UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | ABALEWI 12-13
Ico twigira ku mategeko yerekeye imibembe
Ingingo ngenderwako dusanga mu mategeko yerekeye imibembe zitwigisha iki ku bijanye no gukingira amagara yacu yo mu vy’impwemu?
Yehova yarigishije abaherezi ingene bomenya ningoga imibembe. Muri iki gihe, abakurambere barihutira kwitwararika uwo ari we wese aba akeneye gufashwa mu vy’impwemu.—Yak 5:14, 15
Abisirayeli bategerezwa gukuraho ikintu cose caba canduye imibembe kugira birinde kuyikwiragiza. Abakirisu na bo nyene bakwiye kuba biteguriye guheba mbere n’ibintu babona ko ari ivy’agaciro, aho kureka ngo bibashikane ku gicumuro. (Mt 18:8, 9) Muri ivyo bintu harashobora kubamwo inyifato, abagenzi canke ukwisamaza
Umukirisu yokwerekana gute yuko yipfuza cane ko Yehova amufasha?