ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • wp25 no. 1 rup. 6-8
  • Abantu boba bohagarika intambara n’imishamirano?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Abantu boba bohagarika intambara n’imishamirano?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2025
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • GUTEZA IMBERE IVY’UBUTUNZI
  • IBIGANIRO VY’AMAHORO
  • KUGABANYA IBIRWANISHO
  • KURWANIRIZA UMWANSI HAMWE
  • Ni kubera iki abantu badashobora kubana mu mahoro? Bibiliya ibivugako iki?
    Ibindi biganiro
  • Amahoro Nyakuri—Ava kw Isôko Nyabaki?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • Intambara zizovaho ryari? Bibiliya ibivugako iki?
    Ibindi biganiro
  • Ingene intambara n’imishamirano bizohera
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2025
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2025
wp25 no. 1 rup. 6-8

Abantu boba bashobora guhagarika intambara n’imishamirano?

Hari imvo nyinshi zituma abantu barwana. Hari abarwana kubera imvo za politike, iz’ivy’ubutunzi canke kugira barwanye akarenganyo. Abandi na bo barwana kugira bigarurire uturere kanaka n’ubutunzi kama bwabo. Imishamirano myinshi usanga iterwa n’amacakubiri y’igihe kirekire, ashingiye ku moko canke ku madini. Ni ibiki none abantu bariko barakora kugira bahagarike indwano maze bazane amahoro? Ubwo vy’ukuri boba bazobishobora?

Ifoto itabutse yerekana abubatsi bari mu nyubakwa iriko irubakwa, bakaba bariko baraganira kuri iyo proje.

Drazen_/​E+ via Getty Images

GUTEZA IMBERE IVY’UBUTUNZI

Intumbero: Gutuma abantu barushiriza kubaho neza. Ivyo vyofasha gukuraho canke kugabanya ubusumbasumbane mu vy’ubutunzi, narirya ubwo busumbasumbane ari kimwe mu bintu nyamukuru bituma haba intambara.

Igituma bigoye kuyishikako: Bisaba ko amaleta ahindura ingene akoresha amahera. Nk’akarorero, mu 2022 kw’isi yose hakoreshejwe amahera nk’imiliyaridi 34 n’imiliyoni 100 z’amadolari y’Abanyamerika mu bijanye no kurondera amahoro no kuyabungabunga. Ariko rero ayo ni make cane, kuko anganga na 0,4 kw’ijana gusa vy’ayakoreshejwe mu bikorwa vya gisirikare muri uwo mwaka nyene.

«Dukoresha amahera menshi cane mu gufasha abahuye n’intambara, gusumba ayo dukoresha mu gukinga izo ntambara no mu kugarukana amahoro.»—Vyavuzwe na António Guterres, umunyamabanga mukuru wa ONU.

Ivyo Bibiliya ivuga: Intwaro be n’amashirahamwe birashobora gufasha abakene. Ariko ntibizokwigera bikuraho ubukene burundu.—Gusubira mu vyagezwe 15:11; Matayo 26:11.

Ifoto itabutse yerekana amaboko abiri aramukanije.

IBIGANIRO VY’AMAHORO

Intumbero: Gukinga canke gutorera umuti amatati mu mahoro biciye mu biganiro n’amasezerano bigirwa hagati y’impande zompi.

Igituma bigoye kuyishikako: Hari igihe abo mu ruhande rumwe banka ibiganiro, canke bagasaba amananiza, canke bakanka guhuza n’abo bariko baraganira. Vyongeye, abantu barakunda kurenga ku masezerano y’amahoro baba bagiraniye.

«Ibiganiro vy’amahoro ntivyama bishika ku ntumbero yavyo. Hari igihe ivyo bumvikanye biba birimwo agahaze ku buryo bica vyunyura ibintu.»—Vyavuzwe na Raymond F. Smith, mu kinyamakuru American Diplomacy.

Ivyo Bibiliya ivuga: Abantu bakwiye «kurondera amahoro.» (Zaburi 34:14) Ariko abantu benshi muri iki gihe ni ‘ibihemu, ntibashaka kwumvikana na gato, kandi bagirira nabi abagenzi babo.’ (2 Timoteyo 3:​1-4) Ivyo bica bituma n’abategetsi b’umutima mwiza badashobora gutorera umuti amatati.

Ifoto itabutse yerekana inkoho yasambuwe.

KUGABANYA IBIRWANISHO

Intumbero: Kugabanya canke gusambura ibirwanisho, canecane ibirwanisho ruhonyanganda canke ibifise ubumara.

Igituma bigoye kuyishikako: Akenshi ibihugu biranka kugabanya ibirwanisho kubera ko bitinya ko vyohava bitakaza inguvu canke bigaterwa ntivyivune. Gukuraho ibirwanisho rero si wo muti wotuma intambara zihagarara.

«Inyuma ya ya mishamirano yaba hagati y’ibihugu vya rutura (guerre froide), amasezerano menshi yagizwe ajanye no gusambura ibirwanisho ntiyubahirijwe, ushizemwo n’ayajanye no kugabanya ingaruka z’ivyo birwanisho, kugabanya ukwikekana hagati y’ibihugu, amaherezo tukibera mw’isi irangwa amahoro n’umutekano.»—Vyakuwe mu gitabu «Assurer notre avenir commun: Un programme de désarmement.»

Ivyo Bibiliya ivuga: Abantu barakwiye guheba ibirwanisho maze ‘inkota zabo bakazicuramwo amasuka.’ (Yesaya 2:4) Ariko rero barakwiye gukora n’ibindi, kubera ko ikibi gitangurira mu mutima.—Matayo 15:19.

Ifoto itabutse yerekana umugwi w’abategetsi batandukanye bicaye hamwe ku meza. Bose bariko barasinya amasezerano bahurijeko.

KURWANIRIZA UMWANSI HAMWE

Intumbero: Kugira urunani rwo kurwaniriza umwansi hamwe. Ibihugu bigize urwo runani bibona ko ata mwansi yovyubahuka, kuko uwuteye kimwe aba abiteye vyose.

Igituma bigoye kuyishikako: Gutera ubwoba ibihugu ko vyokwibonerako, si vyo bica bituma haba amahoro. Vyongeye, ibihugu ntivyama vyubahiriza ivyo biba vyiyemeje gukora, canke ngo bihurize ku kuntu vyorwanya uwo mwansi n’igihe vyomurwanirizako.

«Naho wa Muhari w’Amahanga be n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU vyakoze uko bishoboye kwose kugira ngo bifashe ibihugu gukorera hamwe mu kubungabunga umutekano . . . , nticabujije ko intambara zibandanya.»—Vyakuwe muri «Encyclopedia Britannica.»

Ivyo Bibiliya ivuga: Mu bisanzwe ni vyiza iyo abantu benshi bakorera hamwe. (Umusiguzi 4:12) Ariko ntidushobora kwizigira ko amashirahamwe y’abantu ari yo azotuzanira amahoro n’umutekano birama. «Ntukishimire abatware, ntukishimire mwene Adamu, kuko ata rukiza ruri muri we. Impemu zimuhezemwo, aca asubira mw’ivu; kuri uyo musi nyene, imigambi yiwe irazimangana.»—Zaburi 146:​3, 4. Bibiliya Nyeranda.

Naho ibihugu vyinshi bikora uko bishoboye kugira ngo haboneke amahoro arama, intambara ziracabica bigacika.

Isi yoba ifise amahoro kuruta uko vyahora?

Abantu bamwebamwe bavuga ko muri iki gihe isi irangwa amahoro kuruta ikindi gihe ico ari co cose. Bavuga ko intambara ziba muri kino gihe zimara igihe gito kandi ko zidahitana abantu benshi, ugereranije n’izaba mu binjana biheze. Ariko rero hari abandi batabibona ukwo. Babona ko abantu badakwiye gufatira gusa ku gitigiri c’abahitanwa n’izo ntambara, ahubwo ko bakwiye no kuraba n’ibindi.

Ivyo abantu bavuga vyaba ibihe, nta woharira ko muri kino gihe intambara be n’imishamirano bigira ingaruka ku bantu benshi baba kw’isi, mbere no kuri twese muri rusangi.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika