ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • wp25 no. 1 rup. 4-5
  • Ingene intambara n’imishamirano bitugirako ingaruka twese

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ingene intambara n’imishamirano bitugirako ingaruka twese
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2025
  • Ivyo bijanye
  • Intambara zizovaho ryari? Bibiliya ibivugako iki?
    Ibindi biganiro
  • Amahera amamiliyaridi ibihumbi arakoreshwa mu ntambara: None vy’ukuri hasohoka ayangana gute?
    Ibindi biganiro
  • Ingene intambara n’imishamirano bizohera
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2025
  • Intambara
    Be maso!—2017
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2025
wp25 no. 1 rup. 4-5
Amafoto: 1. Umusoda ariko aragenda, akurikiwe na burende. 2. Abagabo, abagore n’abana bo mu moko atandukanye basinzikajwe n’intambara.

Ingene intambara n’imishamirano bitugirako ingaruka twese

«Kuva intambara ya kabiri y’isi yose irangiye, isi yarabayemwo intambara nyinshi cane ku buryo abantu imiliyaridi 2, ni ukuvuga ica kane c’ababa kw’isi, usanga baba mu duce twasinzikajwe n’izo ntambara.»

Vyavuzwe na Amina J. Mohammed, icegera c’umunyamabanga mukuru wa ONU, ku wa 26 Nzero 2023.

Intambara n’imishamirano birashobora kwaduka ata wari avyiteze. Mbere n’ababa kure y’ahabera izo ndwano birashobora kubagirako ingaruka. Vyongeye, ingaruka z’intambara zirashobora kumara igihe kirekire naho iba yaraheze. Raba zimwezimwe muri zo:

  • Agafoto kerekana amaboko abiri afashe agasahani kagaragara.

    Ubukene bw’ibifungurwa. Ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe kurwanya inzara (PAM) rivuga ko «intambara ari co kintu nyamukuru gituma haba ubukene bw’ibifungurwa kw’isi. Ibice 70 kw’ijana vy’abantu bashonje kw’isi yose, ubasanga mu turere twasinzikajwe n’intambara.»

  • Agafoto kerekana umugore yicurikiriye kubera ukwihebura.

    Ingorane zo ku mubiri be n’izijanye n’amagara yo mu mutwe. Igihe abantu babona ko mu karere babamwo hashobora kwaduka intambara biratuma bahagarika umutima be n’amaganya menshi. Ababa mu karere k’intambara barashobora kugira ibikomere ku mubiri, tutibagiye n’ingorane z’amagara yo mu mutwe. Ikibabaje ni uko akenshi bataronka n’abaganga.

  • Agafoto kerekana umuryango uriko urahunga wikoreye imizigo.

    Guteshwa izabo. Ishirahamwe mpuzamakungu riraba ivy’impunzi (HCR), rivuga ko gushika muri Nyakanga 2023 abantu barenga imiliyoni 114 ari bo bari bamaze guta izabo hirya no hino kw’isi. Ahanini ivyo bitumwa n’intambara be n’imishamirano.

  • Agafoto kerekana umuryango uhagaze hanze y’akazu kabo gaciye bugufi.

    Ingorane z’ivy’ubutunzi. Akenshi intambara zirateza abantu ingorane mu vy’ubutunzi, nk’akarorero iduzwa ry’ibiciro. Boshobora kugira ingorane nk’igihe leta yofata amahera yari agenewe indero n’amagara y’abantu, ikayakoresha mu vya gisirikare. Ikindi na co, intambara ziheze usanga gusanura ivyasambutse bitwara amahera menshi cane.

  • Agafoto kerekana igitoro kiriko kiraseseka mw’itiyo.

    Ukwononekara kw’ibidukikije. Iyo ibidukikije vyononekaye, abantu barahabonera. Igihe amazi, ikirere n’ubutaka vyononekaye, birashobora guteza abantu ingorane z’amagara igihe kirekire. Ikindi na co, n’inyuma y’igihe kirekire intambara zirangiye, abantu barashobora gukomeretswa n’amamine aba yaratezwe mw’ivu.

Ata gukeka, intambara yica vyinshi kandi igatwara amahera menshi.

Ivyo Bibiliya yavuze ku bijanye n’intambara

Bibiliya yari yaravuze ko mu vyoranze «iherezo ry’ivy’iyi si» hobaye harimwo intambara be n’imishamirano. (Matayo 24:3) Yezu Kristu yavuze ati:

  • «Muzokwumva intambara n’amakuru y’intambara. . . . Ihanga rizotera irindi hanga, n’ubwami butere ubundi bwami, kandi hazotera inzara na vya nyamugigima biva hamwe bija ahandi.»—Matayo 24:​6, 7.

  • «Nimwumva intambara n’imigumuko, ntimuze mutekerwe n’ubwoba.»—Luka 21:9.

    Ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo «imigumuko» rishobora kwerekeza ku kajagari, ku midurumbanyo, ku kurwanya ubutegetsi, ku ruhagarara mu vya politike be no ku bugarariji.

Kugira umenye n’ibindi, raba ikiganiro kiri kuri jw.org kivuga ngo «Ni ikimenyetso ikihe c’‘imisi ya nyuma’ canke ‘imisi y’iherezo’?»

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika