ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mrt ikiganiro 127
  • Agakuru keza kerekeye impunzi kavuye mw’Ijambo ry’Imana

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Agakuru keza kerekeye impunzi kavuye mw’Ijambo ry’Imana
  • Ibindi biganiro
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ukuntu Ijambo ry’Imana ryokuremesha
  • Ivyo Imana isezerana mw’Ijambo ryayo
  • Impanuro nziza zo muri Bibiliya
  • Impunzi amamiliyoni zarahunze Ukraine
    Ibindi biganiro
  • Nufashe “ba kavamahanga” kugira ‘bakorere Yehova banezerewe’
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2017
  • Bibiliya iratanga icizigiro ca kazoza
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • Bibiliya iratanga icizigiro ca kazoza
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Raba ico Bibiliya ibivugako
Ibindi
Ibindi biganiro
mrt ikiganiro 127
Abantu babiri bahunze bicaye hasi iruhande y’imizigo irimwo utuntu twabo. Bariko bitegereza amahema n’izindi mpunzi.

Imagination World/stock.adobe.com

Agakuru keza kerekeye impunzi kavuye mw’Ijambo ry’Imana

Voma ikopi ishobora gucapurwa. Urashobora no kuyitwara mu ntoke

Buri mwaka, abantu benshi barahunga bagata izabo. Ivyo vyoba vyaragushikiye nawe? Nimba ari ukwo, numenye ko hari uwushobora kugufasha. Imana isezerana kuguha ubuzima bwiza nk’uko ushobora kuvyisomera mu Vyanditswe vyeranda.

Uwahoze aserukira ishirahamwe ry’Abanyaburaya yitwa Christos Stylianides, avuga ati: «Impunzi hamwe n’abateshejwe izaboa barakeneye ko tubafasha vyihuta. Ariko kandi . . . barakenera ko tubaremesha tukababwira ko bizogenda neza muri kazoza.» Iyo hari ibintu vyiza umuntu yiteze, biroroha yuko aguma abona ko ibintu bizogenda neza kandi ntiyihebure ku bijanye na kazoza. Ariko kandi abahunze barakeneye ko tubaremesha kugira bihanganire ingorane zabashikiye.

«Igihe nahunga nkava mu gihugu canje, bikaba ngombwa ko ntandukana n’umuryango wanje, narumva ko ata vyo nzoshobora. Naragize ubwoba, ndagira umubabaro mbere ndata n’umutwe.»​—Vyavuzwe na Emmanuel ava muri Hayiti.

Vyoba bimaze gushika ukiyumva gutyo? Nimba warahunze, urakeneye icokuremesha kandi kikakuronsa icizigiro. None Ijambo ry’Imana ari ryo Bibiliya ryogufasha gute?

Ukuntu Ijambo ry’Imana ryokuremesha

Agafoto k’umuntu aboneka ko aryohewe kubera ivyo ariko arasoma muri Bibiliya.

Bibiliya ivuga iti: «Yehovab . . . arakunda kavamahanga.»​—Gusubira mu vyagezwe 10:17, 18.

Ivyo bisigura ko utari wenyene. Yehova Imana ari na we Bibiliya ikomokako, arabona ingorane uriko uracamwo. Vyongeye aragukunda kandi yipfuza ko umererwa neza.

Bibiliya ivuga iti: «Yehova ari hafi y’abamwambaza bose.»​—Zaburi 145:18.

Ivyo bisigura ko igihe usenze, Yehova akwumva. Arashobora kugufasha ukumva utekanye. Vyongeye, aratanga impanuro zogufasha kwihanganira ingorane urimwo. Izo mpanuro ziri mu Bibiliya.

Bibiliya ivuga iti: «Kirazira ko Imana y’ukuri ikora ivy’ububisha . . . Mushoboravyose ntagoreka urubanza.»​—Yobu 34:10, 12.

Ivyo bisigura ko Imana atari yo iteza ingorane zigushikira. Kuba uriko uraca mu buzima bugoye, ntibisobanura ko Imana iriko iraguhana canke ko iriko irakugerageza.

Ivyo Imana isezerana mw’Ijambo ryayo

Agafoto k’umuntu ariko arazirikana ku vyo asomye muri Bibiliya.

Bibiliya iratubwira ivyo Imana izodukorera muri kazoza. Raba ingene ivyo Bibiliya isezerana biriko birafasha abataye izabo.

Bibiliya ivuga iti: «[Imana] izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kandi urupfu ntiruzoba rukiriho. Nta kigandaro canke amaborogo canke ububabare bizoba bikiriho.»​—Ivyahishuwe 21:4.

Ivyo bisigura ko Imana izokuraho ibintu vyose bituma dutuntura. Imana isezerana gukuraho ingorane zose zituma tubaho twihebuye.

«Imana igiye gukuraho akarenganyo n’ubukozi bw’ikibi tubona muri iki gihe. Kwibuka ivyo bituma ngumiza umutima kuri ico kiringo, igihe ingorane zose zizoba zavuyeho.»​—Vyavuzwe na Karla ava muri El Salvador.

Bibiliya ivuga iti: «Ivya kera ntibizokwibukwa canke ngo bigaruke mu mutima.»​—Yesaya 65:17.

Ivyo bisigura ko tutazosubira gutuntuzwa n’ibintu bibabaje vyadushikiye. Imana izodufasha kutaguma dutuntuye kubera ibintu bibabaje vyadushikiye mu buzima.

«Bibiliya isezerana ko tutazokwibuka mbere umubabaro twagize igihe twahunga tugatakaza ibintu vyacu vyose. Ivyo biramfasha kwihanganira ingorane turiko turacamwo ubu kubera nzi ko vuba zose zigiye guhera.»​—Vyavuzwe na Natalia ava muri Ukraine.

Bibiliya ivuga iti: «Imana yo mw’ijuru izoshiraho ubwami . . . buzojanjagura buherengeteze ubwo bwami bwose.»​—Daniyeli 2:44.

Ivyo bisigura ko intwaro yo mw’ijuru izoganza isi. Imana igiye gukuraho intwaro zose z’abantu izisubirize intwaro yayo yo mw’ijuru. Iyo ntwaro izozana amahoro arama n’umutekano. Nta bukene canke akarenganyo bizoba birangwa muri iyo ntwaro.​—Mika 4:3, 4.

«Iyo nibutse ko intwaro ya Yehova igiye gukuraho ubukozi bw’ikibi, ukwinubana, ukutizigirana n’amacakubiri, birandemesha.»​—Vyavuzwe na Mustafa ava muri Aziya.

Umugabo n’umugore bari mw’ikambi ry’impunzi. Bicaye mw’ihema, bariko barasomera hamwe Bibiliya.

Ivyo Bibiliya isezerana ku bijanye na kazoza birashobora kukuremesha

Impanuro nziza zo muri Bibiliya

Agafoto k’umuntu ariko arazirikana ku vyo asomye muri Bibiliya.

Impanuro nziza dusanga muri Bibiliya zirashobora kugufasha kubandanya wihanganira ivyagushikiye. Zirashobora no kugufasha kumenya ingene uvyifatamwo igihe ibintu bihindutse mbere n’igihe woba watakaje ibintu vyinshi utunze. Raba impanuro zo muri Bibiliya ziriko zirafasha impunzi:

Bibiliya ivuga iti: «Naho umuntu yoba afise umurengera, ubuzima bwiwe ntibuva ku bintu atunze.»​—Luka 12:15.

Ingene iyo mpanuro yogufasha kuvyifatamwo neza: Ushobora kuba ubabaye cane kubera ibintu watakaje. Ariko wibutse ko ubuzima bwawe buhambaye cane kuruta ibintu ushobora kuba waratakaje, vyogufasha kutaguma uvyiyumvira.

«Ubuzima burahambaye cane kuruta ibintu utunze. Mbere hari n’ibihe bimwebimwe ivyo utunze canke amahera bidashobora kugufasha.»​—Vyavuzwe na Natalia ava muri Ukraine.

Bibiliya ivuga iti: «Ntuvuge ngo: “Kubera iki imisi ya kera yari myiza kuruta iyi?”»​—Umusiguzi 7:10.

Ingene iyo mpanuro yogufasha kuvyifatamwo neza: Ushobora kuba ubayeho mu buzima bugoye cane. Ariko wirinze kugereranya ukuntu wari ubayeho kera n’ubuzima urimwo muri iki gihe, birashobora gutuma utababara cane.

«Gutahura ko ubuzima bwanje bwahindutse, vyaramfashije kuguma mbona ko ibintu bizogenda neza.»​—Vyavuzwe na Eli ava mu Rwanda.

Bibiliya ivuga iti: «Iyo . . . dufise ivyo kurya n’ivyo kwambara, ivyo biratubumba.»​—1 Timoteyo 6:8.

Ingene iyo mpanuro yogufasha kuvyifatamwo neza: Niwame ushima ibintu vya nkenerwa uronka mu buzima. Ivyo bizotuma utiganyira birenze.

«Bibiliya iriko iradufasha je n’umukenyezi wanje kudashira umutima ku bintu twatakaje. Ahubwo tubona ko igihambaye ari uko tukiri bazima kandi ko turi ahantu hatekanye.»​—Vyavuzwe na Ivan ava muri Ukraine.

Bibiliya ivuga iti: «Ibintu vyose rero mushaka ko abandi babagirira, namwe mutegerezwa kubibagirira.»​—Matayo 7:12.

Ingene iyo mpanuro yogufasha kuvyifatamwo neza: Niwihatira kuba umuntu yihangana kandi w’umutima mwiza, bizokworohera kubana neza n’abandi kandi bizotuma batakwinuba.

«Abantu benshi barakunda umuntu abereka ko abakunda, abubaha kandi abitwararika. Igihe ufata abantu muri ubwo buryo bituma mwibanira neza.»​—Vyavuzwe na Angelo ava muri Sri Lanka.

Bibiliya ivuga iti: «Ivyo mukeneye gusaba mubimenyeshe Imana. . . . Maze amahoro y’Imana . . . azorinda imitima yanyu n’ububasha bwanyu bwo kwiyumvira.»​—Abafilipi 4:6, 7.

Ingene iyo mpanuro yogufasha kuvyifatamwo neza: Nusenge Imana uyibwire ukuntu wiyumva, ivyo ukeneye n’ibikuraje ishinga. Ivyo bizotuma udahagarika umutima cane kubera ibintu biriko biragushikira.

«Igihe mfise ingorane ndasenga kandi Imana yama inyishura. Ivyo nize muri Bibiliya biramfasha gutekana.»​—Vyavuwe na Yol ava muri Sudani.

«Impanuro zo muri Bibiliya ziramfasha kuguma ntekanye muri ibi bihe bitoroshe.»​— Vyavuzwe na Valentina ava muri Ukraine.

«Kumenya ko Yehova Imana adusezeranira ubuzima bwiza muri kazoza birandemesha.»​—Vyavuzwe na Emmanuel ava muri Hayiti

Woshima kumenya n’ibindi Bibiliya isezerana ku bijanye n’ukuntu tuzobaho neza muri kazoza hamwe n’igituma wovyizigira? Nusabe ko Ivyabona vya Yehova bakugendera. Bazogufasha kandi bazobikora ku buntu.

Abantu bigeze guhunga bavugwa muri Bibiliya

Bibiliya iravuga inkuru z’abantu bigeze guhunga. Izo nkuru ziratwereka ingene Imana yabitwararitse.

  • Mu bihe vya kera, abasavyi b’Imana barigeze guhungira mu Misiri. Ariko muri ico gihugu bafatwa nabi. Imana yarabonye ingene bafatwa nabi, ica irabafasha kuvayo. (Kuvayo 1:13, 14; 2:23-25) Mu nyuma, yarabaronkeje ivyo bari bakeneye gushika basubiye kuronka aho baba. (Zaburi 105:40, 41) Haciye igihe, Imana yarabibukije ingene yabafashe igihe bari impunzi yongera irababwira ingene yipfuza ko bafata abahungiye mu gihugu iwabo.​—Kuvayo 23:9.

  • Nk’uko bivugwa muri Bibiliya mu gitabu ca Rusi, uwitwa Nawomi n’umuryango wiwe, barahunze bava mu gihugu iwabo kubera hari hateye inzara. Igihe umugabo wa Nawomi hamwe n’abahungu biwe babiri bapfa, Imana yarakoresheje Rusi kugira amufashe kuronka ivyo akeneye no kugira ngo amuhoze.​—Rusi 1:1-5, 15, 16, 20, 21; 2:11.

  • Igihe Yezu yari akiri umwana, abavyeyi biwe barahungiye mu Misiri kubera ubukozi bw’ikibi bwari ahantu baba. Imana yarabafashije guhunga imbere yuko babagirira nabi, yongera irabafasha kuronka ivyo bakeneye mu gihugu bahungiyemwo.​—Matayo 2:13-16.

Muri iki gihe, abantu bakunda Imana bandi bakayubaha ntibakwiye kwitega ko Imana yobafasha ku gitangaro. Naho ari ukwo, Imana irabahoza, ikabaha n’impanuro zobafasha kuvyifatamwo neza muri izo ngorane barimwo. Vyongeye, ibasezeranira kubaha ubuzima bwiza muri kazoza.

Voma ikopi ishobora gucapurwa ku mpande zompi z’urupapuro. Iyo kopi urashobora no kuyizinga ukayitwara mu ntoki.

Voma

a Ishirahamwe ryitaho impunzi (HCR) rivuga ko abataye izabo bagahungira mu karere ko mu gihugu iwabo canke bagahungira mu kindi gihugu mugabo bakaba batararonka impapuro z’amategeko zemeza ko ari impunzi na bo nyene bafatwa nk’impunzi.

b Yehova ni izina ry’uruharo ry’Imana. (Zaburi 83:18) Raba ikiganiro kivuga ngo «Yehova ni nde?»

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika