UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA
Ibivugwa muri Bibiliya vyarabaye, si ibitito
[Erekana ividewo ivuga Incamake y’igitabu ca 1 Ngoma.]
Adamu yarabayeho koko (1Ng 1:1; w09 1/9 14 ing. 1)
Nowa na we nyene yarabayeho vy’ukuri (1Ng 1:4; w08 1/6 3 ing. 4)
Iyo dutahuye ko abantu bavugwa muri Bibiliya babayeho vy’ukuri, biratuma turushiriza kwungukira ku vyigwa dukura ku karorero kabo.—1Kr 15:22; w09 1/9 14-15.