyina wa Yohani Mariko.​—Ivyakozwe 12:12.

  6. 6. Umukirisu w’i Roma yabira akuya ku bw’ishengero ryaho.​—Abaroma 16:6.

b Mariya ni izina ry’ikigiriki. Mu giheburayo ni Miriyamu, izina rya mushiki wa Musa.​—1 Ngoma 6:3.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika