UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | KUVAYO 10-11
Musa na Aroni baragaragaje umutima rugabo udasanzwe
Musa na Aroni baragaragaje umutima rugabo udasanzwe n’ubutinyutsi igihe bavugana na Farawo, akaba yari umuntu ahambaye kuruta abandi bose kw’isi ico gihe. None ni igiki catumye babishobora? Ku bijanye na Musa, Bibiliya ivuga iti: “Kubera ukwizera yaravuye mu Misiri, mugabo atari kubera ugutinya ishavu ry’umwami, kuko yagumye ashikamye nk’aho abona Umwe ataboneka.” (Heb 11:27) Musa na Aroni bari bafise ukwizera gukomeye kandi bariheka kuri Yehova.
Ni ibiki bishobora kugusaba umutima rugabo igihe uriko uraserura ukwizera kwawe uri imbere y’umuntu mukuru?