Ingene twotanguza ibiyago
Umunara w’Inderetsi 1 Rusama
“Hamwe woba ushobora gukuraho imwe mu ngorane ziri kw’isi, ni iyihe wokuraho? [Rindira yishure.] Bibiliya yerekana ko Imana vuba igiye gukuraho iyo ngorane be n’izindi nyinshi. [Nuhitemwo icanditswe wosoma gihuye n’ingorane yavuze, nka Daniyeli 2:44; Imigani 2:21, 22; Matayo 7:21-23; canke 2 Petero 3:7.] Uyu Munara w’Inderetsi urerekana igihe Imana izokuraho izo ngorane kw’isi be n’ingene izobigenza.”
Be maso! Rusama
“Woba wibaza ko hazogera igihe muri ino si umuntu wese agira inzu nziza abamwo kandi akabaho adakenye? [Rindira yishure.] Raba ivyo Imana yasezeraniye abantu ku bijanye n’ico kintu. [Soma Yesaya 65:21, 23.] Iki kinyamakuru Be maso! kirerekana ukuntu Imana izoshitsa ivyo bintu yasezeraniye abantu n’ukuntu twoshobora kuvyungukirako.”