UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Ni ibiki wigira kuri za ndirimbo zisanzwe?
Muri za ndirimbo zisanzwe, ni izihe ukunda kuruta izindi? Uzikundira iki? Woba ubona ko amavidewo yazo yerekana ibishika mu buzima bwa misi yose? Hasohorwa imiziki y’ubwoko butandukanye kandi ivuga ibintu bitandukanye, ku buryo buri wese aronka ikimukora ku mutima. Ariko rero, izo ndirimbo be n’amavidewo yazo y’umuziki si ivyo kwiryohera gusa.
Buri ruririmbo ruratwigisha ivyigwa ngirakamaro umukirisu yokwisunga mu buzima bwa misi yose no mu ndimiro. Hari izivuga ibijanye n’ubwakiranyi, ubumwe, ubugenzi, umutima rugabo, urukundo, canke ukwizera. Izindi zivuga ibijanye no kugaruka kuri Yehova, kubabarira abandi, kuguma turi intahemuka buri musi no kwishingira imigambi y’ivy’impwemu. Hari n’urutubwira ukuntu twokoresha neza telefone. Hoba hari izindi mpanuro ngirakamaro wakuye muri izo ndirimbo?
RABA IVIDEWO Y’URURIRIMBO RUVUGA NGO ISI NSHASHA IRI HAFI, MUCE MWISHURA IBI BIBAZO: