Ingene twotanguza ibiyago
Umunara w’Inderetsi 1 Munyonyo
“Iyo hadutse intambara, impande zompi zirwana usanga zizeye ko Imana izishigikiye. Woba wibaza ko Imana ishigikira intambara? [Rindira yishure.] Iyi nomero y’Umunara w’Inderetsi irerekana igituma Imana yarwana intambara kera be n’ingene vuba igiye gukuraho intambara buhere.” Soma Zaburi 46:9 uce umuha ivyo binyamakuru.
Be maso! Munyonyo
“Abantu amamiliyoni hirya no hino kw’isi barababazwa n’ubwiyorobetsi hamwe n’inyigisho zibabaza biri mu madini atandukanye. Wibaza ko kazoza k’amadini ari akahe? [Rindira yishure.] Iki kinyamakuru kirerekana ubuhanuzi budasanzwe buri mu gitabu co muri Bibiliya c’Ivyahishuwe. Uretse ko ubwo buhanuzi bwari bwaravuze ko muri iki gihe hari abantu bovuye mw’idini ry’ikinyoma, bwaravuze kandi ko amaherezo idini ry’ikinyoma rizosangangurwa.”