ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwb22 Rusama rup. 7
  • Wokwitegurira gute igihe c’imigumuko?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Wokwitegurira gute igihe c’imigumuko?
  • Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2022
  • Ivyo bijanye
  • Woba witeguye?
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2020
  • Nugume witeguye muri iki kiringo ca nyuma c’“imisi ya nyuma”
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2021
  • Turyohore ubuhanga bwacu mu ndimiro​—Kwigisha abatohoji gutegura
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2018
  • Woba witeguriye ingorane mu vy’ubutunzi?
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2023
Ibindi
Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2022
mwb22 Rusama rup. 7
Abagize umuryango bariko baraba kuri televiziyo amakuru ajanye n’imigumuko. Iruhande yabo hari isakoshi irimwo utuntu twa nkenerwa.

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Wokwitegurira gute igihe c’imigumuko?

Imigumuko, ibitero vya ba gaterabwoba n’intambara bizokwiyongera uko iherezo ryegereza. (Ivy 6:4) None twokwitegurira gute ingorane zizodushikira?

  • Niwitegurire kuguma uri intahemuka: Nurondere ingingo ngenderwako n’inkuru zo muri Bibiliya zotuma urushiriza kwizigira Yehova n’ishirahamwe ryiwe kandi zikagufasha kuguma ata ho uhengamiye. (Img 12:5; jr 125-126 ing. 23-24) Iki ni co gihe co gukomeza ubugenzi dufitaniye n’abo mw’ishengero.​—1Pt 4:7, 8

  • Nutegekanye ivyo uzokenera: Nimba bizoshika ntibikunde ko uva mu nzu, nurabe ko uzoba ufise ivya nkenerwa bikwiye. Nutegekanye uko uzobigenza bibaye ngombwa ko uhunga. Nusuzume ibiri mw’isakoshi wategekanije kuzohungana maze ushiremwo ibikoresho vyo kwikingira n’amahera. Nutegure ukuntu uzohanahana amakuru n’abakurambere wongere wiyemeze ko bazi ukuntu bogutora.​—Yes 32:2; g17.5 3-7

Mu gihe c’imigumuko, nugumane urutonde rwawe rw’ivy’impwemu. (Fp 1:10) Niwirinde kuza urava mu kibanza urimwo kiretse uriko urahunga. (Mt 10:16) Nusabikanye n’abandi udufungurwa n’utundi tuntu twa nkenerwa.​—Rm 12:13.

NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO WOBA WITEGURIYE ICAGO? MUCE MWISHURA IBIBAZO BIKURIKIRA:

  • Yehova adufasha gute mu gihe c’icago?

  • Ni ibintu ngirakamaro ibihe twokora mu kwitegura?

  • Twofasha gute abandi batewe n’icago?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika