UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA
Ingene Yobu yagumye atanduye
Yobu yaragiraniye isezerano n’amaso yiwe (Yb 31:1; w10 15/4 21 ing. 8)
Yobu yagumiza ku muzirikanyi ingaruka ziva ku gukora ikibi (Yb 31:2, 3; w08 1/9 11 ing. 4)
Yobu yaribuka ko Yehova abona inyifato yiwe (Yb 31:4; w10 15/11 6 ing. 15-16)
Kuba uwutanduye bisobanura kuba uwutyoroye kandi atagira agatosi, atari inyuma ku rukoba gusa, mugabo n’imbere mu mutima. Twipfuza kuba abatanduye no mu mutima.—Mt 5:28.