ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mrt ikiganiro 129
  • Ni ibiki bizoshikira amadini? Ivyo Bibiliya ivuga

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ni ibiki bizoshikira amadini? Ivyo Bibiliya ivuga
  • Ibindi biganiro
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ni ibiki Bibiliya ivuga bizoshikira amadini?
  • Amadini y’ikinyoma azovaho gute?
  • Kubera iki amadini y’ikinyoma azokurwaho?
  • Amadini yose yoba azokurwaho?
  • Kumenya ko amadini y’ikinyoma agiye gukurwaho vyokugirira akamaro akahe?
  • Ingene amadini y’ikinyoma asiga iceyi Imana
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • Babiloni Akomeye ni iki?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Idini ry’ikinyoma rigiye gukurwaho!
    Idini ry’ikinyoma rigiye gukurwaho!
  • Guma witandukanije n’ugusenga kw’ikinyoma!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
Ibindi
Ibindi biganiro
mrt ikiganiro 129
Umugabo afise Bibiliya izinguruye, akaba ariko araraba inyubakwa z’amadini atandukanye ziri imbere yiwe.

Ni ibiki bizoshikira amadini? Ivyo Bibiliya ivuga

Ibintu amadini akora vyoba biguca intege canke bikakubabaza cane? Naho hariho ibintu vyiza amadini yakoreye abantu, hariho n’ibindi bintu vyinshi bibi akora. Igitabu kimwe (Encyclopedia of Religion and War) kivuga giti: «Zimwe mu ntambara zahitanye abantu benshi kuruta, zakwezwe n’amadini.» Abakuru b’amadini barinyegeza inyuma y’idini kugira bashire imbere ivyiyumviro vya politike aho gushira imbere ivyo gusenga. Abandi bakuru b’amadini baranyegeza ivyaha bakoze nko gufata ku nguvu canke kunyuruza amahera.

Nimba amadini yaraguciye intege, urashobora kwibaza ukuntu Imana na yo yiyumva. Bibiliya ivuga ko Imana yiyamiriza amadini menshi kubera ibintu akora. Bibiliya iravuga kandi ivyo Imana izokorera amadini. Vyongeye, irakoresha imvugo y’ikigereranyo mu gusigura ingene Imana izokorera amadini ibintu bidasanzwe itari bwigere ikora.

Ni ibiki Bibiliya ivuga bizoshikira amadini?

Ivyo Bibiliya yari yaravuze: Igitabu co muri Bibiliya c’Ivyahishuwe kiravuga ivy’umumaraya yitwa Babiloni akomeye. Uyo mumaraya yari yicaye ku gikoko gitukura. Ariko mu nyuma ico gikoko gitukura carahindukiriye uwo mumaraya, kiramwica.​—Ivyahishuwe 17:3, 5, 16.

Ico bisobanura: Uwo mumaraya yitwa Babiloni akomeye agereranya amadini yose y’ikinyoma, ni ukuvuga amadini yose Imana yiyamiriza.a Ico gikoko gitukura kigereranya Ishirahamwe mpuzamakungu ONU.b Kuba uwo mumaraya yicaye kuri ico gikoko gitukura vyerekana ko amadini y’ikinyoma agerageza guha ivyiyumviro Ishirahamwe mpuzamakungu ONU canke kuriganza. Vyongeye, kuba ico gikoko cica uyo mumaraya vyerekana ko ONU hamwe n’ibihugu biyishigikiye bizohindukirira amadini y’ikinyoma maze biyakureho. Emwe, bizoba biteye ubwoba cane.

Wa mumaraya avugwa mu gitabu c’Ivyahishuwe yicaye kuri ca gikoko gitukura. Icicaro gikuru ca ONU kiri i bubamfu y’ico gikoko, inyubakwa z’amadini atandukanye na zo ziri i buryo bwaco.

Amadini y’ikinyoma azovaho gute?

Ivyo Bibiliya yari yaravuze: «Arya mahembe cumi wabonye na kirya gikoko bizokwanka urya mumaraya, bimunyage ivyo afise vyose . . . bimuturire ashe ahere. Kuko Imana yashize mu mitima yabo [imitima y’abategetsi bo kw’isi] gushitsa iciyumviro cayo, emwe gushitsa umugambi wabo umwe wo guha ubwami bwabo ca gikoko . . . Ni co gituma ivyago vyiwe bizoza ku musi umwe: urupfu, ikigandaro n’inzara, kandi azosha ahere, kuko Yehovac Imana yamuciriye urubanza akomeye.»​—Ivyahishuwe 17:16, 17; 18:8.

Ico bisobanura: Imana izotuma ibihugu vyose vyo kw’isi bishitsa «iciyumviro cayo.» Izotuma ivyo bihugu biha «ubwami bwa[vyo]» ONU, ni ukuvuga ububasha bwavyo. ONU na yo izoca ikoresha ubwo bubasha izoba yahawe mu gukuraho amadini y’ikinyoma kw’isi yose. Ivyo bintu bidasanzwe bizomera nk’aho bibaye «ku musi umwe» ni ukuvuga ko bizoba mu kanya isase kandi abantu benshi batavyiteguriye.​—Ivyahishuwe 18:21.

Kubera iki amadini y’ikinyoma azokurwaho?

Ivyo Bibiliya yari yaravuze: «Ibicumuro vyiwe vyarundanye gushika kw’ijuru, kandi Imana yibutse akarenganyo kiwe.»​—Ivyahishuwe 18:5.

Ico bisobanura: Kuva muri kahise, amadini y’ikinyoma yagumye akora ibintu vyinshi Imana yanka. Raba «ibicumuro» bimwebimwe amadini yakoze vyatumye Imana ifata ingingo yo kuzoyakuraho:

  • Agafoto kerekana umunyapolitike n’umukuru w’idini bariko bararamukanya.

    Gushigikira politike. Yezu yigishije abigishwa biwe kutaja muri politike. Yabigishije kandi ko bakwiye kwizigira intwaro y’Imana iri mw’ijuru ikaba ari na yo izosubirira intwaro z’abantu.d (Daniyeli 2:44; Matayo 6:9, 10; Yohani 6:15; 18:36) Ariko amadini y’ikinyoma si vyo yakoze. Kubera ko Babiloni akomeye ashigikira cane politike aho kuguma ari intahemuka ku Mana, igitabu c’Ivyahishuwe kivuga ko yagirwa n’«ubusambanyi» akaba ari co gituma yitwa «umumaraya akomeye.»​—Ivyahishuwe 17:1, 2; Yakobo 4:4.

  • Agafoto kerekana umukuru w’idini afise umusaraba, akaba ariko arahezagira abasirikare.

    Ubukozi bw’ikibi. Amadini y’ikinyoma yagirizwa amaraso y’«abantu bose bishwe kw’isi.» (Ivyahishuwe 18:24) Amadini menshi yarananiwe kwigisha abanywanyi bayo kubana n’abandi mu mahoro. Hari n’ayandi yashigikiye intambara hamwe n’ibikorwa vy’iterabwoba yongera arasaba abanywanyi bayo kubigiramwo uruhara.

  • Agafoto kerekana umukuru w’idini afise mu minwe amahera menshi.

    Umwina. Amadini y’ikinyoma ari «mu bihinda vy’agaterasoni.» (Ivyahishuwe 17:4; 18:7) Amadini menshi arakoresha ububasha bwayo mu kwirundaniriza amatungo kandi ivyo Imana iravyanka.​—Tito 1:7.

  • Agafoto kerekana umukuru w’idini ariko aravuga.

    Ibinyoma. Amadini y’ikinyoma arakwiragiza inyigisho be n’imigenzo bitandukanye n’ivyo Bibiliya yigisha.e Kubera ko amadini y’ikinyoma ahenda abantu akongera agatukisha Imana, Bibiliya iyita «nyina . . . w’ibintu bishisha vyo kw’isi.»​—Ivyahishuwe 17:5; 18:23.

Amadini yose yoba azokurwaho?

Oya. Igitabu c’Ivyahishuwe kiravuga umugwi w’abantu bari hirya no hino kw’isi witwa «isinzi rinini.» (Ivyahishuwe 7:9) Abari muri iryo sinzi rinini badondorwa ko «bambaye amakanzu yera,» bikaba bisobanura ko basenga Imana mu buryo yemera. Bazorokoka «amakuba akomeye,» ico kikaba ari igihe Imana izokuraho amadini y’ikinyoma hamwe n’abantu bose bakora ivyo Imana yanka. (Ivyahishuwe 7:13, 14; 19:11, 19-21) Isinzi rinini ry’abantu bambaye amakanzu yera bari mw’idini ry’ukuri kandi iryo dini rizokwamaho ibihe vyose.f

Isinzi ry’abantu rigizwe n’abagabo, abagore n’abana bariko baratambuka kandi baranezerewe. Inyuma yabo haboneka amazu y’amadini yabomaguritse.

Abantu benshi basenga Imana mu buryo yemera bazorokoka igihe Imana izokuraho amadini y’ikinyoma.

Kumenya ko amadini y’ikinyoma agiye gukurwaho vyokugirira akamaro akahe?

Kuba Imana yanka ibintu bibi amadini y’ikinyoma akora, birashobora kukuremesha. Urashobora kwizigira ko muri kazoza ibintu bizogenda neza kubera ko Imana igiye gukuraho amadini yose ayisiga iceyi kandi atuma abantu bashikirwa n’ingorane.

Vyongeye, numenye ko hariho idini Imana yemera. Bibiliya ivuga ko «abasenga b’ukuri bazosenga Data mu mpwemu no mu kuri, kuko abantu nk’abo ari bo Data ashaka ko bamusenga.» (Yohani 4:23) Imana isaba abasenga mu kuri iti: «Nimuve iwe [Babiloni akomeye] bantu banje, nimba mudashaka gusangira na we ibicumuro vyiwe no gushikirwa n’ivyago bigira bimushikire!» (Ivyahishuwe 18:4, 5) Kubw’ivyo, Imana ibasaba kuyisenga bisunze ukuri dusanga muri Bibiliya. (1 Timoteyo 2:3, 4) Abantu bayisenga muri ubwo buryo ibasezeranira kuzobaho ibihe vyose.​—Yohani 2:17.

Nimba wipfuza kumenya vyinshi ku vyo Bibiliya yigisha ku bijanye n’amadini, nusabe Ivyabona vya Yehova bakwigishe Bibiliya ku buntu. Bibiliya izogufasha kumenya uburyo wosenga Imana mu buryo yipfuza.

Muri Babiloni akomeye hoba harimwo amadini y’abiyita «abakirisu»?

Ego. Yezu yavuze ko naho abantu benshi bokwiyise abakirisu, bakavuga ko Yezu ari Umukama wabo, Imana itokwemeye ugusenga kwabo. (Matayo 7:21-23) Ivyo abo bantu bigisha be n’ivyo bakora birerekana ko ari abakirisu b’ikinyoma. (Matayo 7:18-20) Ni co gituma na bo nyene bari mu bagize Babiloni akomeye.

Raba uburorero bw’inyigisho hamwe n’imigenzo bituma Imana itemera amadini menshi y’abiyita abakirisu:

  • Barigisha abantu ubutatu hamwe n’umuriro udahera

  • Ntibigisha abantu ko izina ry’Imana ari Yehova

  • Ntibigisha ukuri ku bijanye n’ukuntu abapfuye bamerewe

  • Barakoresha ibishushanyo mu gusenga

a Kugira umenye ibintu bine vyogufasha kumenya Babiloni akomeye, nusome ikiganiro kivuga ngo «Babiloni Akomeye ni iki?»

b Kugira umenye ibintu bitandatu vyogufasha kumenye ico gikoko, nusome ikiganiro kivuga ngo «Igikoko c’ibara ry’agahama kivugwa mu Vyahishuwe ikigabane ca 17 ni iki?»

c Yehova ni izina ry’uruharo ry’Imana. (Zaburi 83:18) Raba ikiganiro kivuga ngo «Yehova ni nde?»

d Kugira umenye n’ibindi, raba ividewo ivuga ngo Ubwami bw’Imana ni iki?

e Kugira ubone uburorero bw’ivyo bintu, nurabe uruzitiro ruvuga ngo «Muri Babiloni akomeye hoba harimwo amadini y’abiyita ‘abakirisu’?»

f Kugira umenye n’ibindi Bibiliya yigisha ku bijanye n’idini ry’ukuri, nusome ikiganiro kivuga ngo «Nomenya gute idini ry’ukuri?»

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika